Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amafaranga, yoba ari urufunguruzo rw’umunezero - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Impanuro > Amafaranga, yoba ari urufunguruzo rw’umunezero

Amafaranga, yoba ari urufunguruzo rw’umunezero

lundi 13 Rusama 2013

Amahera ni kimwe mu bituma abantu babaho. Hari abavuga ko amahera atazana umunezero ariko ari mu bituma haba umunezero.

Ni uko gusa kiguma ari ikibazo nyamukuru kidatorerwa inyishu ikwiye. Ico kibazo naco benshi bibabaza kikaba ari iki: Ni igiki codutuma tuba m’umunezero ukwiye?
Abahinga baragerageje kurondera inyishu yico kibazo camaho, benshi badasiba kwibaza.

Nk’uko umurongo ngurukanabumenyi “Mirror.com ubitumenyesha, abo bahinga baragize itohoza ku bantu bagera ku 2000 bari hagati y’imyaka 18 na 65 kugira bamenye ibintu bituma banezerwa mu mibereho yabo ya minsi yose.

Ico bashoboye gushikako: baratondekesheje inyishu 50 y’ibintu bituma banezerwa, abakozweko itohozwa bagiye baratanga. Mu nyishu bagiye baratanga, basanzeyo ibintu vy’imibereho ya minsi yose bitandukanye. Aha twovuga: “Gutegura urubanza rutari rwitezwe”,ni inyishu iza mu kibanza ca 48, “gushinga umuryango”(ikibanza ca 30), “kwiga ururimi rushasha”(ikibanza ca 16) canke kandi “kwitanga ugaha umwanya wawe, umuryango na bagenzi”(ikibanza ca 11).

Umuntu yoca yibaza, ni ikihe kintu kiza mu kibanza ca mbere gituma haba umunezero? Muri kino gihe, kumara ukwezi kwose utararonka agashahara, ni ikintu kigoye kwihanganira ku bantu batari bake. Muri ico gihe, kugira umuntu ashike k’umunezero, ni ukubanza kwigiza hirya ico kibazo co kuronka amafaranga.

M’ubushakashatsi bwakozwe, kureka kwiganyira ku vyerekeranye no kuronka amafaranga, coba ari ikintu ca mbere gituma haba umunezero m’ubuzima. Kuva aho, umugani uvuga ko “amahera atazana umunezero”, ntiwasubiriye kandi gutohozwa.

Ku bintu 50 vyavuzwe n’abagizweko itohozwa, vyinshi biri mu bintu bisanzwe bikorwa mu mibereho ya minsi yose bijanye n’iterambere rya buri muntu atari ku bintu dufise.
Ivyo n’ivyasiguwe n’umuvugizi w’abagize iryo tohozwa kuri Mirror.

Agahanura kuja mu bintu bitadusaba imyiteguro myinshi, kurusha gutegura umugambi udusaba kurondera amafaranga.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.