Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amakenga ni menshi ku duzwa ry’ibiciro vy’ibifungurwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Amakenga ni menshi ku duzwa ry’ibiciro vy’ibifungurwa

Amakenga ni menshi ku duzwa ry’ibiciro vy’ibifungurwa

mardi 2 Mukakaro 2013

Umusi mukuru wo kwikukira kw’Uburundi uhuriranye n’igenekerezo ry’ishirwa mu ngiro ry’ingingo yo gutangisha itagisi ku vyimburwa vya nkenerwa ku barundi vyari bimaze umwaka vyakuweko ayo matagisi. Muri ivyo biribwa bigiye gutangishwa itagisi twobabwira ibikenerwa cane n’abanyagihugu bato bato nk’imyumbati, ifu y’imyumbati, ibiyoba, ibiraya, ibiharage, amavuta, umuceri.

Léonidas Hatungimana, umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba yari yarabimenyesheje igihe yari mu kiganiro n’abandi bavugizi b’ibisata bigize akazi ka Leta, aho yasiguye ko abanyagihugu bakwiye kumenya ko ikori n’amatagisi bifasha mw’iterambere ry’igihugu.

Ariko rero n’aho biri ukwo, abanyagihugu babona ko iyo ngingo ije gusongera isibe ku bukene bwari busanzwe bwokora amatara bugata. Abo twashoboye kuganira ku musi w’ejo bariko bahimbaza ukwikukira kw’igihugu bamenyesheje ko bigiye kugorana cane mu gihe n’amikoro yabo adashemeye, bagasaba Leta ko yofata izindi ngingo mu ntumbero yo kurinda kigoyi abeneburundi.

Bisunze amakenga ko ibiciro vy’ibifungurwa vya nkenerwa vyoba bizoca biduzwa kubera ayo matagisi, abo banyagihugu babandanya bamenyesha ko batabona ingene bagiye gutunga imiryango yabo kuko n’imishahara baronka ari intica ntikize.

Tubibutse ko iyo ngingo yo gutangisha amatagisi ku vyimburwa vya nkenerwa ku banyagihugu igiye mu ngiro inyuma y’aho abahurikiye mu runani rw’abarwanya ubuzima buzimvye basabiye inama nshingamateka ko yovyitondera.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.