Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amaberebere ni ntasubirizwa ku mwana atarakwiza amezi atandatu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Amaberebere ni ntasubirizwa ku mwana atarakwiza amezi atandatu

Amaberebere ni ntasubirizwa ku mwana atarakwiza amezi atandatu

jeudi 8 Gitugutu 2015, par egide

Abavyeyi bategerezwa kwonsa umwana, na cane cane mu mezi atandatu ya mbere ata kindi kintu na kimwe bamuhaye. Iyo umwana atagize amahirwe yo kwonka neza, ntakura neza kuko ashobora kurwara indwara nyinshi zitandukanye. N’™ubwenge bwiwe ntibuba bukwiye nk’uko vyategerezwa.

Muganga Piyo Nibirantije, asanzwe avura ingwara z’abana yibutsa ko amaberebere afise akamaro ntangere.

Arikwije kuko afise imfungurwa zose

Mu maberebere harimwo ibintu bituma umwana akingirwa indwara, hakabamwo n’™amavitamine y’€™ubwoko bwose, ibinure biri ku rugero rukwiye, ivyunyunyu bita €œfer na €œcalcium, hamwe n’€™ibindi. Muganga Piyo Nibirantije amenyesha ko amaberebere ata micafu arimwo, ntakanye kandi ntashuhe, kubera ivyo akaba ariyo ahuriranye n’umushishito w’€™umwana.

Umuvyeyi rero ategerezwa kwonsa umwana cane cane mu mezi 6 ya mbere ata kindi kintu na kimwe amuhaye kuko insogi ziwe zitaba zirashobora guhingura izindi mfungurwa atari amaberebere. Iyo umwana atagize amahirwe yo kwonka neza, ntakura neza kuko aca aza ararwara indwara nyinshi nk’€™indwara z’€™amara, izo mu mahaha, izo mu nsogi, ukuziranirwa ivyo bita œallergies canke €œinfections€ .
Arashobora kurwara kandi indwara zo gucibwamwo canke zo kugumirwa.

Umwana atagize amahirwe y’ukwonka ashobora kandi kugira ubwenge budakwiye, ariko iyo agize amahirwe yo kwonka gushika ku rugero rushimishije, bituma aduga ibiro ningoga, akaguma izosi hakiri kare, ntaba akirwaye naza ndwara zituruka ku kutonka neza.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.