Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Albert Shingiro: Uburundi ntabajejwe umutekano mvamakungu bugikeneye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Albert Shingiro: Uburundi ntabajejwe umutekano mvamakungu bugikeneye

Albert Shingiro: Uburundi ntabajejwe umutekano mvamakungu bugikeneye

mardi 19 Mukakaro 2016, par Jean De Dieu

Uwuserukiye Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ambassadeur Albert Shingiro, avuga ko ata basirikare baza guhagararira amahoro mu Burundi bakenewe mu gihe ONU yiga kuri ico kibazo.

Igihugu c’Ubufaransa casubiye gushikiriza icipfuzo mu kanama ka ONU kajejwe umutekano, co kurungika mu Burundi abapolisi mpuzamakungu 228. Bubaye ubugira kabiri Ubufaransa bushikiriza ico ciyumviro, ariko ako kanama ka ONU karananiwe kwumvikana kuri ico cipfuzo ubwa mbere. Uwuserukiye Uburundi muri ONU, Ambassadeur Albert Shingiro, yabwiye abamenyeshamakuru ko Uburundi bumaze kwerekana aho buhagaze ku ciyumviro nk’ico.

Aho umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki Moon yagendera Uburundi, yashikirije ibitigiri bitatu bishoboka vy’abajejwe umutekano mpuzamakungu borungikwa mu Burundi : 3000, 228 canke abari hagati ya 20 na 50.

Uburundi bwari bwemeye abari hagati ya 20 na 50, ariko nk’uko bivugwa na Albert SHINGIRO, cari igihe amakambi yari agiterwa ariko ubu umutekano waragarutse, n’abo ntibagikenewe, nk’uko abishikiriza.
Icipfuzo c’Ubufaransa rero n’uko horungikwa uwo muce wa kabiri, 228, ariko naho nyene bigasabwa ko Uburundi bubanza kuvyemeza.

Albert Shingiro yongeyeko ko Uburundi bufise abajejwe umutekano bakwiye kandi babishoboye, mbere banafasha no mu makungu, ngo rero nta bandi bakenewe.

Ariko mu gihe hoshikirizwa iciyumviro co kurungika abaporisi mpuzamakungu 20, Uburundi buvuga ko bwokwemera kubiganirako, ariko naho nyene bakaza ata kirwanisho bitwaje.

Uburundi kandi busanzwe bwaremeye ko harungikwa indorerezi z’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika zishika amajana abiri, ngo rero iryo shirahamwe ryari rikwiye gufashwa kugira izo ndorerezi zikwire.

Abajijwe igituma banka ko harungikwa abajejwe umutekano kandi hari abantu bacicwa mu Burundi, Ambassadeur Albert Shingiro yavuze ko naho bibabaje ko hagira n’umwe apfa, ngo ni ibintu biba n’ahandi hose kw’isi, ngo si ikibazo gikomeye cihariye ku Burundi.

Akanama ka ONU kajejwe umutekano karaciga kuri ico cipfuzo c’Ubufaransa.


IGIHE

Messages

  • Nibareke.kuza.kuko.ntacoba.kibazanye.

  • Ahubwo Albert nsanze waneye ubwenge kabisa usiga ibicurane mumutwe, wotubwira ahandi hantu haguma hatorwa ibiziga nkaha iwacu? Ati baze atakirwanisho bafise? Hama nibaterwa bazoce bitabara gute warapayutse nibakwihoze kweli,,,,,,,

  • Inteko Za ONU Turazikeneye Jewe Simbona Igituma Bazitinya! None Ugirango Hari Uwo Bazorenganya? Murakoze!

  • Uwukeneye inteko za ONU arasaba izija muhira iwe.

  • Nibagende muri Amerika no mu Bufarasa nayo iwacu i Burundi ntabo dukeneye.

  • Nibagende muri Amerika no mu Bufarasa nayo iwacu i Burundi ntabo dukeneye.

