IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amabarabara yasenyuwe n’ikiza c’imvura agiye gusanurwa

Amabarabara yasenyuwe n’ikiza c’imvura agiye gusanurwa

jeudi 6 Ntwarante 2014

Intumwa zidasanzwe z’ibanki y’iterambere ry’Afrika BAD (Banque Africaine de Developpement) zarerekanye ibisata bigiye gushigikirwa mu Burundi ihihe bakirwa n’ivyegera bibiri vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi.

Icegera ca kabiri c’umuluru w’igihugu, Gerevazi Rufyikiri akaba yamenyesheje ko intumbero y’urwo rugendo, ari ukugenzura ingene ibikorwa vy’ibanki y’iterambere rya Afrika biriko biragenda mu karere k’ Afrika na hano mu Burundi, mu kiringo c’amezi abiri.

Izo ntumwa zidasanzwe z’ibanki y’iterambere y’Afrika zikaba zamenyesheje kandi Reta y’Uburundi ko, BAD igiye kwongereza inguvu mu gufasha gusanura amabarabara yononekaye, na cane cane ayasenyuwe n’ikiza c’imvura giherutse kurwa kikonona ibitari bike hano mu Burundi. Izo ntumwa kandi zarongeye ziremera ko n’igisata c’umuyagankuba basanzwe mbere banafashamwo mu Burundi, kizorushirizwaho gutezwa imbere.

Mwomenya ko mU mubonano izo ntumwa za BAD zari zagiriraniye na Gaburiyeri Ntisezerana arongoye inama nkenguzamateka, zemeye ko abakenguzamateka bagiye kuzoronswa inyigisho zo kubongerereza ubumenyi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.