IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Amasentare y’intango yabaye aya nyuma asabwa guhindura ingene (...)

Amasentare y’intango yabaye aya nyuma asabwa guhindura ingene akora

jeudi 16 Nzero 2014

Umushikiranganji w’ubutungane Pascal Barandagiye asaba abacamanza bamwe bamwe bo muma sentare y’intango yabaye aya nyuma guhindura ingene bariko barakora muri uwu mwaka w’2014.

Kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 14 Nzero 2014, umushikiranganji w’ubutungane Pascal Barandagiye yaragendeye amasentare y’intango atatu yo mu ntara ya Muramvya yabaye aya nyuma mu gushira mu ngiro imanza ziba zaciwe. Uwo mushikiranganji akaba yasavye abacamanza bose bo muma sentare y’intango yaronse amanota mabi mu vyerekeye imanza zaciwe mu mwaka urangiye ko bokwisubirako bagahindura ingene bakora.

Pascal Barandagiye yarashimikiye cane ko imanza zocibwa n’ingoga. Akaba yasavye abo bacamanza ko bogabanya ibiringo vyo gusasa mu ntahe y’icese hamwe no gukorana iminsi yose n’abajejwe intwaro kugira babarungikire abajejwe umutekano mu gihe bikenewe ko bashira mu ngiro ingingo zimwe zimwe zafashwe.

Mwomenya ko ama sentare yakweze amaguru agifise imanza nyinshi zitaracika, ari ayo muri komine Kiganda, Mbuye hamwe na Muramvya.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.