Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amasendika y’abigisha yafashe ingingo yo kubangira kuri yegereyegere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Amasendika y’abigisha yafashe ingingo yo kubangira kuri yegereyegere

Amasendika y’abigisha yafashe ingingo yo kubangira kuri yegereyegere

samedi 11 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Abigisha bahurikiye mu masendika STEB, SLEB, CONAPES na SYNAPEP, bafashe ingingo yo kubangira kuri yegereyegere bogiyemwo mu ntango z’igice ca gatatu. Mu gihe kandi ata manota batanze y’iki gice ca kabiri c’umwaka w’ishure w’2014-2015, bamenyesha ko bagiye kuyatanga.

Abo bigisha bamenyesha ko bafashe iyo ngingo inyuma yaho baboneye ko ibiganiro hagati ya Reta nabo bigeze ku ntambwe ishimishije, nk’uko bishikirizwa na Eulalie Nibizi, arongoye sendika STEB (syndicat des Travailleurs de l’ Enseignement du Burundi).

JPEG - 34.4 ko
Eulalie Nibizi arongoye sendika STEB

Tubibutse ko abo bigisha bari bahakanye gutanga amanota y’igice ca kabiri, mu gihe Reta itobumviriza igakosora ubusumbasumbane bw’imishahara. Abo bigisha bahurikiye muri ayo masendika bakaba batatanze amanota y’igice ca kabiri, kuko bavuga ko ibiganiro bindi bakorana na Reta, n’ivyigwa vy’abahinga batandukanye vyose vyabaye impfagusa.
Abo bigisha bavuga ko ata kindi basaba, atari uko imishahara yabo yoharurwa hakurikijwe amategeko, kuko bitumvikana ingene umushahara wanaka usumbana n’uwo bakorana, canke uwukora mu kindi gisata, ntibatahure igituma umushahara munaka ku rupapuro rw’umutsindo nk’urwo nyene, itangana, bagasaba ko ubwo busumbasumbane bwokurwaho.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.