Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Al Shabab yagavye igitero i Mogadisho kitaheruka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Al Shabab yagavye igitero i Mogadisho kitaheruka

Al Shabab yagavye igitero i Mogadisho kitaheruka

lundi 15 Ndamukiza 2013

Abarwanyi ba al Shabab bagavye igitero ca mbere gikomeye ku murwa mukuru wa Somalia, Mogadishu, kuva bahirukanywe mu kw’umunani 2011.
Abarwanyi icenda bahutse ikibanza cuzuye abantu gikoreramwo sentare bica abantu benshi.

Baciye bahangana n’abajejwe umutekano, mu nyuma umwe mu bashikiranganji aza kuvuga ko abo barwanyi bose bishwe.

JPEG - 53.6 ko

Batandatu muri bo baturikije ibisasu bari bambaye mu mpuzu, kandi Al Shabab yavuze ko yapfishije batandatu gusa.

Habaye ikindi gitero mu gisagara, aho umwiyahuzi yaturikije igisasu ku biro vy’ishirahamwe ry’abagirianeza ryo muri Turkiya, hapfa abantu batanu.

Abanyamakuru bari i Mogadishu bavuga ko al-Shabab, naho yatswe ahantu hanini yari yigarurire, ngo iracashoboye kugaba ibitero biteguye neza kandi birimwo ukurinda gukomeye.

JPEG - 50.7 ko

Nsengiyumva Paterne

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.