Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amafaranga n’afashe abagowe ariko ntabe ikigigwamana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Amafaranga n’afashe abagowe ariko ntabe ikigigwamana

Amafaranga n’afashe abagowe ariko ntabe ikigigwamana

jeudi 16 Rusama 2013

Papa Fransisiko yasavye ko amafaranga atogirwa ikigirwamana. Ivyo yabivuze igihe yariko aravugana n’umurwi mutoya w’abaserukira ibihugu vyabo baherutse kurungikwa gukorera i Vaticano.

Mw’ ijambo ryiwe rya mbere ku ngorane z’ubutunzi zugarije isi muri iki gihe, yavuze ko ubuzima busigaye bugoye cane haba mu bihugu bitunze co kimwe no mu bihugu bikenye.

Yavuze ati: "Amafaranga agenewe gufasha, ariko ntabe ariyo ategeka".
Mu majambo afatiye kuri Bibiliya, Papa Fransisiko yavuze ko gusenga umutavu w’inzahabu mu vya kera vyahindutse mw’isura nshasha itagira umutima yokugira amafaranga ikigirwamana kw’ubu hamwe n’umukazo w’ubutunzi budafise intumbero n’imwe y’ukwitaho umuntu.

Papa yongeye avuga ko ubukene buguma bwigaragaza kuruta, abantu bakaba uko bukeye uko bwije ariko bibagora kubaho.

Papa Francisiko asanzwe azwi kuba akorera cane mu bakene mu gihugu ciwe c’amavukiro ca Argentine, yashize ikibazo co kwitaho abakene mu ngendo nyamukuru izoranga ikiringo ciwe c’umukuru wa Ekleziya katokika.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.