Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Amamuko y’umusi bita "uwo kubesha"
Amamuko y’umusi bita "uwo kubesha"
mercredi 1er Ndamukiza 2015, par
Amatohoza yakozwe yerekana ko gushika mu mwaka w’1564, umwaka mushasha watangura igenekerezo rya mbere Ndamukiza. Muri uwo mwaka nyene, niho umwami Charles w’icenda yafata ingingo yo guhindura ikirangamisi, kugira umwaka uzokwame utangura igenekerezo rya mbere Nzero.
Abantu bacira batangura guhimbaza umwaka mushasha guhera kuwa mbere Nzero 1565, muguhana utuganuke nk’uko bitegerezwa ku musi mukuru.
Ariko rero, abantu benshi baragize ikibazo co kumenyera uwo musi w’ico kirangamisi gishasha, aho mbere hari n’abandi batigeze bamenya ko umusi wahindutse. Abo batabimenye canke abatavyibuka bagumye bahimbaza umwaka mushasha kuwa mbere Ndamukiza.
Mu ntumbero yo kwinuba abo bagihimbaza umwaka mushasha ku genekerezo rya kera, hari abaca batanga utuganuke tutari two canke two gutwenza, inkuru z’ububeshi canke zigamije gutwenza haba kubazibwiranye canke abazumvise ku nsamirizi, ku mboneshakure, eka mbere no mu bimenyeshamakuru.
Kuva ico gihe, uko umwaka utashe, abantu benshi, abakuze n’abato bafashe umugirwa wo gutera inkuru z’ububeshi, canke zitwenza, kw’igenekerezo rya mbere Ndamukiza, umusi nawo bahimbaza bakawita "Poisson d’Avril", vyosigurwa nka : "Ifi yo muri Ndamukiza."
Abatari bake bokwibaza igituma bahisemwo kuvuga ifi
Insiguro ya mbere, tuyikura mu gihugu c’Ubufaransa. Muri ico gihugu, mu ntango z’ukwezi kwa Ndamukiza, uburovyi bwari bubujijwe kuko cari ikiringo c’irondoka ry’amafi. Abantu rero barabesha abarovyi ko babahaye ifi ariko babahaye igishushanyo cayo. Uwuyihawe yibaza ko ari uy’ukuri, yaca atangara mu kuvuga ati :"Poisson d’avril ! Ifi yo muri Ndamukiza ! ".
Iyindi nsiguro, ariko ya vuba cane, ivuga ko ifi mu kwezi kwa Ndamukiza cari ikimenyetso c’ikarema, aho abantu baba barekuriwe gufungura ifi gusa. Mu ntango z’ikinjana ca mirongo ibiri, abantu benshi bararungikirana udukete ducafyeko udufi duto duto kugira bipfurizanye urukundo, ubugenzi n’umunezero.
Egide Nduwimana
Messages
2 Ndamukiza 2015, 04:39, par Raphaël
Nizere ko mutaduhenze narirya iyi nkuru muyishize ahabona kuri uwo munsi nyene w’ububeshi