Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amagara ya Nelson Mandela ageze aho umwansi ashaka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amagara ya Nelson Mandela ageze aho umwansi ashaka

Amagara ya Nelson Mandela ageze aho umwansi ashaka

lundi 18 Munyonyo 2013

Amagara y’uwahoze arongoye igihugu ca Afrika y’Epfo, Nelson Mandela ageze habi, Ubu akaba ageze ku rwego adashobora kuvuga nakanwa kiwe, mpaka akoresheje ibimenyetso vyo mu maso gusa.

Kuri uyu w’Imana, igenekerezo rya 17 Munyonyo 2013, uwahoze ari umukenyezi wa Nelson Mandela, Winnie Madikizela yamenyesheje mu kinyamakuru co muri Afrika y’Epfo ko amagara ya Mandela atifashe neza, kuko ubu atanagishobora no kuvuga, akoresha ibimenyetso vyo mu maso gusa, mu kwerekana ico ashaka. Madikizela avuga ko uwahoze ari umutambukanyi wiwe Nelson Mandela, atagishobora kwikoma canke ngo yihindukize ku bw’uturingotti tumufasha guhema twinjira mu mahaha duca mu kanwa. Avuga ko abaganga bamuhaye icizere ko Mandela azosubira kuvuga n’ubwo afise utwo turingoti tumuca mu kanwa.

N’ubwo bisa n’ukwo indwara y’amahaha yakize, amahaha yiwe ntarasubira kumera neza, Nelson Mandela abandanya avurirwa muhira iwe, aho ariko avurirwa n’abaganga bagera ku 22. Kubw’ayo mahaha yiwe atarasubira kumera neza nka mbere, abandanya yugaraniwe ahantu ata migera ica mu miyaga ishobora kumushikira n’ingonga. Muri ico cumba, bivurwa ko hacungerewe vy’akarorero.

Abaganga bavura Nelson Mandela bavuga ko izo ngorane zo mu mahaha Mandela yagize, zoba zaturutse ku ndwara y’igituntu yigeze kugira igihe yari mw’ibohero ry’izinga Robben Island, i Cap, aho yamaze imyaka 18 kuri 27 yamaze apfunzwe mu mabohero. Mwokwibuka ko uyo yahoze ari umukuru w’igihugu wa mbere w’umwirabure arongoye Afrika y’Epfo ariko avurirwa mu hira kuva kw’igenekerezo rya 1 Nyakanga uyu mwaka nyene, inyuma yo gusohoka ibitaro yaramazemwo amazi atatu.


Mariella Bukuru

Messages

  • Ntago amagara ya Mandera ageze ahomwanzi ashaka! ahubwo mugemwiga kuvuga kuko niko ibyanditswe bivuga. ijambo ryimana .rivugako twese tuzaca murupfu. buriwese akabazwa ibye. ndizerako yakoze ibyogukiranuka

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.