Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Akazi ku bantu barenga 300 katanzwe, mu bushikiranganji bw’amagara (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Akazi ku bantu barenga 300 katanzwe, mu bushikiranganji bw’amagara (...)

Akazi ku bantu barenga 300 katanzwe, mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu

mardi 12 Ntwarante 2013

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu burahumuriza ko bwatanze akazi ku mugaragaro muri uyu mwaka w’2013. Hatanzwe akazi ku bantu barenga 300 harimwo abaganga n’abafasha babo.

Uyu mwaka w’2013, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu ngo bwahaye akazi abantu barenga 300. Harimwo abaganga (Docterurs) 20, abafasha abaganga bita aba Techniciens 170, abajejwe kurondera ingwara 40 hamwe n’abafasha abaganga bita aba Auxiliaires Mediacaux 120.

Dr Hilaire Ninteretse, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu amenyesha ko akazi katanzwe ku mugaragaro hisunzwe ibisabwa.

Mu kiganiro yahaye abamenyheshamakuru kuri uyu wa kabiri italike 12 Ntwarante 2013, Dr Hilaire Ninteretse avuga ko ubushikiranganji avugira bwisunze intumbero bwahawe n’ubushikiranganji bw’ubutuinzi. Ngo ikintu ca mbere cisungwa n’uko ata mafaranga yo guhemba abakozi benshi ariho.

Yamenyesheje kandi ko hashinzwe umugwi urimwo abaserukira ubushikiranganji bw’amagara y’abantu hamwe n’abaserukira amasendika y’abakozi bo muri ubwo bushikiranganji. Uwo mugwi ngo wari ujejwe kuraba ibintu vyokwisungwa kugira akazi gatangwe ku mugaragaro ata nkunzi canke ibiturire.

Ica mbere cabaye ico kwisunga ngo ni ikete ry’ubushikiranganji bw’ubutunzi ryavuga ko hategerezwa guhabwa akazi abantu bake kuko ata mafaranga yo kubahemba ariho muri uyu mwaka w’2013.

Ica kabiri ngo n’uko amadosiye yategerezwa gutangwa imbere y’italike 3 Kigarama umwaka w’2012. ica gatatu n’uko ngo abahungutse bategerezwa guhabwa ikibanza kibereye mu kuraba abaronswa akazi. ica nyuma ngo cabaye icerekeye abantu bahora mu kazi ariko bashobora kuba baragahagaritse bagasaba kukagarukamwo, ico bita mu gifaransa Reintegration.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bumenyesha ko budashobora kwemera gutanga akazi hisunzwe ka mwana wamama, nkunzi canke ibiturire.

Aho ni mugihe hari hamaze iminsi havugwa ko hatanzwe akazi atamategeko akurikijwe canke amahiganwa.

Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji arabibeshuza, akavuga ko no mwaka w’2009, abakozi bagera kuri 2082 bahawe akazi ariko hisunzwe amategeko n’amahiganwa ku bantu bose bifuza akazi. Ngo bikorwa mu muco no ku mugaragaro.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.