Accueil > Amakuru > u Burundi > Amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2014 ari mu vyizwe mu nama (...)
Amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2014 ari mu vyizwe mu nama nshikiranganji
samedi 30 Munyonyo 2013
Abagize Reta y’Uburundi Reta y’Uburundi barize integuro zimwe zimwe nk’iyijanye n’amafaranga Reta izokoresha muri uyu mwaka uza w’2014, ibijanye n’itege ko ryogenga abahoze ku rugamba, mu gisata c’indero naho bakaba baravuganye ibijanye n’agafanyo gahabwa abanyeshure bo mu makaminuza ya Reta n’ayigenga n’ibindi.
Muri iyo nama nshikiranganji yamaze iminsi ibiri kuva ku wa 26 gushika ku wa 27, irongowe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, abashikiranganji baratoye bongera baremeza integuro y’amafaranga azokoreshwa mu mwaka w’2014, ayo nayo akaba angana n’1.317.642.211.334 y’amafaranga y’amarundi. Kuri ayo yemejwe n’inama nshikiranganji, hakaba hiyonngereyeko amafaranga angana n’0.2 kw’ijana ugereranije n’amafaranga Uburundi bwakoresheje mu mwaka uheze, nk’uko vyashikirijwe n’umuvugizi wa Reta y’Uburundi Firipo Nzobonariba, mu cegeranyo cashizwe ahabona. Ikindi n’aco twobamenyesha akaba ari ukwo, ivyankenerwa na Reta, vyiyongereyeko ibice bingana n’1.5 kw’ijana uyu mwaka w’2014.
Ku bijanye n’amategeko agiye kugenga abahoze ku rugamba, umushikiranganji wo kwivuna abansi n’ugukurikirana abahoze ari abarwanyi General Major Pontien Gaciyubwenge, yamenyesheje ko amategeko agenga abahoze ari abarwanyi yaheruka kwigwa kw’igenekerezo rya 18 Nyakanga uyu mwaka nk’integuro y’itegeko, ubu rero iyo nteguro ikaba yaremejwe mu nama nshikiranganji. Kuri ivyo vy’abahoze ku rugamba nyene, hakaba harizwe n’uburyo abahoze ari abarwanyi boheza bagakurikiranwa. Ivyo bikababizofasha kubakurikirana kuko hari bamwe bakurikiranwa n’ubushikiranganji bwo gufatana mu nda, n’bandi usanga bafashwa n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi. Ukwo gufasha abo bahoze kurugamba, bafashwa n’ubushikiranganji bubiri butandukanye, bikaba bitera bamwe ibibazo bitandukanye. Iyo nteguro rero ikaba izofasha bose kuronka aho bahurira, bagakurikiranirwa hamwe, ntihagire abidoga ko hoba harimmwo nyagupfa na nyagukira.
Iyindi nteguro yizwe mu nama nshikiranganji akaba ari ibijanye n’agafashanyo gatangwa ku banyeshure biga muri za kaminuza zitandukanye haba iza Reta n’izigenga. Umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi, akaba avuga ko mu nama z’abafasha Uburundi, bama bariko barasaba ko ako gafashanyo ko kurwaho buhorobuhoro, mu gihe igihugu c’Uburundi arico conyene gihugu kiri munsi ya Sahara, kigiha ako gafashanyo k’amafaranga abanyeshure bo muri za kaminuza.
Aristide Nizigire
Messages
1er Kigarama 2013, 21:07, par Evariste Nibaruta
ikibazo cama gereve mugisata c’indero barabe ukuntu cosezeregwa mubijanye no kunganisha imishahara.
4 Kigarama 2013, 10:35, par mbazumutima Egide
Ivyo arivyo vyose ngira ntawemera ubuki ategeka leta ngira yarashizemwo ya mafaranga yo gukosora ubusumbasumbane bw’imishahara mu bakozi ba leta