Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Alain Nyamitwe: "Reta y’uburundi izobandanya gukingira abarundi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Alain Nyamitwe: "Reta y’uburundi izobandanya gukingira abarundi (...)

Alain Nyamitwe: "Reta y’uburundi izobandanya gukingira abarundi n’abanyamahanga bose."

mercredi 16 Kigarama 2015

Reta y’Uburundi imenyesha ko igihugu cose gifise abanyagihugu baco mu Burundi, kandi cipfuza kubakurayo kibifitiye uburenganzira.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Alain Nyamitwe amenyesha ko Reta y’uburundi izobandanya gukora ivyo yiyemeje mu gukingira abarundi n’abanyamahanga bose.

Ivyo reta y’Uburundi ibishikirije inyuma yaho ku musi w’Imana reta zunze ubumwe za Amerika zasohoye itangazo ribuza abanyamerika kuja mu Burundi, risaba kandi abari mu Burundi kuvayo vuba bwango, mu gihe umutekano ubugizi bwa nabi bubandanya bwiyongera.

Alain Nyamitwe amenyesha ko Reta y’uburundi igenzura ibijanye n’umutekano, mu gihugu, harimwo n’umurwa mukuru w’igihugu . Avuga kandi ko atamunyamahanga yagizweko iterabwoba canke yishwe mu Burundi kuva imyiyerekano itanguye.

Ivyo vyashikirijwe inyuma y’aho bimwe mu bihugu bifise ubuserukizi mu Burundi harimwo n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya,basabiye abakozi babo badakenewe cane kuva mu Burundi kubera ikibazo c’umutekano muke ubandanya kwibonekeza.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Muzobadanya kwica abanyagihugu babarumdi

  • none, ko data wanje atamunyamahanga murica , barindire mubanze mwice bangahe? erega n, aho mutarabica, naho mwica umurundi bobo birababaza. nibigire ko bafire iyo bahungire leta y, abicanyi mubandanye mwica abarundi bigorewe.

  • reta yiyemej gukingira abanyagihugu uku tubona???Abarundi bapfa kumusikumusi ukwo nikwo kubakingira mwiyemeje? benewacu bishwe n,aba police kuwagatanu simwe mubategeka?Ba munwa izo mushoboye gu controla kuko abarundi b,ubu sibamwe bakera muhenda.Urupfu ntawe rutaraba namwe muzoshikirwa ,abategetsi nabo barapfa na adolphe yarapfuye ,namwe muri hejuru y,amategeko ntimuri hejuru y,urupfu mushatse mwokwitonda!!!

  • Ereganwnyabitwe Avzekobazobandanya Kugandagura Abarundi Nabanyamahanga Ntibitangaj Nayokubakingira Ntavyobashoboy Muramubabarira Asanzwe Yigwariy Murinyagitwenyene

  • Uwo yitwa Nyamitwe,ni umurindi? ivyo avuga abivugira mu Burundi! niba aba muburundi, nivyavuga akaba abivugira iburundi, bibonekako abivuga ari MUMWOBO,atazi ibibera hejuru yiwe. reka tumuhe ikizere co kumwikeka, ko ivyavuga atavyo azi!?hama tumusave ave muruwo mwobo avugiramwo, aje hejuru hama asabe uwo amutuma kuvuga ivyazi nkaho atabizi,imbere yogusohora amatangazo yo kwiyemera,nogushaka kwerekana ivyo bashoboye, kandi atavyo bashoboye. babanze batangarize Abarundi hamwe namakungu, abo bana nurwaruka, baraye bagandaguye babakuye mumazu, imbere yabavyeyi. ico babahoye.niba ataribo babikoze bavuge uwabikoze, kuko aribo bajejwe umutekano wo gukingira abarundi nkuko babivuga.
    ndagize nibusta uwowese aramena amaraso yinzira karengane.aho ari hose, uwariwe wese, amenyeko abikora kugatwe kiwe, na kwizina ryiwe,atari kwizina ryigihugu, canke ubwoko.ivyo mubikore mubizi ko bitebe bitebuke, muzokubitwa intahe mugahanga, kimwe ninkozi zibibi izaruzo zose.

