Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amajambo yabaye inyishu ya pape mushasha Jorge Mario Bergoglio - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Amajambo yabaye inyishu ya pape mushasha Jorge Mario Bergoglio

Amajambo yabaye inyishu ya pape mushasha Jorge Mario Bergoglio

jeudi 28 Ntwarante 2013

« Ndi umunyabicumuro mukuru,niteze ikigongwe n’ukwihangana kw’Imana,mu mubabaro,ndemeye » :ayo majambo yabaye inyishu ya cardinale Jorge Bergoglio mugihe bari mumatora yiwe agenga ubupapa,bikaba vyasubiwemwo igekerezo rya 27 Ntwarante n’ikigo kidasanzwe c’ i Vatikano I-MEDIA.

Ico gice co kuva igenekerezo rya 13 Ntwarante,umunsi wa kabiri ariwo wanyuma w’amatora mugasengero kitiriwe Sixtine,vyagaragajwe neza na patiri mukuru wa Basilique Petero Mweranda,cardinal Angelo Comastri yari mu matora y’umupapa, mukiganiro categuwe na CTV (Centre télévisé du Vatican) nk’ireresi kizosohoka biciye muco bita « DVD »,igenekerezo rya 2 Ndamukiza mubutaliyano.

Amasanamu ya mbere y’iyo reresi afise iminotona 50 yaramaze kwerakanwa k’umugaragaro kubanditsi n’abamenyeshamakuru mubikorwa vyo kuyerekana vyari vyateguwe kuri uyu wa gatatu :biciye mu buryo bwo mukirere n’umwotsi wera wasohotse uva mucotero c’agasengero kitiriwe Sixtine,igenekerezo rya 13 Ntwarante isaha imwe y’ijoro irengako iminota itandatu.

Iyo reresi mu gitaliyano, aho igice mu gifaransa categuwe kuzokwerekanwa, bikurikirane n’amasanamu y’igihe papa yasohoka ubwa mbere,papa Francois kuri loggia ya Basilique yitiriwe Petero Mweranda.Hakurikire ibihe bikomeye vy’ico gisata kizokwama cibukwa :indege yo mu bwoko bwa helicopiteri itwara Benoit wa XVI kuva i vaticano gushika Castel Gandolfo, Vaticano kuva muburuhuko bw’abasaseridoti ,munyuma kandi papa Francois asubira gufata ijambo imbere y’ingenzi zari zaje k’umugoroba w’amatora yiwe.

Iyo reresi iherana n’amasanamu yerekanwe ubu vuba na CTV : ayerekana ingene abo ba papa babiri (Benoit wa XVI na Francois) bahuye,igenekerezo rya 23 Ntwarante i Castel Gandolfo, aho aba papa bashikira mu ci i Roma.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.