Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yatabaje amakungu ibara (...)
Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yatabaje amakungu ibara ritararwa
vendredi 25 Ndamukiza 2014
Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike amenyesha ko atewe impungenge n’ukungene Reta iriko irafata minenerwe ivyashikirijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU y’uko hoba hari ibirwanisho vyahawe urwaruka rw’imbonerakure. Ayo mashirahamwe akabona ko hamwe atacokorwa, Uburundi buzohava bwibuka kuyora bwasheshe.
Mu rwandiko amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bandikiye umunyabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, bavuga ko amakenga ari menshi ku cuka kihari muri kino gihe.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa gatanu, Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya yagarutse ku vyatumye bandika iryo kete. Avuga ko bihweje ibikorwa vy’imbonerakure zikora amakosa ariko Reta ntizihagurukire, ukutihanganirana muvya poritike, ukudahana, inkuru ziherutse kuvugwa ko hari ibirwanisho vyahawe imbonerakure ,hamwe no ku vyabaye muri kahise yaba mu gihugu c’Uburundi canke ahandi mu karere aho hagiye havugwa inkuru nkizo z’uko hashobora kuba ihonyabwoko, ariko abantu bakazifata minenerwe mu nyuma ibara rikarwa, arico gituma bahisemwo kwandikira umunyabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
- Vital Nshimirimana, arongoye urunani FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societé Civile)
Muri ayo mashirahamwe bafatiye kandi ku kungene Reta iguma yanka ko haba amatohoza, ahubwo ikihutira kugwiza n’ubusa ivyagiye bivugwa vyose, yongera yagiriza abo mu mashirahamwe ataho yegamiye muvya poritike, ibimenyeshamakuru hamwe n’abatavuga rumwe na Reta, bahisemwo gutabaza amakungu kugira abe ariyo afata mu minwe ivyo bibazo ibara ritaragwa.
Ikindi kandi kibateye impungenge muri ayo mashirahamwe, n’uko abatari bake batangazwa n’ukungene hari ibihangange vy’intwazangabo mu gisirikare vyama bivugwa mu bikorwa bigayitse ariko ntihagire na rimwe ubutungane bugira ico bubakozeko, bigaca vyerekana ko umenga ni bantakorwako. Vital Nshimirimana atanga uturorero tw’abasirikare babiri bavugwako ivyerekeye ivyo birwanisho, agatangazwa n’ukungene Reta yose yaciye yitanganiza kuvugira abo basirikare kandi itanarinze n’ugukora amatohoza. Ayandi makenga bafise muri ayo mashirahamwe yerekeye inama umukuru w’igihugu yagiye kugirisha urwaruka rw’imbonerakure, inama mbere yabaye mu mwihererero.
Vital Nshimirimana amenyesha ko batangajwe cane n’ukungene umukuru w’igihugu atigeze ashikiriza ijambo na rimwe ryihumure bivanye n’ivyo baganiriye n’urwo rwaruka rw’Imbonerakure, kugira ahumurize abarundi n’amakungu.
Kubwa Vital Nshimirimana, namba umukuru w’igihugu atari yagiye guhanura izo mbonerakure, ashobora kuba yari yagiye nyabuna kubatera intege.
Ayo mashirahamwe yarangije urwo rwandiko asaba ko inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yokurikiranira hagufi ibiriko biraba mu Burundi. Basaba kandi ishirwaho ry’umurwi w’iryo shirahamwe ujejwe gutohoza ku vyerekeye umutekano mu Burundi no gusuzuma ivyerekeye ivyo bigwanisho bivugwa ko vyahawe imbonerakure. Abarundi nabo bokwiyubara muri kino gihe bakirinda ibintu vyose bibahamagarira kwicamwo imice.
Mwomenya rero ko amashirahamwe ataho yegamiye muvya poritike arenga 600 ariyo yateye igikumu kuri iryo kete ryo kuwa 21 Ndamukiza. Iryo kete rikaba ryahawe kandi umukuru w’akarere k’Afrika yubuseruko, Yoweri Kaguta Museveni, uwuserukira ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi.
