Accueil > Amagara y’abantu > Amamuko y’umwe mu migera y’indwara ya marariya, watowe mu nkende zo muri (...)
Amamuko y’umwe mu migera y’indwara ya marariya, watowe mu nkende zo muri Afrika
jeudi 20 Ntwarante 2014
Abashakashatsi baturuka mu gihugu c’Ubufaransa baheruka gutora amamuko y’umugera w’indwara ya marariya witwa « plasmodium vivax », umugera ugira kabiri kw’isi w’iyo ndwara, inyuma y’uwitwa « plasmoduim falciparum ».
Amamuko y’umugera wa marariya witwa “plasmodium vivax”, watowe mu gihe gushika ubu, abashakashatsi banonosoye ku ndwara ya marariya bari bibaza ko amamuko y’uwo mugera w’indwara ya marariya woba uri mu mugabane za Aziya. Amamuko y’uwo mugera plasmodium vivax, ukaba watowe mu bushakashatsi buheruka gukorwa ku nkende zo muri Afrika.
Uko umwaka utashe, abantu barenga imiriyoni 18, baba cane cane mu mugabane wa Aziya no muri Amerika y’amaja Epfo nibo, bafatwa n’umugera w’indwara ya marariya « plasmodium vivax ». Gushika utorwe amamuko yawo, uwo mugera wibonekeza gusa ku nkende zo muri Aziya. Mu kinyamakuru « Nature Commmunication » akaba ariho abashakashatsi batangaza ko ari inkende nini nini zo muri Afrika, zanduje abantu umugera wa plasmodium vivax utera indwara ya marariya imbere y’uko, amagayi yayo akwiragira mu mugabane wa Aziya na Amerika gushika ubu.
Igisata cishinze kugira ubushashatsi n’iterambere, IRD (Institut de recherche et de Developpement) gisanzwe kigira naco nyene ubushashatsi ku ndwara ya marariya, kikaba gisigura naco nyene ko indwara ya marariya ifise amamuko muri Afrika ku bw’inkende zaho zagiye zirakwiragiza umugera uyitera hose.
Mwomenya ko abashakashatsi bavuga ko umugera utera indwara ya marariya wabonetse kw’isi, haraciye imyaka ishika ibihumbi 30 000, gushika ubu ukaba ukibandanya gukwiragira mu migabane yose yo kw’isi naho ubuhinga bwo kuyirwanya buguma butera imbere.
Mariella Bukuru
Messages
25 Ntwarante 2014, 08:17, par barupas
none iyo nkende ifise irihe zina (nom scientifique)?
25 Ntwarante 2014, 08:19, par barupas
none iyo nkende ifise izina ryitwa gutwe? ( nom scientifique)