Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amanota azofatirwa abakoze ikibazo giheza amashure yisumbuye buca (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Amanota azofatirwa abakoze ikibazo giheza amashure yisumbuye buca (...)

Amanota azofatirwa abakoze ikibazo giheza amashure yisumbuye buca amenyekana

samedi 27 Nyakanga 2014

Amanota azofatirwako mu kibazo ca Reta c’umwaka w’2014 azomenyekana kw’igenekerezo 24 Kigarama uyu mwaka nk’uko bishikirizwa n’umukuru w’umurwi wari ujejwe gutegura ico kibazo.

Nk’uko Sylvestre Batemba abimenyesha, amashure ataraza gutora impapuro zakoreweko n’abanyeshure bonyaruka, kugira abazobona hari aho barenganijwe bashobore kwitura uwo murwi ubatunganirize. Umukuru w’uyo murwi rero akavuga ko barindiriye abazobitura kugira barenganurwe hamwe vyogaragara ko barenganijwe, ariko bagasabwa kutarenza kuri uyu wa 27 Nyakanga.

Mukamenya ko bamwe mu banyeshure bahejeje amashure yisumbuye na cane cane abahejeje mu bisata vy’ubushakashatsi n’indome za none babona ko vyoba bitagenze neza amanota yo kubandanya muri kaminuza ya Reta atabonetse, bariko bararondera aho bashobora kugira inyigisho zo kwigisha mu mashure mato mato.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.