IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amafaranga y’amanyaburaya imiriyaridi 30 yemewe na TICAD VI

Amafaranga y’amanyaburaya imiriyaridi 30 yemewe na TICAD VI

lundi 29 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Inama mpuzamakungu kw’iterambere rya Afrika igira gatandatu (Conférence Internationale sur le Développement de l’Afrique TICAD VI) yariko ibera mu gisagara ca Nairobi muri Kenya yasozerewe kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 28 Myandagaro.

Iyo nama yari yahuze abakuru ibihugu 32 vyo muri Afrika, hamwe n’uwaserukiye igihugu c’Ubuyapani, rikaba ryabaye irya mbere iyo nama ibereye ku butaka bwa Afrika.

Iyo nama yari yuguruwe icese n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe, hakaba hihwejwe ibibazo vyashizwe imbere bijanye n’ubutunzi muri Afrika, amagara y’abantu, hamwe n’ugukomeza ibijanye n’imibano. Abari muri iyo nama basabwe gukora ibishoboka vyose kugira Afrika itere imbere, ubuzi buboneke, umutetekano ukomezwe, hamwe n’ukwitaho igisata c’uburimyi.

Amafaranga agera ku miriyaridi 30 y’amanyaburaya akaba ariyo Ubuyapani bwemeye gutanga mu bihugu vya Afrika, mu mwaka w’2018.

Uburundi bwari bwaserukiwe muri iyo nama na Joseph BUTORE, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, akaba yamenyeshehe mw’ijambo yashikirije ko umutekano n’amahoro vyifashe neza mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • ndashimye iyonama yabereye kenya ikaba yarashizimbere uburimyi nanje ndumurimyi ariko sindonka vyankenerwa noronka vyabkenerwa noronka 1200tones ahantu ndimira ariko sindaharima hose kubura uburyo nkeneye uwo twokorana aderes/site web/www.cps-burundi.org nkorera kayanza nangozi twogira uburimyi moderene muburundi nibibazo vyogabanuka kuko uburimyi burimwo akazi kenshi kubize nabatize namakori nuguha agaciro ifaranga ryigihugu

  • ndashimye iyonama yabereye kenya ikaba yarashizimbere uburimyi nanje ndumurimyi ariko sindonka vyankenerwa noronka vyabkenerwa noronka 1200tones ahantu ndimira ariko sindaharima hose kubura uburyo nkeneye uwo twokorana aderes/site web/www.cps-burundi.org nkorera kayanza nangozi twogira uburimyi moderene muburundi nibibazo vyogabanuka kuko uburimyi burimwo akazi kenshi kubize nabatize namakori nuguha agaciro ifaranga ryigihugu

  • izina siryo muntu ndahebuye!!!
    uyo butore avuga ngo amahoro ni yose mu burundi mugih abavyeyi birirwa barahekurwa we ivyo avuga araz ivyo arivyo kweri???
    azoshima k amahoro ari yose umunsi yasanz abiwabo bose babamaz nayo ico kiza kidibamy ikiriri ntigitora ntaw kigera umutwe nubwo mub muvuy mu nama kirakwihinduka

  • @ Ndadaye, uri mujeri ikwiye nezaneza.
    Uti akazikawe nuguhungabanya umutekano? Biciye bikubabaza kuburiko urabona muburundi umutekano ukomeza kwiyongera? Ndakwumvise nsanze uhujeneza nabaherutse kumpamagara bambarirango’ turakwiye kugira icodukoze ngocanecane ngotwebwe abarundi babahanze ngokuko turetse umutekano ugakomeza guterimbere mu Burundi ngonkuko mubibona ngonavyabihugu vyarivyadufashe mumugongo bigafatira ibihano uburundi ngo bizoca bibikura, ngorero ngonugire icutanze ngokugira turondere uwitanga akagira icakoze mu Burundi /kwica nicoyashaka kumbarira ngokuko iyobishe umuntu ngonivyo vyotuma hagumaho ibihano vyafatiwe uburundi. Nicogituma abantunkaba biyise ngoni NDADAYE mwumvise aho icegera cumukuru wigihugu ca 2 avuzeko mu Burundi haramahoro aciye yitanganyika avuga kwatayahari burya abobatse amahera bababwira kwarayoguhungabanya umutekano muburundi/kwica kobohava bamuhamagara bamubaza ngo’ nonekotwatanze amahera yokugira mukomeze nguhungabanya umutekano mu Burundi ngokohavuzwe ko hari Amahoro? Icokibazo rero uwoyiyise NDADAYE mukucishura azovuga ngo: ntimuziko bariyabagabo babesha ngomu Burundi haramahoro? Ngorerotura bamenyesheje kodumeje kuhahungabanya umutekano, ngomumisimike iheze ntamuntu mwumvise abahungubacu bishe muri Bururi?....... Acarangiriza avuga ngo mwarabonye ngokonabishwishuje mvuga ko muburundi atamahoro ahari atimurazosoma kukinyamakuru igihe.bi muzosanga nakoresheje izina rya NDADAYE.

  • None ko nabonye abayobozi bose ariho bari bari harimwo na Président w’u Rwanda,mbabwira burimunsi ko nta bategetsi tugira,bazi kwica gusa

  • ndadaye urabesha kwri uburundi buragendwa twebwe niho Turin abanyagihugu ntaco dupfa abicana kubwivyo bapfa ntibobura murazikwabantu bapfa vyinshi ariko muvyukuri abanyagihugu tubanye neza ntawushamiranyea nuwundi.

  • Ariko Nkurunziza ahunga iki ko mu Rwanda yabeshyeye umutekano, muri Kenya ahatinya iki?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.