Accueil > Imibano > Amabanga mato mato yo m’urukundo
Amabanga mato mato yo m’urukundo
samedi 19 Nzero 2013
Umuntu yogira gute kugira agume yiyumvamwo uwo akunda? Umuntu yoguma akunda umukunzi wiwe gute naho hoba haheze igihe kinini batari kumwe?Ibi ni ibibazo abantu bakunda kwibaza ariko bigoye kuronkera inyishu.
Kubwa Richard E.Lucas na bagenziwe bo mw’ishuri kaminuza y’i Michigan umunezero umuntu agira inyuma yo kwubaka urugo umara imyaka itarenga ibiri. Inyuma y’amezi 24 rero abantu baca bagaruka ku rugero rwabo rwa mbere ari urwo umunezero canke umubabaro.
Kubwa Docteur Sonya Lyubormisky umwigisha w’ivyigwa vy’inyifato kw’ishuri kaminuza ry’i Californie,yemeza ko kwiyumvamwo umuntu bimara akanya gato. Mu gitabo ciwe gishasha "Les mytes du bonheur" asigura ko umuntu yama yisunga ibintu vyiza gusa.
Twama rero twisunga ibintu bituma twumva tumerewe neza ivyo rero kandi ngo bikaba bituma ubuzima hagati y’abantu babiri buhagarara.Abize ivyigwa vy’inyifato ivyo bavyita "l’adaptation hedonique" bisigura ko ibintu bitanga umunezero ntibimara umwanya munini.Kugira rero ibintu bitanga umunezero bimare umwanya munini Sonya aratanga ivyo umuntu yocako:
•Kwama umuntu yibuka igituma akunda umukunzi wiwe
Ibi bituma umuntu adafata uwundi nk’igikinisho ariko bigatuma agomba kwama agendera kuri ca kintu catuma amukunda.
•Gukorera ikintu cose umukunzi wawe ubanje kuciyumviriyako
Iyo ukoze ikintu ukagikorera umukunzi wawe utiyumviriye ushobora gusanga ukoze ikintu kimubabaza bigatuma umunezero umara umwanya muto.
•Gukorakora umukunzi wawe igihe cose uburyo bubonetse
Urashobora kumukorakora mu mugongo,ukamusunika n’ikiganza ugashira ukuboko ku bitugu vyiwe.Kubwa Docteur Lyubormisky ngo iyo ukorakora umuntu bituma ubumwe bwari bugiye gutakara bugaruka,rero ngo birakwiye ko wokorakora uwo ukunda ku neza y’urukundo.
•Gushigikira agaciro,intumbero n’indoto y’umukunzi wawe
Nezerwa kubwo umukunzi wawe ubishizemwo inyungu n’umunezero.Ku baba bakundanye bari mu munezero avuga ko hari imvugo zitanu nziza n’imiburiburi kw’ijambo rimwe rivuzwe nabi bisigura ko uvuze ijambo rimwe ribabaza umukunzi wawe uca uvuga atanu amuryohera. Ku baba batanezerewe ijambo rimwe ryiza rijana na rimwe ribi.
•Ubwa nyuma muganga Lyubormisky avuga ko umuntu yoza arandika ahantu uko igitondo kije ivyo vyose. naho vyoba bito vyotuma umukunzi wawe anezerwa
Aho rero ni udukorwa duto nko gusangira ijambo ry’Imana,kumutwengera ibi bikaba vyotuma abakundanye bibera mu munezero.
Mugisha Van Naris
Messages
5 Myandagaro 2018, 05:44, par Gilbert IRAKOZE
Murakoz kutugira inama nziza,gs harigih usanga umuntu nuyund bar kure nakure,nn vyogend gt ko muza murabonana ngwivyo mutubwiy tubikor mugih twob tutabonana kenshi
5 Myandagaro 2018, 05:49, par Gilbert IRAKOZE
Murakoze kutugira inama nziza,gs mfite akabazo,nn kwivy wobikor mugih ar gafi,mugih nah mub mur kure nakure vyogend gt?