Accueil > Amakuru > Mu makungu > Algeria : Uwagandaguye Hervé Gourdel yamenyekanye
Algeria : Uwagandaguye Hervé Gourdel yamenyekanye
mardi 14 Gitugutu 2014
Muri Algeria, inyuma y’indwi zitatu Hervé Gourdel agandaguwe abanje kunyuruzwa, ikinyamakuru El Watan camenyesheje ko umugabo yishe uwo mufaransa yamenyekanye.
Bachir Kherza yavuzwe n’igisirikare ca Algeria ko ariwe yagandaguye Hervé Gourdel mu misozi ahitwa Kabylie. Uwo mwicanyi afise imyaka 50, avuka ihitwa Bab el-Oued mu gisagara ca Alger. Igisirikare ca Algeria kimenyesha ko Bachir Kherza amaze gukora ubwicanyi bwinshi n’ibitero vy’iterabwoba mu ntambara yabaye mu myaka ya 90. Ari mu murwi w’iterabwoba Jund Al-Khilafa.
Abajejwe umutekano (les services de sécurité) bamenye abandi bagabo bashika kuri mirongo itatu, bari muri uwo murwi wagandaguye bunyamaswa uwo mufaransa, bakaba babibonye bafashijwe n’amasanamu (vidéos) atatu yaciye ku buhinga ngurukanabumenyi (internet), bakaba gushika ubu bakirondera ikiziga ciwe, barondera n’uburyo bofata abo bicanyi.
Nadège Irakoze
Messages
14 Gitugutu 2014, 10:02, par uwamahoro
Ntanumwe yagize ubuhizi ubwicanyi atazomenyekana AMARAOSO ARAKOMA AKARURU.Kandi ibibera musi yijuru bizorihigwa ngaha kwisi.
14 Gitugutu 2014, 10:02, par uwamahoro
Ntanumwe yagize ubuhizi ubwicanyi atazomenyekana AMARAOSO ARAKOMA AKARURU.Kandi ibibera musi yijuru bizorihigwa ngaha kwisi.