  • UWO SHINGIRO NAMBA ARI UMUSAZI ARASHOBORA KUVUGA NGO NAHANDI BARAPFA MUMITWE YABO HUZUYE AMARASO NKUYO UBONA YARAKWIRIYE KUJA MURI ONU . ONU IRATABARA UWONAWE NUKWICAGUSA IMANA NITABARE ABAYO TURI MUNTA MBWE

  • Ahubwo nibagire vuba bazirungike mumaguru masha kuko zirakenewe rwose nkurunziza nakarwi kiwe bahoneje abanyagihugu muvyukuri niba amakungu agomba gufasha abarundi koko nave murivyo bintu vyo gufyinata afashe abarundi koko nimba babaye abarundi koko nibave murivyo bintu vyo kuvuga ngo bazotabara abarundi ngwaruko nkurunziza na karwi kiwe barinze gutanga uruhusha ivyo ntibishoboka kuko umugambi wiwe nuwo kubandanya yica abanyagihugu bityo rero umuntu ariko yica siwe worinda gusaba uruhusha jewe nubu nagomba mbaze nkurunziza yaramaze ikiringo ciwe co gutwara igihugu none uyumusi igituma amakungu yahisemwo ku mwinginga nigiki igituma batamuha amasaha yo kuba yahereje ubutegetsi nigiki nkuko bama babigira nahandi habuziki jewe ndashaka uwubishoboye anyishure

  • Amakuru ali kuvugwa nabenshi nuko abarundi babuze amahera yokwishyura hotel zikigali. Babarangiye ahitwa mugiporo ko aliho hali izo bashobora kwishyura . Kubera kwihagararaho balivumbura barataha. Cyagwa nayo ntayo bali bafite.

  • Nubu Ntibaramenya Ko Uburundi Busanzwe Bwigenga Mbe Mbaz? Iwab Ntibapf?

  • Abafaransa iwabo ryabananiye gucungera umutekano wabanyagihugu ariko ngo nibarungike abapilice muburundi biratwengeje kweri yaho bosaba ko uburundi bwobarungikira abaja kubacungera umutekano kuko iwabo ryabananiye.umutekano iwacu urakwiye ahubwo nibavugane na reta yuburundi ibarungikire abaja kucungera abanyagihugu bubufaransa

  • Yemwe ivyotwandika dusaba abasirikare mvamakungu ndabona ataritwebwe gusa tugowe , mpejeje gusoma amakuru nsanzehiryanohino abicwa mubihugubitandukanye nibeshi ahubwo arukurungika abasirikare mvamakungu ntiborungikwa ngaha Burundi gusa bocabarundikwa mubihuguvyose.

  • Oohaa ! Eheheee ! Rwose Ubufarasa Ndabusetsepe ! Ewe Pays Français Mwaramogojwe No Gutungira Kuntambara , Nogusesa Amaraso ; Icyo Nohanura Uburundi N’abarundi Mukwiye Kuharabira Neza Kuko Abanyamerika Mukujya Kurwana Isomaliya , Habanjye Kujyayo Bakeya . Ibyabantu Bapfa Kuvanakera Abicya Nabasuma Bamyeho , Rwagasore Yavuze Ati Uburundi Burikukiye Intwaro Yabakavamahanga , Ariko Ibisuma N’abambuzi Ntibizigera Bihera

  • Jew nukur inteko mvamakungu ahubwo kubwanje zaratevye kko abarund twahonye kwl

  • Reka abarundi twarabuze ihero ry’umuti. Ejo hari abariko baratamba n’ubu amaso yaheze munzira biteze ibihano ngo vy’afatiwe u Burundi bwacu mu nama ya AU mu Rwanda. Emwe gezaho gezaho. Nidukure amero kuko twarahinyutse.

  • Albert Shingiro, Imana yakuduhaye ikudutungire, uryamugabo wintwari uryamugabo.

  • Nishure Tari,igituma Amakungu Atirukana H.Peter Nkurunziza Nuko Babona Ko Ashigikiwe Nabanyagihu A 95% Bakamubonamwo Ubwenge Nubunararibonye Bihambaye.Afrika Yose Ihanze Amaso Peter Mukwikurako Agahotoro Kabazungu,waraye Ubonye Amatora Ikigali Kovyanse Kubera Atariho Yari, Kagame Nihorari Kuki Batamutoye? Wanka Kwagutwara Aha Muburundi,uzifatagute Ko Agiye Kugutwara Muri Afrika?