Floxella Karire
Messages
25 Ndamukiza 2014, 13:59, par Mama
Vitari Nshimnirimana, Nimugerageze muvemwiyomigambi yogutegura umurwi wabantu boguteza umudurumbonyo muntumbero ngoyokugira hacehabaho ubwobwicanyi muvuga ahorero ivyobikazokorwa ngokubera mwamaze kuronka message ivugako hariho igihugu kibanyi nako umu perezida yabahenze ko ariho azoshikiriza uburundi abashaka, shayarabahenze abavukanyi babanye Congo abashira muntamba none nuyumusi uwarokotse yirirwa arasabiriza kandibaribitunze ahahoho uwokwihenda ivyahayakorehe abandi vyose yocavyibonerako ngaha nimuburundi mutima wa’Africa ububurundi naramaze kubonako buzokwama arigihugu ubwokobwose buzokwama bufise ijambo ivyorero wipangisha imitwe ngo ONU itabare hakirikare kuberamuzi icomugombagukora mazemwabona mengo abarundi ntibazoborohereza mukikanga ivyomwapaze bibakozeko nkuko murwanda abashoje urugamba bakwegeye abenegihugu gupfabirenze ukwemera ndabasavye imbereyokuvuga kohariho abarikobarategura ubwicanyi ahubwomwebwenyene hagarika iyomigambimurimwo ifisekwihenda gukomeye.
25 Ndamukiza 2014, 14:34, par Salvator Manyama
@mama ukaba iyo migambi uyizi andikira nawe umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU hako uvugira muntamatama!Ukaba uvuga ivyo utazi naho urakwiye gushirwa imbere y’ubutungane ukavyerekana canke bakubike aho babika abandi!
25 Ndamukiza 2014, 14:50, par Aaron
Iryo honyabwoko ntomurifate minenerwe aho abo ba Vital nyene baguma bariririmba baramaze kuripanga. Guko bavuga ko bemerewe gufashawa n’urwanda. bakemera gusacrifiant ngo abatutsi. Ahubwo riho mbona Kizima Leta yamaze kubimenya nabo si abana abo bazotera bavuye hanze bazobafata bataratangura gukora ibara mweho mwe na Leonce na Pacifique twibaza ko muri mubariko bararitegura niyumvira ko bariko barategura ibihano vyanyu rikaramuka ribaye. Ntaco rizobungukira nta bandi bantu twifuza ko tuzosubira kubura. Nimwaba mwiteze ko urukiza rwanyu rusigaye ari urwanda bobo barazi ihonyabwoko icarico kandi namwe mwarabonye ko mwabuze abatutsi beshi igihe ba Leonce batanga imipanga nkuko muvyivugira none sinzi ko ushaka kwimariririza abatutsi basigaye aho kwiyumvira ingene mwobakiza bakarondoka. Il ne faut pas semer la haine, nous voulons l.amour entre tout les composantes de la popukation Burundaise. we are bothers and sisters.
25 Ndamukiza 2014, 14:55, par Kananirabagabo ntiyimye
Wwe wiyita mama unomunsi biragaragaye kuru dd ejowivugisha ivyi Mana none ntubona kowerekanye amarangamutimayawe?
Jew ntavyinshi nabivugako kimwe novuga nuko bokwemera kobakora amatohoza mvamakungu iyi leta ya dd yoyo turazi kwatayishoboye wogomba noguha nuturorero twinshi unyishure none kowumva tarivyo batinyi?nivyobimwe vyejo ngotwanka nyakubahwa ntitumwanka ahubwoturamukunda tukamwereka ukobiri ariko ntacoyigerakora wwe ahokumwereka mugamamuvuga ngonuko hazogera komumuhanura akabakabaye ngokandi babantu bamye bavuga komeza kidahanurwaya wugendanye kuzuru agasozi kintahanurwa kahiye abagabo babona nahuvuga uzobubona ndavuga simvura.
