Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amasendika y’abarimu arongera gusaba ibiganiro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Amasendika y’abarimu arongera gusaba ibiganiro

Amasendika y’abarimu arongera gusaba ibiganiro

samedi 10 Myandagaro 2013

Amasendika y’abarimu CONAPES , STEB na SYNAPEP arasaba ibiganiro n’umushikiranganji w’abakozi n’akazi. Ndetse no gushirwa mubakurikirana ikibazo c’abarimu bataronse agashahara kabo ku kwezi kwa Rusama na Ruhenshi.

JPEG - 34.4 ko
Eulalie NIBIZI, umukuru wa sendika STEB

Ivyo ayo masandika akaba abisaba inyumayaho umushikiranganji w’abakozi ba leta, Annociate Sendazirasa, amenyesherje ko habaye agakosa ko guhura imishahara mu bushikiranagnji bw’abakozi ba leta n’akazi. Uwo mushikiranganji kandi akaba yamenyesheje ko ayi mishahara yabo bagiye kuyironswa mu maguru masha.

GIF - 46.9 ko
Annonciate SENDAZIRASA, umushikiranganji w’abakozi ba leta n’akazi

Abaserukira ayo masendika bakaba bamenyesha ko, inyuma yokubikurikirana,ivyo uyo mushikiranganji yavuze atirvyo. Bagira bati : « Ntakirakorwa na kimwe ». Nico gituma basaba gushirwa mu murwi ukurikirana ikibazo c’iyo mishahara nkuko bashizwemwo muvyo gukura ubusumbasumbane bw’imishahara n’iduzwa ry’amapete mu kazi.

Ku vyerekeye kunganisha imishahara, Eulalie Nibizi ,umukuru wa sendika STEB ,akaba yasavye umushikiranganji w‘abakozi n’akazi gusubira gutanguza ibiganira kuko ico kibazo ni kitirwa imbere yuko umwaka w’ishure utangura , abarimu bashora kutaja ku mirimo yo gutangura uwo mwaka w’ishuri. Ivyo navyo bikazogira ingaruka mbi ku bana n’abavyeyi.


KARIRE Floxella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.