  • Leta y,Uburundi Izokingira ararundi bose kiretse barya mwaraye mwishe, hamwe nabo bose batemera Nkurunziza ko agira uburundi akibare kiwe. Famille Nyamitwe muzoteba mushikirwe. Genda u mediter kuri iyi message numvise ngo kera wahora usenga, kuko harya Imana ntiiheba uwayo, niwaba ultasenga ya Mana ya peter, uzokubwira ico wokora.

  • igihugu cacu ntangorane gifise,a bafise ngo range kubera ivyobashaka vyabatekuru Kanye,none bakaba bariguhimba ibi ndi binyomo uburello ngo basaba abantubabo gutaha, mubareke bag ende ubundiho baribatumariyiki?

  • uko bagiye niko bazogaruka, bibaza ngo gufasha gutabagura ibihugu bizobashitsa nabo kumutekano, barahaye babonako nabo bitaboroheye. nibareke abanyafrika biyubake aho kubasambura kuko igihe c’igikoroni caraheze kandi vyaraducishije ubwenge.

  • Mu kubakingra bica abarenga amajana atandatu ku munsi? Muzobazwa vyinshi.

  • Mbega tugomba kwisamburirako nk,impene.Mbega uburundi bw,ejo buzoba bumeze gute? Ha uwomara kabiri n,ibindi yobibona!

  • Mbega tugomba kwisamburirako nk,impene.Mbega uburundi bw,ejo buzoba bumeze gute? Ha uwomara kabiri n,ibindi yobibona!

  • EMWE NGIRA NA NZORIBONA AZOTINDA YEMERE KO ITARI IMIGUMUKO AHUBWO YARI IMYIYEREKANO NK’UKO MWENEWABO W’IMIGENDERANIRE
    A. NYAMITWE AVYITA. ARIKO IVYO GUKINGIRA ABANYAGIHUGU VYO, SINZI KO BIHUYE N’IVY’AMASO ATWEREKA

  • Reka kubesha amakungu ngo murafise ubushobozi bwogukingira abanyagihugu, nabanyamahanga, ndakwibutse wobawibagiye Myakubahwa mushikirangaji Nyamitwe.ntabanyamahanga bagandaguriwe ngaho mugisagara cabujumbura? mbega ntibishwe igi porisi ni kisirikare kiriho? unomusi inganda ntizirirwa ziratikira ngaho mugisagara ca Bujumbura? kumusi kumusi hapfa abantu batagirigitigiri! sukubera, abobakingiye bamaze gutakaranga kigisirikare! abokingiye abanyamahanga ntavyo bagishoboye baramaze guhinduka babaye inyamaswa. turavye igitigiri cabicwa kinini bicwa niki porisi none bazotinya umunyamahanga nubuvugisha ukuri kuko guca muziko ntigusha. kuba bokwisubirira iwabo kuko gihugu cuburundi kirarwaye SIDA,ni yo nabonye idakira. INGORANE ZABARUNDI NTITWEMERA KODUFISE IBIBAZO NTUBANDANYA KUVUGA KUMUTEKANO ARIWOSE, iyo nirwara yokutemera kuvugisha ukuri.

  • Abobany’Amerika nibashake bigumire Burundi canke bitabire akamo igihugu cabo nabateye kokubahamagarira kuva Burundi, ivyotwebwe ntanakimwe bitubwiye igikuru nuko botureka tukihanganira nivyihebe (terrorist) bizabiriyadukiza. Iyoduhangana nivyiheberero nikubwineza yabarundi nabanyamahanga babangaha Burundi mugihe duhasha rero aba terrorist Amerika nayo yomvatwabahashije ikacishavura ivugango abanyagihugu bayo ngonibace bava Burundi, biraheba bikadutangaza!

  • Wamugabo we ibyo mukorera abarundi bizobagaruka nibibondo vyanyu nubuvivi

  • Gukingira abarundi veut dire, tuer les uns et proteger les autres. Dieu est grand, un jour j

  • Amerika Nimwijuru !Niho Haramahoro ?Barihenda Iconzi Nuko Uburundi Bukingiwe N, Imana Yomwijuru.

  • Mana tabar uburundi igihe bumaz mu ntambara kirahagije.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.