IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Amasendika y’abigisha asaba Reta kwigiza inyuma ikibazo ca’’ concours (...)

Amasendika y’abigisha asaba Reta kwigiza inyuma ikibazo ca’’ concours national’’

lundi 4 Rusama 2015, par IGIHE

Amasendika y’abigisha avuga ko bidakunda ko ikibazo co mu mwaka wa gatandatu ‘’concours national’’ gikorwa, kuri uno wa kane, asaba ko cokungurizwa ku rindi sango.

JPEG - 34.4 ko
Eulalie Nibizi arongoye sendika STEB

Mu gihe ico kibazo cari gitegekanijwe kuri uno wa kane igenekerezo rya 7 Rusama, mu ma sendika y’abigisha babona ko bidashoboka ko gikorwa kubera imvo z’umutekano muke, nk’uko bishikirizwa na Eulalie Nibizi arongoye sendika STEB. Ndetse hari n’abana bahungiye mu bihugu bibanyi kubera umutekano muke nyene. Ayo masendika asaba Reta y’uburundi kwegeza inyuma ico kibazo, Reta igashira imbere nyabuna ingene yotorera inyishu ibibazo vy’umutekano.

Mu bushikiranganji bw’amashure mato mato hoho bamenyesha ko imyiteguro ibandanya, kuko iryo sango ari ntabanduka, mbere umushikiranganji w’amashure mato mato Rose Gahiru akaba yibukije abavyeyi ko ikirangaminsi kitarahinduka.
Kuva rero iyo myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu itangura, abanyeshure ntibatonda ku mashure kubera imvo z’umutekano muke urangwa mu gisagara ca Bujumbura.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.