Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amasezerano yo muvy’ubutunzi akwiye kwisunga inyungu z’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Amasezerano yo muvy’ubutunzi akwiye kwisunga inyungu z’igihugu

Amasezerano yo muvy’ubutunzi akwiye kwisunga inyungu z’igihugu

lundi 27 Rusama 2013

Ishirahamwe OAG (Observatoire de l’Action Gouvernementale) rikurikiranira hafi ibikorwa vya Leta ryatunganije kuri uyu wa mbere uruganda rwo kurabira hamwe ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’ivyubutunzi y’i Cotonou, yateweko umukono mu mwaka w’1975 i Lome mu gihugu ca Togo.

Muri urwo ruganda rwari rwatumiwemwo n’abaserukira abanyagihugu (abashingamateka n’abakenguzamateka), abahinga muvy’ubutunzi berekanye akunguko Uburundi bwoba bwarakuye muri ayo masezerano ahuza ibihugu vyo muri Afrika, ivy’iburaya n’ibindi bihugu.

Ikiboneka n’uko mwene ayo masezerano aterwako umukono aba afise ihangiro yo kurwanya ubukene mu bihugu vyo muri Afrika, ariko bidashika kw’isemo rirashe kuko ibihugu vyo muri Afrika bitaraba neza uburyo bwo kubungabunga inyungu zavyo zishobora gushika kw’iterambere.

Mu gihe ayo masezerano asigaje imyaka indwi gusa kugira ikiringo c’ayo kirangire, abahinga basavye ko abatora amategeko boba bariga ayazoyasubirira, arimwo ingingo zitomoye zituma inyungu z’Uburundi zigera kw’iterambere.
Inyigisho zikwiye zohabwa abasanzwe baserukira igihugu muri mwene ayo masezerano, maze ivyigwa vy’abahinga bigakorerwako, gutyo ntibagaruke kwiyumvira kuyora basheshe mu gutera umukono ku masezerano abandanya atungisha ibihugu rutura, nayo abanyagihugu bo muri Afrika bugarijwe n’ubukene.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.