Accueil > Amakuru > u Burundi > Amabarabara mashasha ku miduga minini
Amabarabara mashasha ku miduga minini
mercredi 12 Ruhuhuma 2014
Mu kurindirako ibarabara rya Bujumbura - Bugarama risubira gusanurwa, ubushikiranganji bw’ingenzi bwafashe ingingo ko imiduga minini minini yose yohindura inzira, kugira bikingire impanuka, kuva aho imvura y’isegenya yononeye ibitari bike.
Iryo barabara rero ryarononywe n’imvura yaguye kuri uyu wa 9 Ruhuhuma, ubu ntamiduga minini yoshobora kuricako. Imiduga minini minini ija mu ntara ya Kayanza, izohora ica mu Rwegura - Rugombo - Nyamitanga - Bujumbura. Nayo iyo mu ntara ya Gitega, izoca Songa - Mwaro - Nyakararo - Jenda - Bujumbura. Iryo barabara rya Bujumbura - Bugarama, ubu rikaba ryugururiwe imiduga mito mito gusa.
Abasanzwe rero bakoresha imiduga mini iremereye, bakaba basabwa kubahiriza iyo ngingo. Ni mfatakibanza, kuko iryo barabara ritegerezwa kubanza gusanurwa imbere y’uko iyo miduga isubira kuhaca. Abajejwe gucungera uruja n’uruza bakaba basabwa gushira mu ngiro iyo ngingo.
Aristide Nizigire
Messages
13 Ruhuhuma 2014, 13:35, par schaaaaa
nibubak nayandi mabara bara kk nayahandi ntakint ntaya bagiz ayifatakibanz bakwiye guca nayonyene bayuka kk arafise akamaro kanini