Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Algerie : Iterabwoba rigiye guhashwa muri ico gihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Algerie : Iterabwoba rigiye guhashwa muri ico gihugu

Algerie : Iterabwoba rigiye guhashwa muri ico gihugu

mardi 8 Gitugutu 2013

Mu gihe ata n’umwakaa wari uheze, abantu batari bake bishwe mu gitero c’abihevyi mu bumanuko bw’igihugu ,Algeriya yahisemwo gukomeza itegeko mpanavyaha ryaho mu kuryongeramwo ivyaha bitari bike aho bifatwa bikazoza birahanwa nk’ ivyaha vyiterabwoba.

Ico gihugu gikunda guterwa cane n’abihevyi,umurwa mukuru Alger bagwijije ibihano mw’itegeko mpanavyaha ryabo. Itegeko mpanavyaha ryo kuwa 30 nyakanga ryemejwe n’inama nshikiranganji,ivyo vyaha vyongewemwo navyo nibi: gushigikira mu buryo abakora iterabwoba, kwiba canke kuzimanganya indege, ubwato hamwe n’ikindi gikoresho cose gifasha mu kwiyunguruza, ivyo biharurwa mu vyaha vy’iterabwoba.

Igikorwa cose gituma ukwiyunguruza mu kirere,mu mazi, hamwe no kw’isi cose ,kubomora canke kwica ibikoresho vy’itumatumanako amakuru, gufata imbohe kugira ibitero ukoresheje ibintu biturika canke ibindi birwanisho birimwo ubumara vyose vyashizwe mu vyaha vy’iterabwoba.

Kubwa Amin Sidhom umushingwamanza i Alger avuga ati, ni rya mbere ibitero vy’abihevyi bikoresheje ubumara, bishizwe mw’itegeko mpanavyaha kandi bikabonwa nk’ivyaha vy’iterabwoba. Ibihano ubu bikaba vyakomejwe cane.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.