Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Alexis Sinduhije yavuye mu gacerere yemeza ko yiteguriye guhindura (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Alexis Sinduhije yavuye mu gacerere yemeza ko yiteguriye guhindura (...)

Alexis Sinduhije yavuye mu gacerere yemeza ko yiteguriye guhindura ubutegetsi

mardi 1er Ndamukiza 2014

Alexis Sinduhije, umukuru w’umugambwe MSD yavuye mu gacere yari mazemwo iminsi kuva habaye imishamirano hagati y’abaporisi n’abanywanyi ba MSD. Alexis Sinduhije araremesha abanywanyi biwe ko akiriho, kandi ko atarota ahagarika ibikorwa vya poritike imigambi yiwe itagiye mu ngiro.

Mu kiganiro Alexis Sinduhije yatanze ku bameyeshamakuru yamenyesheje ko asangiye umubabaro n’abanywanyi ba MSD (Mouvement pour la Solidarité et la Démocratie) bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, hamwe n’abandi banyeporitike bose bapfunzwe bahorwa ivyiyumviro vyabo. Alexis Sinduhije yahojeje imiryango y’urwaruka ruri mu mvuto, akamenyesha ko azobandanya ibikorwa vya poritike mpaka akarenganyo n’agacinyizo biheze mu gihugu.

JPEG - 68.1 ko
Alexis Sinduhije arongoye umugambwe MSD

Nk’uko yabandanije abimenyesha, ntatinya ko n’amaraso yiwe yoseseka namba yofasha igihugu kuva mu ntwaro y’umukazo, igiturire, ubusuma, akarenganyo n’ubugunge ariteguriye gupfa kugira abanyagihugu baruhuke ku mutima. Alexis Sinduhije yahamagariye ahubwo n’abandi banywanyi b’umugambwe CNDD FDD ko bokwifatanya nawe mu gukomeza ubutegetsi butwarira bose, kuko ku bwiwe, igihugu ntikizingamitswe n’aba CNDD FDD bose, ariko ni akarwi k’abantu bari ku rushi.


Egide Nduwimana

Messages

  • Aratwengeje. Aravuga ko adatinya mugabo akinyegeza??? Les jeunes doivent eviter de tomber dans la violence, lui il agit sous l’effet du chamvre mais continue de pousser les jeunes àviolence, et quand les consequences arrivent ce sont eux qui payent, lui et ses enfants sont àl’abri.

  • Avuga ukuri! Jewe uwariwe wese azorwanya akarengane k’abatwara ubu nzomuja inyuma! N’akomere kumuhete turi inyuma yiwe!!!

  • Amahoro,president Alexis SINDUHIJE, imisi myinshi !!

    Mbe ko wahora ukunda kuvuga aya muhe, mugabo uno munsi ukaba wikuyeyo uvuga nk’umuntu.
    Ngira ngo iy’uri mu buhungiro nturonka akaryo ko kuvuta urumogi,rero ubwenge bwagarutse !!

    Mu bisanzwe,nkuko wabivuze,iyo mu gihugu hari akarwi koba gatuma ibintu bitagenda neza,vyoba vyiza ako karwi kisubiyeko canke kagakinjura.

    Nkaca ndangiza mvuga nti nyakubahwa president Sinduhije,urabe ugabanye izo mogimogi,kumbure uzobandanya umenyera kuvuga nk’umuntu, atari nka ya kabizi ya 13/12/2013.

  • Uyu mugabo ndabona yihishe mumwobo nka Saddam!!! Muminsi mike aribufatwe ubwo atangiye kubwejagura igicere!!!! Nimumufatamumukandekuko ari mubikishije Ndadaye kandi ngo yaba yarishe abahutu benshi iyo za Ntega-Marangara

  • Reke kumutuka mutama !!!harya ico mwomenya mwa ba dd mwe kira kituu kina mwanzoo na mwishoo ,,,rero niwmikebuke kuriyo ntwaroo yagacinyizooo,,,kandii mumeny yuko Imana ishigikira abanyakuri kira minsi!!!!....

  • Komera mutama turi inyuma yawe ahubwo wogira vuba nibazonzshike mu matora y’imirije utarabahirika......

