Accueil > Ubutunzi > Amakori agiye gutozwa ku nyungu, atari ku mutahe
Amakori agiye gutozwa ku nyungu, atari ku mutahe
samedi 26 Nzero 2013
Amakori agiye gutozwa k’unyungu zivuye ku mafaranga ashizwe mw’ibanki,atari k’umutahe.
Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 25 Nzero 2013,umushikiranganji w’ikigega ca Leta Tabu Abdallah Manirakiza yamenyesheje ko amakori agiye gutozwa ku nyungu zinjiye zivuye ku mafaranga azoba yabitswe mu mabanki.
Ivyo umushikirangaji yabimenyesheje inyuma y’aho hari ibihuha vyavuga ko ikori rizorihwa k’umutahe uzoba uri mu mabanki y’ubudandaji,vyatumye mbere bamwe mu bafise amafaranga mu mabanki batangura kuyakurayo.
Umushikiranganji Tabu Abdallah Manirakiza akaba yaratanze umuco kuri ivyo yongera atera ivyatsi iyo ngendo ya bamwe bamwe batanguye gukura amafaranga yabo mu mabanki,ibishobora gutuma ubutunzi bw’igihugu bwifata nabi.
Mugisha Van Naris
Messages
26 Nzero 2013, 01:15, par birababaje
Ariko birababaje ngo Tabu Abdallah uyo n,umurundi c,anke n,umunyamahanga munyumvire iryo zina ryiwe murakoze