IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amakosa y’abapolisi ava ku kutamenya agateka ka zina muntu

Amakosa y’abapolisi ava ku kutamenya agateka ka zina muntu

mercredi 5 Ruheshi 2013

Ubuyobozi bukuru bw’igipolisi c’Uburundi cashize ahabona kuri uno musi wa 3 igenekerezo rya 5 Ruheshi 2013 icegeranyo c’ivyavuye mu ngendo bagiye baragira mu gihugu hagati ku birindiro vy’igipolisi bitandukanye kuva kuwa 06 Rusama 2013 gushika kuwa 11 Rusama uwu mwaka nyene.

Ibikorwa vyo kugenzura ibikorwa vy’igipolisi ku birindiro vyabo kikaba cabaye mu ntumbero yo gusubira kwigisha akarangamutima k’uwo mwuga, kwirabira uburyo abo bapolisi babayeho hamwe no kwongereza ukwizerana hagati y’abanyagihugu n’ígipolisi c’Uburundi.

Nk’uko bishikirizwa n’umuyobozi mukuru mu gipolisi Andre Ndayambaje, muri izo ngendo barashimangiye cane ku nyifato ibereye igipolisi gikwiye kugira hamwe no kumenya igihe runaka kibereye ko umupolisi yokoresha inkoho. Kandi muri izo ngendo basanze ata nyubakwa zibereye abapolisi bafise bakoreramwo, ndetse ngo ntibaryama ahantu hameze neza.

Uwo muyobozi arashima kandi cane ibikorwa vy ‘abo bapolisi bakorera kuko ahanini biratuma abanyagihugu babizera cane. Muri izo ngendo nyene bagize vyaratumye bibonera n’uko hari abapolisi bari kure cane hagati mu gihugu bigatuma badakwirikiranwa uko bikwiye ku musi ku musi, ugasanga ntibaronka akanya ko kuza baributswa rimwe na rimwe akarangamutima k’uwo mwuga. Mu vyaha rero bikunda gukorwa n’abo bapolisi, vyinshi bitumwa n’ukutamenya ingingo ngenderwako z’agateka ka zina muntu, kutamenya umwuga, akaborerwe mu masaha y’akazi hamwe no kutamenya canke kwiyobagiza ayo mabwirizwa ngenderwako, ikindi naco ni igiturire gisabwa n’abari gutunganiriza abanyagihugu. Ibituma navyo abapolisi bakora amakosa bivuye ku banyagihugu ngo hariho akaborerwe, gutanga igiturire kuba polisi hamwe no gusotora izo nzego z’umutekano.

Ku vyerekeye ivyama bivurwa ko abapolisi bafise inyifato mbi ngo basanze atari inyifato rusangi ahubwo usanga ari ububegito bw’umuntu ku gatwe kiwe.
Kandi kuvyerekeye ko hari aboba bakora amakosa hama ntibahanwe ugasanga baca bajanwa gukorera ahandi, umuyobozi mukuru w’igipolisi André yamenyesheje ko ababa bakoze amakosa bama baca bashikirizwa inzego z’ubutungane.

Mu bigiye gukorwa ngo bagiye kwongereza ingendo zo hagati mu gihugu kugira bame bibutsa akarangamutima k’uwo mwuga, ikindi naco ngo ni utugorane tundi twagiye turibonekeza, akamenyesha ko bagiye gukora ibishoboka vyose dutorerwe inyishu, gutyo igipolisi c’Uburundi zizerwe kandi kirangwe n’indero


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.