IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amasezerano yo gufashanya hagati y’Uburundi na Iran yateweko (...)

Amasezerano yo gufashanya hagati y’Uburundi na Iran yateweko igikumu

vendredi 12 Ndamukiza 2013

Inyuma y’imisi ibiri umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Petero Nkurunziza n’umutambukanyi wiwe, umupfasoni Denise Nkurunziza bari mu rugendo ku butumire bw’umukuru w’igihugu ca Irani, baragendeye icibutso c’uwatanguje ukwiganzura kw’abanyagihugu ba Irani.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi n’umutambukanyi wiwe bahojeje kw’izina ry’Uburundi abaheruka kubura ababo mu nyamugigima yo kuwa kabiri igenekerezo rya 9 Ndamukiza, ikaba yahitanye abanyagihugu mirongo itatu n’indwi, hakomereka amajana umunani na mirongo itanu, abandi benshi ,amazu arasambuka, mu karere ka Bushehr.

Abategetsi b’abarundi bagendeye kandi ihinguriro ry’imiduga ryitwa SAIPA n’ikirimba c’umukuru w’igihugu, vyompi biri mu gisagara ca Téhéran.

Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yaratumiriye abarwizatunga bo mu gihugu ca Irani kuzana imitahe yabo mu Burundi, aca mbere atera ibikumu ku masezerano y’ubucuti no gufashanya mu bisata bitandukanye : amasezerano muvy’ubudandaji, amasezerano yo guteza imbere no gukingira urudandazwa, Umwumvikano wo kudasaba impapuro z’inzira abakoresha iz’abategetsi canke abagenda ku mvo z’akazi, umwumvikano mu gufashanya muvy’amagara y’abantu, ivy’uburimyi, mu guhanahana ubumenyi mu bakozi.

Tubibutse ko umukuru w’igihugu n’umutambukanyi wiwe bitavye ubutumire bw’urugendo rw’imisi itatu, bwa mugenzi wabo atwara igihugu ca Iran.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.