25 Ndamukiza 2014, 15:10, par mico
Muvyukuri idyavuzwe riratashe haravuzwe ko aba bagabo barikumwe na ADC ikibiri batipfuza kuja mumatora kuko ataco bohakura barafashe umugambi wo gutembagaza ubutegetsi nabo baciye mwirementanya bararementantije Onu irabemereye none bakeneye ingabo ... no gushinga Leta mfatakibanza ... ndabarahiye igihugu kizotwagwa nabeneco amatora azoba kandi ntimwibaze ko muzoshika kuvyo mwipfuza aruko mwarahahamutse ... nimuturiye ivyo uwiyise MAMA yavuze bikwiye amatohoza kuko biravugwa kandi turavyumva Leta numugambwe CDD-FDD nimukanguke mubone ibiriko birategugwa murabe mukahise ukuntu abahutu bagandagugwa atacamira bagirijwe ko bagira bahonye aba Tutsi haguruka mukore amatohoza mushire ahagaragara ivyo abobagabo barimwe .. raba kure. gira amahoro
25 Ndamukiza 2014, 15:17, par Salvator Manyama
Kugira ukwikekana kuhave nihabe amatohoza vuba ukuri kujahabona!Hanyuma muriko muvuga ivy’uburundi kirazira guza murafatanya n’ababanyi ,kuko ejo murashobora kubura aho murahura!Kora amatohoza gusa kandi ataho ahengamiye ikinyoma gikubitirwe ahagaragara!Namwe muvuga ngo n’ayo masociete kandi atigeze ashirwa munzandiko sivyiza!kandi ntimwibagire ko Nations Unions ifise satellite zibaha amakuru ivyobindi musigura nivyanyu!!!!
25 Ndamukiza 2014, 16:03, par Salvator Manyama
@mico andikira ONU nyamba ivyo uvuze arivyo!!!!!!
25 Ndamukiza 2014, 16:37, par mutabazi
ariko njye mbona leta ariyo ituma ibi bintu biba . abantu nkaba bavuga ihonyabwoko nibabandi bigitekereza empire HIMA Tutsi . IKIBAKWIRIYE NI UKUBAFUNGA KUKO BARIMO BARABANGAMIRA UMUTEKANO WIGIHUGU. NI MUFUNGI IZO NKORAMARASO MUZIBAZE ABO ZISHE CYANGWA BASE BISHE MURI 72.
25 Ndamukiza 2014, 16:43, par banini
Jewe ndabaza ubutegetsi hamwe n’abo bacuditse: Mbe ni kuki mutinya amatohoza ataho yegamiye yo yoshira ukuri ahabona? Ubwo ntaco mwiyotsa? None ko mwabuze amahoro canecane muri iyi minsi. Ukuri ni kumwe kandi bavuga ngo: "La haine et le mensonge continuent à circuler mais l’amour et la vérité finissent par les rattraper". Abari n’amatwi yo kumva ni bumve, abari n’umutima wo kwakira ni bakire.
25 Ndamukiza 2014, 16:54, par NDC
Jewe nguma ntangazwa na bamwe bamwe biyita ngo baharanira inyungu z’abanyagihugu gusumvya abandi!! None ko Nations Unies ari urwego mpuzamakungu kandi rufise uburyo bwose bwo kugira amatohoza mwombarira impamvu yemeye gutangaza amakuru adatohojwe neza (ibihuha). Mbega ko UN itegerezwa gukorana na Leta z’ibihugu mu gusazagaza amahoro n’umutekano, bosigura ingene batanze amakuru aremereye kuriya ntibamenyeshe Leta y’Uburundi? Ukwo biri kwose barafise abo bakoranye b’abarundi kandi bose bafise intumbero atari iy’amahoro ahubwo n’ibindi.
25 Ndamukiza 2014, 19:58, par TEKEREZA
UMUHUTU yoba atariko arabona yongera akurikirana ivyo ababagabo barimwo bakora yoba Atari umuhutu w’ukuri.yoba ari nka Leonce na bagwasa nabo bandi bo mukibi(ADC) ,abo bafise intumbero yokwitwaza ngwabahawe imipanga ,kugira bavyitwaze bamara abantu kumwe 72 bitwaza ngohateye BAMURERE,hariya zamakamba na bururi,zamabanda,bagaca bamara abahutu bose bincambwenge,nabanyarucari.amatungo yabo bahutu bagaca bayigarurira yose,reka tubarindire hagire umututsi atangura duce twivuna iyo mihimbiri.ataco yubaha.uwuzi nabo bagomba gukwegera,nubu batari bwave mugahinda kintambara batewe nizo ntunva zabatutsi z’ibururi.
25 Ndamukiza 2014, 20:25, par ndayi
ndatakaye cane gose uyo yita muco ukuntu avuga ngo abahutu barishwe 52 ngo atacamiye.mbega ndakubaze,abahutu bishwe kuva 2005 kugeza nunomusi bicwa nabatutsi?ko DD bagiye mwishamba bavugako bagiye guhabuza muhutu yari yacinyijwe numututsi none ubunaho ninde ariko aramwica?
