Accueil > Ukwemera > Amafungo "Ramadan", umugenzo udasanzwe mw’idini rya Islamu
Amafungo "Ramadan", umugenzo udasanzwe mw’idini rya Islamu
lundi 30 Ruheshi 2014
Ku miriyoni zirenga 10 z’abarundi, abaharurwa ku bice 60 kw’ijana ni abasengera mw’idini rya katorika. Ibice 30 kw’ijana ni abemera Imana mu bundi buryo butandukanye, hamwe n’ibice 10 kw’ijana vy’aba islamu bagera ku 1288000.
Ayo madini yose agira imigenzo n’amabwirizwa ategerezwa gukurikiza. Mw’idini rya islamu, kugira amafungo akaba ari kimwe mu migenzo yubahwa cane.
Ukugira amafungo akaba ari umugenzo wama ukorwa uko umwaka utashe kubahurikiye mw’idini rya islamu mu ntumbero yo kwiyegereza gose Imana yabo « Allah ». Uko kwezi kw’amafungo kwitiriwe « Ramadan », ni uburyo bwashinzwe mw’idini rya islamu bwo kwibuka ibikorwa vy’intumwa Mahomed.
Mu kwezi kw’amafungo kwa Ramadan, abari mw’idini rya Islamu bahamagarirwa kwisonzesha no gusenga kugira barushirizeho kwegera Imana "Allah" kurusha uko bahora babikora. Intumbero y’uko kwisonzesha, akaba kandi ari ugukomeza ubumwe mu miryango mu gihe bariko barasangira ibifungurwa vyo ku mugoroba. Ibindi bikorwa navyo basabwe gukora, n’ugufasha abagowe no kwitaho abarwaye.
Mu Burundi, uwo mugenzo wo kwisonzesha urakurikizwa kubari mw’idini bose rya Islamu. Abari mu muryango w’aba islamu mu Burundi COMIBU, biciye ku murongozi wabo, basavye aba islamu bose bo mu Burundi kwifadikanya hamwe n’abandi mu kwisonzesha no gusenga.
Mwomenya ko ukwezi kwa Ramadan kwanshinzwe kugira kube ukwezi kwo kwisonzesha, uko kwezi kwo kwisonzesha kukavana n’igihe ukwezi guserukiye. Ivyo bikaba ari itegeko kumu islamu wese, yaba umugabo, yaba umugore canke umuyabaga.
Mariella Bukuru
Messages
5 Mukakaro 2015, 21:48, par HAMZA
MURADURA TWARAMAZE. KWEMERA MUGABO IMANI NI NTO. MURADUSABIRA YIYONGERE. IMANA IBARINDE AKABI.! ALIHAMDUR
5 Mukakaro 2015, 21:55, par HAMZA
MURAZA MURADUHA INYIGISHO MURAKOZE