Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amafaranga yatumye abubakanye bahukana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Amafaranga yatumye abubakanye bahukana

Amafaranga yatumye abubakanye bahukana

lundi 24 Kigarama 2012

Hari umugabo n ;umugore batashatse ko tubavuga amazina bari bamaze imyaka ibiri basezeranye kubana akaramata bafashe ingingo yo gutandukana kubera amafaranga.

Umugabo yavuze ko impamvu nyamukuru itumye bafata ingingo yo guhagarika umugambi wabo wo kubakana n’umugore wiwe ari amafaranga. Yagize ati ‘’ Iyo ndonse amafaranga tuganira neza akanyubaha ariko ndayabuze andaba irarirabi ntampe icubahiro gihabwa umugabo mu Rugo’’. Ariko umugore wewe siko abibona kuko wewe avuga ko umugabo amafaranga ayafise ahubwo ko ayajana mu bandi bagore ntayazane mu Rugo.

Abandanya avuga ko naho umugabo wiwe ata kazi afise gakomeye, ko ashobora kuronka amafaranga yo gutunga umuryango mu gihe yoyakoresha neza canke naho agahora ayazanira umugore wiwe akaba ariwe arakoresha akayacungera.

Ngo umugabo wiwe ntaheruka kuzana n’igiceri na kimwe mu Rugo kandi iminsi yose mu gitondo yama avuka ko agiye kukazi ariko ukamenga ntahembwa. Ngo ntikibuza ko ataha yaborewe iminsi yose anuka inzoga canke yataye n’ubwenga. Umugore amubajuje iyo akura amafaranga yo kuja mu bunywero, ngo yishura ko ari abagenzi biwe bama bamugurira ivyo kunywa arico giyuma ata na rimwe ajana n’umugore wiwe.
Bamze igihe bataganira kuko baguma bashwana, baciye bafata ingingo yo kuja muri sentare gusaba ko botandukana bakahukana.

Ibi bituma umuntu yibaza nimba koko amafaranga n’urukundo bifitaniye isano kuburyo aho amafaranga atari urukundo narwo ruhahunga.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.