Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Akanyarusizi ni intambo abanyagihugu bo mu Cibitoke bakunda - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Akanyarusizi ni intambo abanyagihugu bo mu Cibitoke bakunda

Akanyarusizi ni intambo abanyagihugu bo mu Cibitoke bakunda

mercredi 5 Kigarama 2012

Akanyarusizi ni intambo yamuka mu ntara ya Cibitoke, iyo ntambo ukwo itambwa bikaba bisaba inguvu nkuko Serges Siboniyo uwuserukira umurwi utamba iyo ntambo yabimenyesheje.

Nkuko Serges Siboniyo ari mu murwi w’abatamvyi b’Akanyarusizi akaba aba ku mutumba wa Kagazi muri Komine ya Rugombo yabimenyesheje anezerewe, Akanyarusizi ni intambo i yo mu ntara ya Cibitoki yonyene. Mu gihe rero abanyagihugu bo mu Cibitoke baba ku nkengera y’uruzi Rusizi, bugorovye bahejeje kuroba mu ruzi rusizi, baraheza bagategura ifi barovye bagaheza bakazifungura bashoza inzoga y’ibitoke. Akanyarusizi rero nako batamba baiko barafungura ifi bashoza inzoga y’’ibitoke.

Ku bijanye n’uko urwaruka rukunda iyo ntambo, Serges Siboniyo yamenyesheje ko ari uko bakunda kandi banezerererwa ivyo basigiwe n’abasekuru. Urwo rwaruka ruvuga ko ataribo batanguje iyo ntambo, ko bayisigiwe nabaho hambere ari naco gituma baciye bishira mu murwi wo gutamba iyo ntambo mu ntumbero yo kudata iragi. Serges Siboniyo yabandanije atubwira ko naho bamwe muri urwo rwaruka bafise ibindi bikorwa bagerageza kubegeranya kugira ngo bakomeze uwo muco. Ibi rero ngo bikaba bifise akamaro kanini mu gihe bahura bari mu bwoko butandukanye, bava mu mihingo itandukanye eka mbere no mu migambwe itandukanye.

Mu kurangiza, Serges Siboniyo akaba yararonse akaryo ko gusaba urundi rwaruka gukunda imico kama, yaramenyesheje kandi ko muri kino gihe iterambere risa niririko rirarengera imico kama, imico kama y’ u Burundi yoyo irimwo ivyiza vyinshi vyo kurata nk’intambo y’Akanyarusizi.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.