IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ama sendika SYNAPA na CNTS aragabisha ko ashobora gusubira muri yegere (...)

Ama sendika SYNAPA na CNTS aragabisha ko ashobora gusubira muri yegere yegere

jeudi 25 Ndamukiza 2013

Mw’itangazo ayo mashirahamwe yateyeko umukono kuwa 23 Ndamukiza 2013,aragabisha ko ashobora gusubira guhagarika akazi kuva ku wa 29 Ndamukiza.

Bamenyesha ko umurwi w’ubuhinga wari washizweho kugire wige ibijanye n’ikori riva ku mishahara ya bakozi bo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu, ko batariko babikora uko bavyumvikanye.

Muri iryo tangazo,ibiro nshingwabikorwa vy’ayo mashirahamwe ,bivuga ko gushika kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 22 Ndamukiza 2013 igihe c’isaha y’icumi z’umuhingamo, itegeko ry’umushikiranganji rishira ahabona umushahara wabo ritari bwaje ahabona.

Hamwe abahurikiye muri ayo masendika bosubira muri yegere yegere,ryoba ribaye irya kabiri mu kwezi kumwe.Leta ngo irahagirira agahombo kanini iyo umukozi wese ayikorera ahagaritse akazi akaja muri yegere yegere,ariko ku baganga naho ,amagara y’abarwayi niyo ahasinzikarira kuruta.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.