Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amagara ya Nelson Mandela yifashe neza muri kino gihe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Amagara ya Nelson Mandela yifashe neza muri kino gihe

Amagara ya Nelson Mandela yifashe neza muri kino gihe

samedi 10 Myandagaro 2013

Uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Afrika y’epfo Nelson Mandela yaratanguye ukwezi kugira 3 ari mu bitaro guhera kuri uyu wa 8 Myandagaro. Amagara yiwe agenda amera neza. Ubu arahema neza nkuko bivugwa n’uwahoze ari umutambukanyi wiwe, Winnie Madikizela Mandela.

Ni ubwa mbere Nelson Mandela amaze igihe kinini mu bitaro kuva avuye mw’ibohero mu mwaka w’1990. Ku musi wa kane igenekerezo rya 8 Myandagaro, intwari mu kurwanya ikumirwa rifatiye ku rukoba yakwije amezi 3 ari mu bitaro i Pretoria.
Kubwa Winnie Mandela, Nelson Mandela ntiyigeze na rimwe afashwa n’ivyuma mu guhema atari ubu honyene. Abaganga bakaba baravyifashemwo neza none ubu akaba ahema neza.

Abantu benshi bari bamaze gushira mu mitwe urupfu rwiwe kandi atapfuye. Winnie Mandela akaba anegura mwene abo bantu kuko amenyesha ko vyababaza umuryango wiwe mu gihe bariko bumva abantu bategura amaziko y’umuntu atarapfa.

Mwomenyako kuva Nelson Mandela ajanwa mu bitaro kw’igenekerezo rya 8 Ruheshi biturutse ku ndwara y’amahaha, ubutumwa bwo kubashigikira bwaguma bucanacanako nkuko umuryango wiwe ubumenyesha.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.