Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amanyanga ku gitero cabereye ku rugo rwa Gaston Sindimwo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Amanyanga ku gitero cabereye ku rugo rwa Gaston Sindimwo

Amanyanga ku gitero cabereye ku rugo rwa Gaston Sindimwo

lundi 7 Ndamukiza 2014

Amagerenade yatewe ku rugo rwa Gaston Sindimwo, yarafise ico agamije mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA, nk’uguta mu mvuto bamwe mu nararibonye z’uyo mugambwe mu ntumbero yo kwegurira UPRONA Gaston Sindimwo n’abakunzi biwe muri poritike.

Mu rwandiko ruherutse gushirwa ahabona n’umwe mu ba JRR barondewe na Gaston Sindimwo, inyuma yaho ahakirijwe kugandagurwa atewe amagerenade abiri mw’ijoro ryo ku wa 16 Ntwarante, rurerekana ko Gaston Sindimwo yaciye akoresha ico gitero yagizweko, mu ntumbero yo kwipfuza gushirisha mu mvuto abashingamateka nka Bernard Busokoza, Karori Nditije, Gasutwa Bonaventure, Gloriose Ntawe, Manwangari Jean Baptiste na bamwe mu barongoye umuhari wa JRR nk’umushingwamanza Patrick Nitegeka mu ntumbero yo kwikiza inararibonye z’uyo mugambwe, zivuga ko zidashobora kwemera ko UPRONA igendera mu kwaha kwa CNDD FDD.

Gaston Sindimwo

Felix Niyonkuru umu JRR yandika ko, ku wa 17 Ntwarante, yahamagawe na Gaston Sindimwo kw’iterefone, amumenyesha ko yaraye ahatswe kugandagurwa, ariko guca amusaba kuva i Ngozi aho yari, amaguru adakora hasi, kugira amwereke ico amufasha, maze nawe munyuma aze aheze amushimire mu ndwi zibiri gusa, mu kumugena mu mabanga y’ukuba umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bw’ubutare n’agataka, aho yaca asubirira uwitwa Tite Niyonzima, ndetse Sindimwo akamenyesha Felix Niyonkuru ko icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza azirabira umushikiranganji atwara Tito, mu ntumbero yo kunyarutsa ibintu.

Gaston Sindimwo yasavye Felix Niyonkuru umu JRR kuzemeza imbere y’abacamanza ko yaroye mu nama ku rugo rw’umushingamateka Busokoza Bernard yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, inama yategura ibijanye n’ukwica Gaston Sindimwo. Sindimwo akaba yabandanije ategeka uyo mu JRR, kuzemeza ko muri iyo nama yabera ku rugo kwa Busokoza, ko yasanzeyo abashingamateka Karori Nditije, Gasutwa Bonaventure, Manwangari Jean Baptiste, Gloriose Ntawe, Lionel Ninteretse na Thierry Bigirindavyi, bariko bategura uwo mugambi ugayitse wo kumwica, ivyo bimaze gutungana, nawe akazoheza akamushimira, mu kumuronsa akazi yari yaramusavye.

Felix Niyonkuru ariko ashikiriza ijambo

N’iterabwoba ryinshi, Gaston Sindimwo yasubiriye abarira Felix Niyonkuru ko umushikirizamanza w’i Ngozi ariko aramurondera, kandi ko ashobora no kutahakura agatwe. Akaba yamusavye ko kugira ashobore kuharokoka, ko abwirijwe kwemerera umushikirizamanza wa Repuburika i Ngozi ko yigeze kwumvana Thierry Bigirindavyi, umugambi wo kugandagura Gaston Sindimwo. Icatuma Thierry Bigirindavyi aronderwa rwose na Gaston Sindimwo, akaba ari uko uyo musore asanzwe ari incuti ya Busokoza Bernard. Gaston Sindimwo ati :’’Thierry Bigirindavyi amaze gupfungwa, ibisigaye azovyemezwa n’ibibando’’.

Felix Niyonkuru abandanya yandika ko amaze kuvugana na Gaston Sindimwo, inyuma y’iminota icumi gusa, yaciye ahamagarwa n’umushikirizamanza w’i Ngozi, aho yamubajije ibibazo 23, ariko ikibazo cagira 17, akaba yabajijwe mu bantu bamaze kuba ivyegera vy’umukuru w’igihugu kuva mu mwaka w’2010, uwoba ari incuti ya Thierry Bigirindavyi, aho, Felix Niyonkuru akaba yaciye yumva neza ko amashamba ashushe, ariko guca ahamagara Thierry Bigirindavyi kw’iterefone inyuma y’ukuvana n’uwo mushikirizamanza, amusaba kuyanyaga kuko yabona ko, uruhigi rw’abatavuga rumwe na Gaston Sindimwo muri UPRONA ishami rya Konsiriya Nibigira rwubutse.

