Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amajambo yo kwirinda kubwira umuvyeyi ahejeje kwibaruka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Amajambo yo kwirinda kubwira umuvyeyi ahejeje kwibaruka

Amajambo yo kwirinda kubwira umuvyeyi ahejeje kwibaruka

jeudi 18 Mukakaro 2013

Mu migenzo yo kw’isi yose, iyo umuvyeyi yibarutse baramugendera, bakamwibarutsa, bakamwipfuriza kurwira, bakamukeza ko yasimvye imanga ariko rero ngo hari amajambo tudakwiye kumubwira igihe tumugendeye, nayo ni nk’aya :

1. Yooo akana kawe ni gato!!

Mu kibano, iyo umwana avutse avyibushe kenshi baca babona ko afise amagara meza. Ariko rero iyo umuntu yibarutse akana katavyibushe ucubona umenga nta magara gafise. Amajambo nk’ayo rimwe na rimwe arashobora gutuma umuvyeyi ashavura canke yihebura. Nimwihangane kubivugira impande yiwe.

2. Yooo ntuzokwonsa!!

Ukwonsa umwana ni ikintu umuntu ahitamwo. Abakenyezi benshi bibarutse usanga bumva umenga batawe impande y’ico kibazo gituma umuntu acagira ibibazo. Turazi akarorero nk’abakenyezi bagendana umugera wa sida hari igihe usanga batarekuriwe kwonsa umwana, ivyo bikabababaza kandi bikabatuma bahungabana muribo.

3. Uzosubira ku kazi ryari ?

Ivyo ni ibibazo dukunda kubwira abantu baba bibarutse na cane cane abo mukorana baje kukugendera, umuvyeyi ahejeje kwibaruka namwe muca mumucisha ku biti no ku mabuye mumubaza ryari azogarukira ku kazi. Nimutekane mumurekere akanya ko kuraba uwo mwana wiwe hama asubirane intege bukebuke.Ni nayo mpamvu hariho akanya ko kuruhuka ku bakenyezi bibarutse.

4. Wategerezwa kuryama igihe umwana wanyu aryamye

Mu bisanzwe nimwirinde impanuro zivyo umuvyeyi yotegerezwa gukora nivyo adategerejwe. Mu bisanzwe, umwe wese arazi ingene yifata igihe akayoya kavutse kandi ibibashobokera mwebwe bishobora kudashobokera uwundi. Nimureke yifatire ingingo,niwe ari umuvyeyi. Biri muvyo asanzwe ajejwe. Ivyo tubivuga kuko tuzi ko rimwe na rimwe usanga abakenyezi benshi baremerana, bavuga ivyo umwe yagize uwundi akubwira ivyiwe ukabura ivyo ufata nivyo ureka.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.