Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amasezerano hagati ya PNUD n’akarere ka pays de la Loire mu mugambi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Amasezerano hagati ya PNUD n’akarere ka pays de la Loire mu mugambi (...)

Amasezerano hagati ya PNUD n’akarere ka pays de la Loire mu mugambi PACTE

samedi 22 Munyonyo 2014

Ishirahamwe rijejwe iterambere kw’isi PNUD mu Burundi, riri kumwe n’akarere ka pays de la Loire bateye igikumu ku masezerano azofasha mu mugambi "PACTE", kubw’iterambere rishingiye ku muntu.

Ivyo birori vyo gutera igikumu kuri ayo masezerano bikaba vyabereye mu kigo c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU (Centre d’informations des Nations Unies), mu gatondo ko kuri uno wa gatanu, igenekerezo rya 21 Munyonyo. Ayo masezerano akaba aje gushigikira umugambi PACTE (Programme d’ Appui à la mise en convergence Territorial et l’engagement pour le Développement Humain), mu gushigikira ishirwa mu ngiro rya wa mugambi wa Reta wo kwegereza abanyagihugu ubutegetsi (Décentralisation), babicishije mu kwongerereza ubumenyi inzego zitandukanye zo muma komine.

Uwo mugambi rero ukazotuma abanyagihugu bo mu mitumba bashobora kwiteza imbere, nk’uko umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bujejwe iterambere ry’amakomine, Lazare Sindakira, yaje aserukira umushikiranganji ajejwe iterambere ry’amakomine abishikiriza. N’ubwo atavuze amakomine uwo mugambi uzorangurirwamwo, Lazare Sindakira avuga ko ivyo bitotera ikibazo kuko ata kindi uwo mugambi ugamije atari gushigikira abanyagihugu. Akamenyesha ko uwo mugambi uje wongerereza ubushobozi abajejwe intwaro ku rwego rwo hasi biciye mu guhanahana ubumenyi n’amakomine yo mu karere ka Pays de la Loire.

Tubamenyeshe ko uwo mugambi uzotwara amafaranga agera ku miriyoni indwi n’ibice bibiri vy’amadorari (7,2 millions de dollars).


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.