Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Alassane Ouattara yahakanye ko atawe azosubira kurungika i La (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Alassane Ouattara yahakanye ko atawe azosubira kurungika i La (...)

Alassane Ouattara yahakanye ko atawe azosubira kurungika i La Haye

vendredi 5 Ruhuhuma 2016, par egide

Umukuru w’igihugu wa Côte d’Ivoire, Alassane Ouattara, yamenyesheje ko ata munyagihugu wa Côte d’Ivoire azosubira kurungikwa muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha i La Haye. Kubwa Alassane Ouattara, igihugu arongoye naco kirafise ubutungane bukora.

Mu mubonano yagiranye i paris na François Hollande umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, yamenyesheje ko igihugu ciwe kirindiriye kumenya ukuri kuvyagirijwe uwahoze ari umukuru w’igihugu Laurent Gbagbo, hamwe na Charles Blé Goudé yahoze ari umushikiranganji w’urwaruka, bompi bagirizwa uruhara bagize mu bwicanyi bwakurikiye amatora yo mu 2010, bukaba bwahitanye abantu ibihumbi bitatu mu mezi atanu gusa.

Alassane Ouattara yamenyesheko inyuma y’urwo rubanza, izindi zose zizohora ziburanishirizwa muri Côte d’Ivoire, akavuga ko atawe azosubira kurungika i La Haye.
"Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yarakoze igikorwa cayo. Inyuma y’intureka zakurikiye amatora, nta butungane bwari buhari. ubutungane buriho ubu kandi bwaratanguye gucira imanza bose ata n’umwe avuyemwo."

Ariko rero, naho igihugu ca Côte d’Ivoire ntigiteguye kwikura muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, nk’uko bamwe mu bakuru b’ibihugu vya Afrika baheruka bubishikiriza mu nama baherukamwo i Addis Abeba muri Ethiopie, aho bashikirije iciyumviro c’uko Afrika yova muri iyo sentare bagiriza ko ibangamira abakuru b’ibihugu vya Afrika gusa.

Kubwa Alassane Ouatara wa Côte d’Ivoire, igikenewe n’uko hoshirwaho sentare ya Afrika ijejwe gucira imanza amanyafrika, muri Afrika nyene.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.