Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Aliko Dangote yagumanye ikibanza ca mbere mu batunzi bo muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Aliko Dangote yagumanye ikibanza ca mbere mu batunzi bo muri (...)

Aliko Dangote yagumanye ikibanza ca mbere mu batunzi bo muri Afrika

mercredi 6 Ntwarante 2013

Urutonde rw’abatunzi ba mbere kw’isi ruheruka gushirwa ahabona rwerekana ko Abanyafrika bashika kuri 20 bari mu batunzi rurangiranwa kw’isi.

Muri urwo rutonde rwakozwe n’ikinyamakuru Forbes rwerekana ko Aliko Dangote, umugwizatunga w’umunya Nigeriya, aza kwisonga mu banyafrika. Umukenyezi wo muri Angola yitwa Isabel Dos Santos nawe yinjiye mu gitigiri c’abatunzi kw’isi.

JPEG - 33.7 ko

Kubw’ico kinyamakuru Forbes, uyo mugabo wo muri Nigeriya, yarateye imbere ubu akaba yatahukanye ikibanza c’ambere mu batunzi bo Afrika, yongera agira ikibanza ca 43 kw’isi, ubutunzi bwiwe bukaba buharurwa mu miriyaridi 16,1 z’amadorari .

Uwuza ubugira kabiri muri Afrika ni Johann Rupert wo muri Afrika y’epfo, afise ubutunzi bungana na miriyaridi 6,6 z’amadorari.

Iyindi miryango yo muri Afrika ni Oppenheimer hamwe n’umugwizatunga wo mu Misiri yitwa Nassef Sawiris. Abo rero bakaba bari basanzwe bamenyerewe kuri urwo rutonde, inyuma yabo haza umugwizatunga Mike Adenuga wo mu gihugu ca Nigeriya, afise ikibanza ca 5 muri Afrika n’ ikibanza ca 267 ku gwego mpuzamakungu, n’ubutunzi bungana n’imiriyaridi 4,7 z’amadorari .

Maroc akaba arico gihugu conyene kiri kuri urwo rutonde muri Afrika mu bihugu bivuga ururimi rw’igifaransa giserukiwe na Othman Benjelloun aza ubugira 7 muri Afrika.

Umukenyezi wo muri Angola, Isabel Dos Santos afise imyaka 40 yarinjiye muri urwo rutonde muri uyu mwaka wa 2013, uyo mukobwa w’umukuru w’igihugu ca Angola akaba aza mu kibanza ca 736 ku rwego mpuzamakungu, muri Afrika naho agira 13.

Uwo mukenyezi akaba ari uwa mbere muri Afrika. Uwundi yinjiye muri urwo rutonde ni Nathan Kirsh, umutama wo muri Swazillande afise imyaka 81.

Misiri akaba arico gihugu gifise abatunzi benshi kuko bashika kuri 7, batandatu muribo bakaba bava mu miryango ibiri izwi cane muri ico gihugu, iyo miryango akaba ari iy’aba Mansour n’aba Sawiris, hagakurikira Afrika y’epfo gifise 6 , Maroc gifise 3, ubwanyuma hakaza Nigeriya gifise 2.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.