Accueil > Amakuru > Poritike > Amagara ya Alassane Ouattara yifashe neza inyuma yo kubarwa
Amagara ya Alassane Ouattara yifashe neza inyuma yo kubarwa
lundi 10 Ruhuhuma 2014
Inyuma yo kubarwa umutsi wo mu ruti rw’umugongo, mu gihugu c’Ubufaransa, ubu amagara ya Alassane Ouattara, umukuru w’igihugu ca Cote d’Ivoire yifashe neza.
Mw’itangazo ryasohowe, ku munsi w’ejo kuw’Imana wa 9 Ruhuhuma 2014, ibiro vy’umukuru w’igihugu i Abujan muri Cote d’Ivoire, vyamenyesheje ko ibarwa ry’umutsi w’uruti rw’umugongo rwa Alassane Ouattara ryabereye mu gihugu c’Ubufaransa ryagenze neza, amagara yiwe akaba yifashe neza.
Umwe mubari mu muryango wa Alassane Ouattara naho atagize ico abivugako birebire, avuga ko igikorwa co kubaga Ouattara mu gihugu c’Ubufaransa kitabaye kirekire kuko basanze ataremvye cane. Muri kino gihe Alassane akaba akiri mu gihugu c’Ubufansa mukurindira ko iminsi y’akaruhuko bamutegetse ihera.
Twobibutsa ko Alassane Ouattara afise imyaka 72 y’amavuka akaba yatowe kurongora igihugu ca Cote d’Ivoire kuva mu kwezi kwa Kigarama 2010. Ubu akaba yari amaze kumenyesha ko agiye gusubira kwitoza kurongora igihugu, amatora akaba yitezwe mu kwezi kwa Gitugutu 2015.
Mariella Bukuru