Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Algérie: Abdelaziz Bouteflika yasubiye gutorwa ku ncuro ya kane - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Algérie: Abdelaziz Bouteflika yasubiye gutorwa ku ncuro ya kane

Algérie: Abdelaziz Bouteflika yasubiye gutorwa ku ncuro ya kane

samedi 19 Ndamukiza 2014

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati, Tayeb Belaiz, yaramenyesheje kur’uyo wa gatanu ko Abdelaziz Bouteflika yatowe ku bice 81,53 kw’ijana vy’amajwi.

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere, Ali Benfils yaronse ibice 12,18 kw’ijana, Abdelaziz Belaid ibice 3,03 kw’ijana, Louisa Hanoune igice 1,37 kw’ijana, Ali Fawzi Rebaїne 0,99 kw’ijana na Moussa Touati 0,56 kw’ijana. Ivyo biharuro vyatanzwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati, hakaba hasigaye ko vyemezwa n’inama ijejwe gukurikirana ibwirizwa nshingiro.

Iyo ikaba ifise imisi cumi kugira ngo igenzure yongere yige ibirego bishobora gutangwa. Mur’ico gihugu gifise abanyagihugu bagera ku miliyoni 40, amatora akaba yitabiriwe gushika ku bice 51,7 kw’ijana.

Umushikirangaji w’intwaro yo hagati yimeza ko imyiyamamazo n’amatora vyagenze neza. Ali Benfils, we ntabibona uko kuko avuga kw’amatora yibwe, kandi ntiyemera ivyayavuyemwo. Abdelaziz Bouteflika akaba afise imyaka 77, amagara yiwe ntiyifashe neza cane kuva mu mwaka wahera. Yashitse ku butegetsi mu 1999 aho yatowe ku majwi 75 kw’ijana. Mu 2004,yatowe ku bice 85 kw’ijana, mu 2009 naho yatowe ku bice 90 kw’ijana.


Isabelle Simbarakiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.