Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Alassane Ouattara yahakanye ko atawe azosubira kurungika i La (...)
Alassane Ouattara yahakanye ko atawe azosubira kurungika i La Haye
vendredi 5 Ruhuhuma 2016, par
Umukuru w’igihugu wa Côte d’Ivoire, Alassane Ouattara, yamenyesheje ko ata munyagihugu wa Côte d’Ivoire azosubira kurungikwa muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha i La Haye. Kubwa Alassane Ouattara, igihugu arongoye naco kirafise ubutungane bukora.
Mu mubonano yagiranye i paris na François Hollande umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, yamenyesheje ko igihugu ciwe kirindiriye kumenya ukuri kuvyagirijwe uwahoze ari umukuru w’igihugu Laurent Gbagbo, hamwe na Charles Blé Goudé yahoze ari umushikiranganji w’urwaruka, bompi bagirizwa uruhara bagize mu bwicanyi bwakurikiye amatora yo mu 2010, bukaba bwahitanye abantu ibihumbi bitatu mu mezi atanu gusa.
Alassane Ouattara yamenyesheko inyuma y’urwo rubanza, izindi zose zizohora ziburanishirizwa muri Côte d’Ivoire, akavuga ko atawe azosubira kurungika i La Haye.
"Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yarakoze igikorwa cayo. Inyuma y’intureka zakurikiye amatora, nta butungane bwari buhari. ubutungane buriho ubu kandi bwaratanguye gucira imanza bose ata n’umwe avuyemwo."
Ariko rero, naho igihugu ca Côte d’Ivoire ntigiteguye kwikura muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, nk’uko bamwe mu bakuru b’ibihugu vya Afrika baheruka bubishikiriza mu nama baherukamwo i Addis Abeba muri Ethiopie, aho bashikirije iciyumviro c’uko Afrika yova muri iyo sentare bagiriza ko ibangamira abakuru b’ibihugu vya Afrika gusa.
Kubwa Alassane Ouatara wa Côte d’Ivoire, igikenewe n’uko hoshirwaho sentare ya Afrika ijejwe gucira imanza amanyafrika, muri Afrika nyene.
IGIHE
Messages
6 Ruhuhuma 2016, 13:43, par Yaya konzin
Abobazungu izombwa nizimenye ivyiwabo izontinwa