Accueil > Kwidagadura > Amadorari menshi yemerewe Diamond niyaheba umukunzi wiwe
Amadorari menshi yemerewe Diamond niyaheba umukunzi wiwe
jeudi 8 Nzero 2015
Umuririmvyi aturuka mu gihugu ca Tanzaniya, Diamond yasabwe guheba umugore bari bamaze igihe bagendana vyongeye akazohabwa n’amahera angana n’amadorari ibihumbi 40
Haraciye igihe kitari gito, umuririmvyi Diamond ari mu rukundo n’umugore yitwa Zari afise abana batatu aturuka mu gihugu ca Uganda. Mugabo urwo rukundo rwabo ntirubonwa neza na se w’abo w’abana ba zari, King Lawrence, nk’uko amakuru ava muri Uganda abivuga. Uwo mugabo nawe, yahora akundana n’umuririmvyikazi Juliane Kanyomozi wo mu gihugu nyene ca Uganda, akavuga ko asavye umuririmvyi Diamond guheba Zari kugira arere abana biwe hama ko azomuha amahera angana n’amadorari ibihumbi 40. Arongera akavuga ko ubu Zari yirirwa inyuma ya Diamond bazuguruka hirya no hino muri Afrika akibagira kurera abana biwe.
Uwo mugabo yarongeye afata amafoto ari kumwe n’umuhungu wa Zari ayashira ku rubuga rwa Facebook, mbere aravuga ko nyina yataye umwana wiwe ku musi w’isabukuru yiwe ngo ariko yirirwa arazunguruka hirya no hino muri Afrika. Ivyo bikaba vyatumyeZzari ashavura mbere batangura guterana amajambo ku rubuga rwa facebook, aho uwo mugore yanditse avuga ko uwari atwaye umwana wiwe ari umushoferi, akazi kiwe atari kufata amafoto mugabo ari gutwara umwana wiwe kw’ishuri.
Imishamirano hagati ya Zari na se w’abo w’abana biwe babicishije ku rubuga rwa facebook ntivyagarukiye aho kubera Lawrence yaciye amushiramwo na Diamond aho yanditse amusaba ko yoheba Zari hama akamuha amahera angana n’amadorari ibihumbi 40.
Tubibutse ko Diamond yahora akundanye na Wema Sepetu,umukinyi w’amareresi wo mu gihugu ca Tanzania imbere yo gufatana na Zari.
Lorene Nubwabo
Messages
10 Mukakaro 2016, 06:04, par Nkunzimana Vital
Jewe Kubwanje Mbona Boguma Baguma Bakundana .
24 Ruhuhuma 2017, 11:15, par Vital
Ahubwonibabarekebikundanire Kuko Umuntu Akunda Awashaka Uwomugabo Wuwomugore Nafate Ayomaherayemereye Diamond Ayafashishe Abobanabiwe Hako Ayagura Uwomugore Iconomuhanura Naronde Uwundi Areke Zari Yikundanirena Diamond,diamod Ntugire Ubwoba Yari Vital Batazira Babu Sogo Nyibutsa
7 Rusama 2017, 20:13, par Niyibitanga Shadarac
Iciyumviro Canje Nuko Diamond Bomureka Akigumanira Nuwo Yashimwe
11 Ndamukiza 2018, 08:21, par Tuyisenge Fulaha
Mu Rukund Ntagahato Kajamw Nibamurek Diamond Yigumanire Na Zari
24 Mukakaro 2018, 17:21, par Vital Batazira Wasafi
Jewe Ico Nobona Kubera Zari Yarasanzwe Ari Umugore Wuwundi Mbond Diamond Yomureka Agakund Wema Supeth Nakare Mbona Anamusumvya Ubwiza Nanj Maz Kumva Yomuheb Naciye Ndema Kuko Nsanzwe Ndinumufanzi Wa Diamond Kuva Nkimwumva Kumdirimb Ivuga Ati.Muchawi Nawanga