  • Yooo?Urasekeje,ngupfirabarundi Uriyesu? Urigwasore? Urindadaye?abonibo ncungu,zuburundi Urapfira Abanabawe,umva,uzobanze Wimoshe,ubwanwa,hamupfe,nakubaririki Ok

  • Nyakubahwa sinduhije wogmbawokwitonda kuko abarunditwikukiye hataragera iyumvir gwagasore wiyumvire ndadaye ucuraba induru zirimwiyomigambwe ukarabanabi imbwa zizoyarigatira ubusa kuko ivyuburundi ntawobimara nawewoza nukonene nariry urumututsi

  • mbe umuntu adatinya gupfa avugira mwipataro nkumusuzi!!nikavuge aho gaherere tukamwe katavuvye ubwo bwanwa umengo nubwinjamvyi.mbe igihe twinjirikibira tugiye kugwanya akarenganyo karihe?sha imisi twamaze mukibira nawe utunye muri amerika twogufata twokwereka aho tukubika kugira ugo rumogi ruguherewo utore ubwenge

  • Haha! Urantwengeje wewe uvuze ko avugishwa nurumogi! Akarenganyo nubwicanyi buri mu burundi namabi yose leta ikora bizovugwa nabahaze urumogi! Ahubwo weho uhaze shetani!!! Ukuri kuzotsinda! Alexis! Ndagukunda kuko utari murico gihugu kunyungu zawe! Ntiwarubuze ahandi woba! Uriko ugwanira umunyagihugu! Komera kumuheto! Nturumwe n,Imana muri kumwe! Niho wananiye ivyo binywamaraso!

  • Abagira revolution ntibatangaza Sinduhije urabaza Buyoya niwe muhinga wavyo nayahandi ushaka gupfa ngo uwurwikarihije ruramumwa wibaza ko abahutu bubu ari abo kwa ndadaye basigaye babasumvya politique niyo bikora uwundi muhutu apana wewe umututsi

  • Abarundi murindryarya mbe Comuduha,dupfiki,mugisha,mutabaziNbazogendabaragwira na lion komwandika ibibajemwo kuk mwahinduye amazina yanyu yaba mwarabagabo mwokoresheje amazina yanyu bwite.Erega Rwagasorena Ndadaye barapfuyeariko ba Rwagasorena Ndadaye turiho Sinduhije agomba kuduziki kandi tumurinyuma abarundi bose bashaka kugwanya intwaro yagahotoro,muzomwica ariko ntimuzobamwishe ivyiyumviro vyiwe.nimuje kwiyandikisha muri kaminuza musubire kwiga.

  • Mubwire!,yunve iyo ntunva SINDUHIJE kuko iyava niyaja ntahabona.kandi igihugu c,uburundi ahokigana ntaho abona,wewe SINDUHIJE uraza urituma aho weretwe kuko igihugu sicana,kandi ubu twebwe abanyagihugu twarahinduye ingendo,sibimwe vyakera ngo twarahenzwe shahu.mbega ubu kurikuvugira mumahanga abanwanyi bawe bavundiye mubitaro,abandi mumpimba,nibwo bwenge uriko uramamaza kuzohinduza L,Etat yitorewe nabanyagihugu??.teshwa ute wakagabowe.kuvuga kowiteguriye gusesa amaraso yawe kugira turokoke,tangurira kwabarya banwanyi bawe ubabere incungu,ishikane imbere y.ubutungane,ububwire uti fungura abanwanyi banje mufunze,munpfunge jewe SINDUHIJE kuko nije nabatumye gukora birya mubafungiye!!<SINDUHIJE niwabokora uko ABARUNDI twese tuzokwemera tuvuge duti nguyo umugabo wabagabo,yiyemera>.nayo arugusuka ugwaruka mukaruta mumakosa mugaca mwitumukira iyo ntapolitike irimwo.wewe Alice wanditse unvuga nguramushigikiye,naho utaniye nawe,uriko ukurikira ubwije nukuri.ndvuga nsinvura bagenzi banje.

  • Ahubwo bamurondere bamufunge ... birabonek yuko aringaha hafi .....

  • Twebwe dukeneye amahoro muBurundi! intwaro itwarirabose hama ivyomudebagura ngo Hutu Tusi, Twa kugira twankane twicane. icomwomenya twese turaBarundi.uwuzo tuzanira Freedom Unity Democrasy tuzomutora«arundi twese

  • mbe mwabaja mwe ngo muraba dd aho mwibiye amatora ntimuraza muhaga? izo nda zanyu nibinogo...Alexis sinduhije shishikara turinyuma yawe ntibagutere ubwoba tuzogushigikira kuko twiyemej gushigikira ukuri hama ni Mana ishigikira abagendera mu kuri.........irambire nkisima yabuseko ntaco bazokugira barakangana ntibaryana!!!!!

