IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amasanganya kenshi aterwa n’amabarabara atunganije nabi

Amasanganya kenshi aterwa n’amabarabara atunganije nabi

mercredi 4 Nyakanga 2013

N’aho abiyunguruza bakoresheje amaguru n’ubundi buryo bwose butari imiduga canke budakoresheje imoteri barwiriye mu Burundi, amategeko agenga uruja n’uruza ntatomora neza ikibanza bafise mu mabarabara, ahandi naho ugasanga ntibanasigiwe aho baca, ivyo navyo bikarwiza amasanganya adasiba guhekura abarundi.

Ni muri iyo ntumbero umugambi “Share the Road” (Dusangire ibarabara) ufadikanije n’ubushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu batanguje umugambi wo guteza imbere umutekano w’abiyunguruza, haba ku maguru canke ubundi buryo budakoresha imoteri.

Déo Rurimunzu, umushikiranganji ajejwe gutwara abantu n’ibintu n’ibikorwa vya Leta, ari nawe yari yaje gutanguza ibikorwa vy’uwo mugambi kw’izina rya Leta, yamenyesheje ko ari ukunguko ku basanzwe biyunguruza muri ubwo buryo, na cane cane ko bizwi ko ari benshi. Bizofasha mu migambi ya Leta kuza baribuka gutunganya amabarabara ku buryo abayakoresha bayasangira umwe wese agaca aho yagenewe kandi akubahiriza amategeko agenga uruja n’uruza azoba yigishijwe bikwiye.

JPEG - 37.3 ko
Déo Rurimunzu, umushikiranganji ajejwe gutwara abantu n’ibintu n’ibikorwa vya Leta

Amasanganya menshi yahora ava ku kungene ibisagara bitunganije nabi. Kubw’umushikiranganji Déo Rurimunzu, ibiza kuva mu nama yo guhanahana ivyiyumviro yatunganijwe kuri uyu wa gatatu nivyo imigambi mishasha yo gusubiramwo gutunganya igisagara izokwisunga, nk’umugambi 2011-2020 w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe kwubahiriza umutekano w’abagendesha amaguru, Uburundi bwemeje mu mwaka w’2012.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.