Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Algerie : Abaporisi 40 bakomerekejwe n’abanyagihugu mu myiyerekano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Algerie : Abaporisi 40 bakomerekejwe n’abanyagihugu mu myiyerekano

Algerie : Abaporisi 40 bakomerekejwe n’abanyagihugu mu myiyerekano

lundi 2 Ntwarante 2015

Abaporisi bagera kuri 40 nibo bakomeretse mu myiyerekano yabaye mu gihugu ca Algerie nk’uko vyemezwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

Muri iyo migumuko yabaye kuri uyu w’Imana igenekerezo rya mbere Ntwarante uwu mwaka, mu gisagara ca In-Salah, aho abanyagihugu bariko biyamiriza icukurwa rya gaze bita gaz de schiste bivugwa ko yiraye muri ico gihugu. Abo banyagihugu bakaba bateye ikirindiro c’abasirikare, barakomeretsa gose babiri, n’abandi 38 bakomeretse bisanzwe. Muri iyo migumuko, abo banyagihugu bakaba banaturiye ahasanzwe haba umukuru w’ako karere ka In-Salah. Abo banyagihugu bakaba bidoga bavuga ko iyo gaze icukurwa ataco baronkako, abarwizatunga bakaba bari mu batungishwa n’ubwo butunzi kama bavuga ko ari ubwo Imana yabihereye.

Iyo myiyerekano ikaba yaciye itandukira mu bisagara vy’ubugaragwa bwa Sahara muri ico gihugu nyene ca Algerie. Ico gihugu ca Algerie nyene, kikaba kigira kane kw’isi gifise iyo gaze kama bita gaz de schiste inyuma ya Reta zunzubumwe za Amerika, Ubushinwa na Argentine.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.