  • nzirakarenganyo ... uburundi subwaba sanzcheck ba 1994 kugeza 1998 uburundi nubwabenegihugu ubarire na sobuja sinduhije naze yitoze turabe amajwi abona ... avuga ngo yiyemeje gupfira igihugu nka ndadaye nareke kuvugira mumwobo aje ahabona arwanire ivyo ashaka kugwanira kuvugira mubwihisho sikwo kurinda ... igihugu hako sinduhije agifata kunguvu nkukwo avuga abarugwanye naho twagiye kandi urutoke rurasa ruracari gwarundi gwanira ivyo mugwanira ariko guhirika ubutregetsi ntibigishoboka mugihugu c’uburundi gira amahoro

  • Yesu igihe bari bamujanye kumubamba abagore baramuririye hama Yesu arababwira ati:ntimundirire mwiririre nuruvyaro rwanyu."nawe Sinduhije ngo apfire abarundi napfire nyabuna uruvyaro rwiwe uwo mwiyahuzi.kumbe nu shabab?

  • Wewe mutama sinduhije,woba ukiri aho mugihugu wombabaza!abo ba dd bazokumena amaso barayinze!abo banyamerika nimba bagukunda bazokora amatohoza yinko izoba yakurashe,nahonyene aba dd bavyemeye!

  • bambarizeko.jewekondumuhutu.ntariumututsiwibazangond.ndumu.dddddddd.canke.aba.dddddd.bibazakoaribobagizuburundi.ihibambewe.abahutubeshi.bumutima.ntabwaraba.dd.nikobihendakoabahutubose.araba.ddd.namwabatutsi.ntimgirubwoba.ngobabakange.muribeneburundi.abarundidukeneye.intarorusangi.atariyagacinyizo

  • none nkako kagabo umengo ntanutuvuta kisiga kariko gatera ubwoba bande nikagende kagure utuvuta hama kaze kavuge ayamuhe

  • Injavyi sinduhije yarushe,>< indya yari yatwaranye mumwobo,zayiheranye none iriko irasokorora umutwe,itanguye kuroheshwa n’inzara!

  • Ewe sinduhije ahubwo iyobakwita ndabaruhije ahurabonako uzoba umukuru wuburundi nimwitonde ubu ibintu vyarahindutse ntantambara dukeneeye amaraso yasesetse nimenshi none nawe ugomba wongereko ayawe nayabandi barundi wibukeko agapfuye kabazwivu Buyoya uzomwegere akwereke uko bakora politique wewe yaricabantu kandi bincabwenge babahutu wibuke Kabushemeye wibuke naboyagiye aranyonga kubariho wibwira kwarubujuju bwabahutu nuko inyuma yivyovyose hariciza yakoze wibwira iyabandanya adadaza ibintu bibabimeze gute none nawe nguraje gutwara uburundu nokubwirako kurutonde rwabazatwara uburundi nturiko kandi ntananyokorome ariko. wewe rero icara utekereze kuko ibihe bihibindi mbega kutahiritse ubutegetsi new Buyoya ngwakerekeukwingana zambagwa niwabuhirika ukabisgobora tuzogusaba komera

  • NAJE HARIYA! KUVA 72-93 ABATUTSI MUNYWA AMARASO Y’ABAHUTU NTIMURASHIRA INYOTA? KARIGUNGUZA MWANYOYE AMARASO YA NDADAYE UBU HOHO BASHA NTAWARUZA RWUNGERE. URANYWA UMUTI WITWA IGENZABUHORO.

  • Komera mutama ico uvuga kirumvikana ako karwi katavuyeho ntamahoro tuzaronka mugihugu

  • twebwe abanyaghugu atari bamwebamwe ntitugihendwa nabanyepolitike

  • Emwe jewe ntahonegamiye muga ukurimbona ubutegetsi buhari butwaranabi cane hindure!Hama sinduhije uduteye ubwoba kuko abarundi bapfuye nibenshi none MANA twongereko abandi?Basenzi haguruka dusabire uburundi.

  • Aba dd bameyekwica harigihe nabo bazoyicwa bibuke igihebarya imizi mishamba ubuho bazorisangamwabandi ntakigirintango kiburiherezo.

  • It’s so amazing mbe abaterera ivyiyumviro ntanumwe ashobora kwerekana ko ataho yoba ahengamiye?kirazira kwifatira umuntu mugahanga kuko buraca bugacana ayandi rero sinduhije kuvuga icagona nuburenganzira bwiwe kandi ntawe yatutse rero nimugezeho kumusuzugura hanyuma I yo migambi yiwe afiseyoguhindura intwaro tumusabe abikure mumvugo abishire mubikorwa!!