25 Ndamukiza 2014, 20:29, par gipina
@Mama: Ico kigwarudubi ngo ni nyina, yirirwa akokeza iyo ngwano, ntiyoderedembera ahandi, agaha abantu amahoro? Mbega ayo wanyoye ntakwiye, aho wirirwa urasamira kubandi? Mbega uburi iki ngo nawe wandikire abo bantu abandi bandikira, usangwa hari amabanga akomeye uzi?Ico womenya coco, ruriye abandi rutakwibagiye!!!
25 Ndamukiza 2014, 22:52, par jacques
Ayo mashirahamwe yafunge hamwe nabo bayarongoye bose baborere muri mpimba kuko ni inyankaburundi,ni ibinyweshi.iyo genocide izokorerwa bande ko mbona DD ari amoko yose?ayo mashirahamwe jewe yamaze kunsesemambafunge barakicwa numuruho
25 Ndamukiza 2014, 23:37, par vyizigiro
Wesha Tekereza woshaka ukanuma kuko Iyo hataba Rwasa Agathon iyo mihirimbiri yaba DD IBA yaguye mu makambi muri Tanzania. Mbe DD ko yica abahutu gusa woja ngaho ukavuga ko DD itariko ikora Genocide kuba Hutu? Niba batara guhekura ndaguhaye amezimake uzoba ushimira Rwasa. Nyabuna fatanya nabandi twikure ko abo bicanyi cane cane ico kinywamaraso CI Mwumba cahekuye abavyeyi. Mbe ubu niho mukibonako ubuhutu buryoshe? Nkurunziza arababesha sumuhutu. Abamuzi neza baraziko Ari umututsi wumunya Rwanda. Kanura murabonako Kagame ariwe amutegeka ko amara abahutu.
26 Ndamukiza 2014, 00:40, par kibwa cubwami
Abo ba cndd fdd barantangaza cane misi yose iyo bariko bakora amanyanga. Bacabitwaza ngo abatutsi bamaze abahutu 72 ego turabizi nico catumye abahutu baza mwisamba none mumbwire mwaba cndd muhenda abarundi ngo muzi gutwara neza ubu turavye kuva muza kubutegetsi ko tubona hama hitswa abahutu buri musi none abanabo bitswa nabande??? Haraho mutaniye nabamwe 72 bahonya abahutu!?? Mbere bobo nzanye kuko barica ariko ugasanga mubizanya namatungo ya reta baranyuruza ariko ntuwapfa kubimenya ariko mwebwe aba cndd fdd.igihugu mugifukamye munda impande zose kwica gusahura igihugu kudahana abakora amabi atandukanye mubari mumugambwe wanyu cane cane. Nkizo mbonerakure mwirirwa muhenda mwebwe ntimwigera mukora ibihurizako nabarundi bensi numusi numwe mukora ibikingira amanyanga mwama mukora mwongera mukorera abarundi batandukanye none mwebwe aho ntimubona ko vyabananiye. Gutwara abahutu ntibasiba gupfa none bitswa nabatutsi?ahubwo uwutobarwanya yaba arinyanka burundi nimba mushaka kuba abategetsi beza korera hamwe nabandi mwongere mwubahirize. Ivyavuye alusha mwongere muhane abakora nabi mugihugu cose mutaravye nkunzi murabe kohari abzosubira kubanegura bitaruko tuzobarwanya mpaka muzotebe mwomoke kuko ntacomuriko mumarira abarundi nakimwe kuko biboneka ko mweho mwaze gusongera isibe ntakindi kiboneka!!!! murakoze Mr kibwa cubwami
26 Ndamukiza 2014, 02:43, par mico
jacques ..... jewe ivyo navuze navuze ko abahutu bapfa bagapfuye kuva kera gusa hakenewe ko ubwicanyi bwose bwohagararara ... ariko niba nabeshe mpinyuza kuva 72 ,,88,, 93,, abatutsi bamye bitwaza ba Murere.. ngo barepehutu yararitse abahutu kwica abatutsi kuntega.88 ngo ndadaye yavuze ngo isegenya izohitana abatutsi 93 ... bityo bagaheraho bagatsemba abahutu... raba nawe ngo imbonerakure zahawe inkoho.. ngo mbere zicanze ninterahamwe.. ivyo uwutari ikijuju ntiyobura kubona ico bigamije reka turabe amaherezo gusa sinibaza ko bizoborohera hasigaye amezi 13 gusa ngo habe amatora barajwe ishinga nukwo Cdd-Fdd itsinze izohita irungika ibwirizwashingiro rishasha mubanyagihugu bityo imeza bahora barirako ya Arusha igahegama .. ntakindi barondera inyungu zabo zigume zihagaze nico gituma bashaka Onu ngo irungike ingabo muburundi bashinge reta ya kigobe nakajaga bityo babashe kubandanya batwara barazi bonyene namatora yaba ko ataco bazoronka 2015. niba ataruko nibareke amatora abe abanyagihugu babatore amategeko yose bahite bayahindura. niba badatinya bakaba baziko mumezi 13 gusa bazoba baramutswa igihugu barizwa niki?