Bernard Busokoza yahoze ari icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu

Ku wa 25 Ntwarante, Felix Niyonkuru avuga ko yabonanye na Gaston Sindimwo, amusanga aho akorera mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu. Sindimwo akaba yamusaba kumufasha ivyo bavuganye bijanye n’ukwambika ibara abo bashingamateka ba UPRONA, kugira nawe ace aronka ako kazi ko kuba umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bw’ubutare n’agataka. Nk’uko biri mu rwandiko rwa Felix Niyonkuru, Gaston Sindimwo yemereye Niyonkuru ko hamwe yokora neza, ivyo yamusavye, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza azoca avugana n’umushikiranganji arongoye Tito Niyonzima, kugira ace asubirirwa na Felix Niyonkuru, ivyo bikaba vyategerezwa gukorwa mu ndwi zibiri, kandi akaba atorinze n’ukwishuza.

Uwo mugambi wa Gaston Sindimwo rero nk’uko biri muri iryo kete, ukaba kwari ukwikiza abamubangamiye mw’itunganywa ry’umugambwe wa Rwagasore. Gaston Sindimwo yoba yipfuza ko ivyo bicocoro mu mugambwe UPRONA bimaze gutabwa mu mvuto, yoca atunganya ikoraniro kaminuza, bagashiraho abarongozi bashasha. Mukamenya ko bamwe mu badasigana ba UPRONA batahengeshanije kuvuga ko igitero co kwa Gaston Sindimwo cari gifise intumbero. Iyo nayo Felix Niyonkuru akaba yayishize ahabona, amenera agatabi uwari yamwemereye akazi.

JPEG - 2.7 Mo
Thierry Bigirindavyi yambaye ishati y’agahama
Karori Nditije avuga ko ariwe aramutswa umugambwe UPRONA
JPEG - 20.4 ko
Gasutwa Bonaventure arongoye umurwi w’abashingamateka ba UPRONA
JPEG - 119.9 ko
Manwangari Jean Baptiste

Aristide Nizigire

Messages

  • Mbega aba porona bazoheba isamaza ryari?ayo makuru siyo kuko bari bateguye kwica uwo SINDIMWO.Kandi wari umugambi wateguwe na BUSOKOZA,NDITIJE,etc..ahubwo nibatekereze uwo ubutungane buzokenera aze yishure.kuko niko bamye kwica womenga nivyo bize gusaaa!!!

  • Oya nawe Innocent urashikuje!!Harico ubiziko ko abo bantu aribo bateguye ivyo, niwandike ivyemezo ufise abarundi tumenye ukuri ufashe ubutungane wongere ubeshuze Uwo Felix ntuhagume igipfungu!Ariko biraboneka ko uwoguhamagara mu butungane ko ufise inkuru kuri kirya gitero!

  • Kuri wewe wiyita Ntunzwenimana Innocent,singutahuye neza.Hamwe uvuga uti ni bareke ubutungane bukore ahandi ukemeza ko ico gitero categuwe na Busokoza,Nditije,etc.Wewe ukwo kuri wakumenye gute ubutungane butaragushira ahabona?Canke nawe uri mubafatanije na Sindimwo kubitegura?Hari uwise umwana wiwe BIZOHINYUKA.Isazi nayo yimiye ku ruhome iti birame ntangare.Niryo rementanya ryanyu reka turitege amaso.

  • Aba DD muribigugu kweri. Ibuta,teza,bugendana,ruhuna ,muyinga ,gatumba,buside,isoko,etc abantu bari babaretse none nimwe mubandanya kurondera akajagari mudedereza abantu ,mwica abandi mwibohero mutayo nkuko mwebwe muraberanda ?abarundi bababonesha amaso babarindirye mwikorosi nayo goston siwe ari kukazi nako kazoherana na DD kuko sikera ncane

  • Gaston ntibamwitse kuko ntaco amariye ubantu, ahobwo nicico

  • none mbega prosper asigaye yitwa busokoza hama bernard akitwa bazombanza? subiramwo musome neza mumirongo yo hejuru murabe. biraboneka ko iyi nkuru ishobora kuba atar’iyukuri.

  • none mbega prosper asigaye yitwa busokoza hama bernard akitwa bazombanza? subiramwo musome neza mumirongo yo hejuru murabe. biraboneka ko iyi nkuru ishobora kuba atar’iyukuri.

  • Ahubwo murateye isoni,ivyo bitama vyaramenyereye guhungabanya igihugu cacu,ariko ubuho bizobagora,uyo thierry mbona niwe ashaka kumara abantu kugira ngwarunke akazi?uribesha sha.mbona arumu sans-echec yanukiwe ndakurahiye,ivyo vyose vyanditse mwiki kimenyeshamakuru IGIHE mwitonde mubisome neza murabe nikinyoma gikomeye,mbega irementanya,umuntu yokwitera Grenade gute??,ngira mwarabonye irya miduga yahononekariye,none mwiyunviriye umuntu yoshima kwikomeretsa kurya twabibonye?akongera akiyononera imiduga yiwe karyakagene???.ahubwo irementanya riri muba porona riteye isoni.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.