  • Niyaba hariho abarundi bizeyeko bazogira ahobageze hezagusumba ukwobimeze uyumusi kubwa Alexis Sinduhije, bicyiyebyongera kunyerekako CNDD FDD ikibayoboye mwabarundimwe, njyendafise ababyara babarundi mbayendababwirako bashaka bayoboka CNDD FDD nubwo atabyerade,ntabwonababwirako Alexis yabamarirarwose numuhemu numunyamafuti numubeshi numugumutsi bikagaragarira ahoyaraye ashohoye abana babarundi amazekubashyuka bakabashyira muri gereza acyaranyika muyandimagambo yabagize inkinzo mazewe aranyika none ukwonikwokwitangira abarundi? njyembona bariyabaturage bafuze nibobitangiye Alexis Sinduhije!!!

  • jewe mbona uyumugabo sinduhije asa nabahutu neza neza ngirango baranamuhenze ngo numututsi !!!!!

  • Ahubwo nagire vuba aje ahabona kugira ngo ukwokwitanga kwiwe kugirango itwaro zihinduke mubisata vyose vyigihugu abishire mungiro kuko uwariwe wese azitwararika inyungu za benegihugu tuzoheza tumuhunde amajwi

  • ahubwo urumusazi urwo nurumogi wanyoye;uribuka wambaye ibikwembe mukamenge kuri 6 uranga umuhutu yize abasoda bacabamwica??wibaza KO twavyibagiye?heba urumogi ureke kurota intambara.

  • Noneho SINDUHIJE yigize icungu,ivyo avuga ni indoto. Twebwe dukeneye uwushira imigambi imbere apana ububeshi no guteranya abenegihugu.Ayo majambo ariko aravuga arakwiye gufatwa bakamubika ahantu akaba aratekereza.

  • Noneho SINDUHIJE yigize icungu,ivyo avuga ni indoto. Twebwe dukeneye uwushira imigambi imbere apana ububeshi no guteranya abenegihugu.Ayo majambo ariko aravuga arakwiye gufatwa bakamubika ahantu akaba aratekereza.

  • Ubwo bwanwa sha tuzobumwa isaha nisaha. Wewe utwaye igihugu umusi umwe abantu bose boca banywa urumogi natwe ivyo ntavyo dushaka.

  • Nsomye ivyiyumviro biri ngaha,ndatangazwa n’umuntu azikwandika aciyumvira ivyamoko mu Burundi!!!Mbe kuva 2005 -2013 tumaze kubura abantu bangana gute bapfa bishwe??Ugira bishe bahorwa ubwoko?

    Ndababwire,mu Burundi ivyamoko vyararenganye hasiga ari icitwazo z’abasumirinda n’abampemayuzuye!Uwavuze ubwoko ngaha wewe muce mwumva icari" nsumirinda,mpemayuzuye’’

  • NDAVYE IVYO BENSHI MWANDIKA NDABONA KO MUFISE IVYIYUMVIRO BITEYE IKIGONGWE KANDI VYINSHI NIVY’AMACAKUBIRI. MUREREKANA NEZA AHO MUHENGAMIYE. MUZOHENGAMA MUHAVE MUGWEYO KANDI NTAKARUSHO NAMBA MUZOKURA MUGUTYOZANYA. NIMWIKUBITE AGASHI MUZE MURAVUGA AMAJAMBO AFISE AGACIRO KANDI AZOGUMANA AGACIRO MU BIHE VYOSE.
    BIRABABAJE EMMA KUNDE

  • S’UMUHUTU, S’UMUTUTSI, S’UMUTWA BOSE N’ABARUNDI GUSA KANDI BAKENEYE GUTWARWA KUMWE KURUGERO RUMWE, ABUMVA BAFISE INGORANE CANKE ICO BASHIKIRIZA CUBAKA NI BAGISHIKIRIZE BATIYUMVIRIYE KO ARIBO GUSA BO GISHIRA MUNGIRO, HANYUMA UWUCAKIRA, NACITONDERE ARABE KO GISHOBOKA KIKOROHEREZA BOSE CANKE KIGATEZIMBERE IGIHUGU. NO HERAHEZA MVUGA NTI: ICIYUMVIRO CABA CIZA CANKE KIBI NTICOROHEREZA CANKE NGO CONONERE UMUGAMBWE CANKE UBWOKO BW’UWUGISHIKIRIJE GUSA RERO NTAKAMARO KO GUTERANA AMAJAMBO CANE CANE MABI

  • Uvuzukuri pe?nanjye nkuri inyuma.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.