  • uradedemba uvuga ibiki Uzi kagame yatore iki muririya nama?
    uwo murimyi wumunyakamenge ngo Ni Peter urabona iriya nzu yari kuyinjiramwo koko nubwoba agira imbwa gusa.

  • @tari mujer@Lili maraya. Abarundo barikukiye . Izo ngano zoherezwe mubufaransa guhiga aba terroriste bamaze iminso biha inkumbi. Naho mwangegera mwe ibyo muvuga ntimubizo amaso azageraho akoroke hasi ngo mutegereje MAPROB.

  • @ Turaje, iryanzu twebwe abarundi tuyita ikiruriruri canke mitego.

  • @turaje (igiceri). Wangu ubanza wibera kwa legentil. Abarundi barikukiye

  • Mbe aho babarungika mu Burundi ntibobanza bakabarungika muri Amerika,Alemagne n,ubu faransa ubwayo ko nabo nyene abapfa ari benshi! Nibaza ko uburundi bufise ingabo zihagije!

  • Lili,turaje na tari ni intagondwa zabatutsi zigifite nostalgie yabase cya gihe bamaraga abahutu muri 72. Gusa burya sibuno umuti waba twarawubonye.

  • south africa ntamusi hadtorwa ibiziga guhera kuwambere gushika kuwundi wambere

  • Iyo nimutwe yabazungu ariko ubu nabarundi baraciye ubwenge ntanteko mvamakungu zikenewe atarukuza guhungabanya umutekano wacu

  • Nahomwanka Muzofatwa Ariko Igifese Intangoniherezo Farao Azofatwa

  • Ewe Natwe Turikwije Umutekano Tuwufise Mu Biganza. Guhera Ku Mutumba Kugeza Kumurwa Mukuru. Abasoda Mvamakungu Ni Bagende Mu Bufaransa Mu Budage.Eka No Mu Burigi.

  • Mbega aho ubufaransa busabira uburundi inteko mvamakungu igitero giheruka gutikiramo abantu I Nice mubufaransa,natw abarundi duce tubusabira inteko mvamakungu kugira ntihagire umu faransa asubira gupha?nibareke kwiteranya kuburundi!

  • Ahumbwo Nibemere Izontekozize Amazi Atararenga Inkombe Nayahandi Bizobakomerana Kuko Bagombaguhisha Umwotsi Inzuyaramaze Gusha.

  • Nanje iconokwongerako kuri salva na tari nigiki catumye abarundi basanzara ntivyavuye kumutekano muke cane none rero abobasirikare nimubareke binjire kuko mweho ukwica niko muzi kandi ndababwire abo mwica bose bari imbere yanyu imana nigarukire abarundi kuko barageramiwe

  • uwutazi umuti awunyako.

  • Babarungika Nkande?Tweturimaso.Baraza tuzobakira Nkabarwanyi Dutabara Mumakungu Igihugucacu Nicocotunanira Erega Ntabwenge Muturusha Barungike 20 haze Ibihumbi Mirongibiri Nyene Uwomukenyuro Twawize Kare Erega Twebwe Abarundi Ntiturananirwa Katantambara Ihari Mugihugucuburundi Nibagende Kwakagame Guhungura Ziryampunzi Ziriyo Natwe Tuzitabara Igihe Hazoba Harigwano

  • TWE ABOBAPOLICE 228 NTITWUMVA ICO BOBA BAJE KUDUFASHA KUMUTEKANO IWACU IBURUNDI NTIBATUZIREHO .

  • Nimurekekuvugameshi, ahobaryabagezehadukintambara.
    Bafasha, abagwanyigihugu.
    kandibobontiwibazengobaragwana.
    bobazagukokeza, intambaragusa.
    bataronse, ahobakokeza, intambara, akazikocagahera.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.