26 Ndamukiza 2014, 04:53, par Mama
@Salvator Manyama, Ivyonavuze sivyogusa mfisevyishi kandindacakomeza kwegeranya ibindi igihe cokubishikiriza ONU kiregereje kandisindumwe turikoturabikora turibeshi kanditwasanze bidakunda kotubishikiriza ONU turabarundigusa turikumwe nabanyarwanda bomumokoyose habamuburundi cankemurwanda ndakubwiyeko ukobimeze nawewe niwaba upfakwivugiragusa atanahamwewegamiye, nitwabishirahabona uzotangara kukowanashaka ukotubibona abobizokorako tumazekubona aribakecane ntanubwo arabatutsi bose kandiharimwo nabahutu,nabazungu, kuberarero abamazegushishwa barimumokoyose ubu icoturikoturakora nukubwira abantu bakaja mumanama yabobariko barapanga amabi yogukora ibibi muntumbero yokugira bashoze urugamba badashoboye noneho abafise inguvu bacebasimbira kubantu bagandagure, arikokubera abariko barabikurikirana bavamumokoyose bakava nomumigmbwe itandukanye abazokwihenda bagashoza ubwicanyi bazofatwampiri, rekandababwire ejobudi harinama yabereye mugihugu kimwe comu Bulayi noneho yariyitabwe nabakenyezi beshi kandibose barabatutsi kandinkabose barabanyarwanda, maze baravuga ivyobavuga batitangiritama, ariko ntibamenyeko bamwemurabo arabatutsi bamazekurahira bakarengwako ikintukijanye nubwicanyi batazigera bagihora baca barabidukwiragizamwo ubuvyose turabifise murirusangidufisevyishi twiteguye gushirahabona , uburero mubarundi canke mubanyarwanda hariho ivyotudahuriyeko ariko harivyishi duhuriyeko. Kumyigaragamvyonayo yabereye mubihugubitandukanye,ngirangomwarabonyeko harihiganjemwo abatutsi ariko muribaryabatutsinyene twarindufisemwo abodukorana arinabobatubwiyeko biryabavuga ntiyariyontumbero, baratubwiyeko yarukwugurura inzira yizonyandiko muherukakwumva zarungitswemuri ONU,kandikindi biryavyakozwe na Alexis burya vyarivyapanzwe kurwego rwohejuru kuburyo bashakako zambonerakure zibijamwo noneho bakaca bicamwo imbonerakure zikeya noneho zambonerakure zikacazibivuna ibararikarwa imirambikango yabafuyebishwe ikaba ishano noneho hakazagushika igihe cokwibuka Genucide yakorewe abatutsi bomu Rwanda muburundi ibintuvyarashushe, arinacogituma hariharungitswe abanyarwanda muntara ya Kirundo bakabita interahamwe baryabarabo gutagura gukoribara kuruhanderwomuburundi nacanecane mukutwicira abarundi bomubwoko bwabatutsi ngononeho Kagame akacarungika abitwa kobaje guhagarika Genucide ngwiriko irakorerwa abatutsi biburundi! Ariko ntibamenyeko muburundi ibintuvyugaye, Alexis rero nabaribamugiriye inama baratangaye kubona zambonerakure zitahabonetse ngobazice nazokuberarinyishi zibivune, mwarabopnyeko bamaramaye bafata aba polisi bigihgu maze barabakura amashati (Uniform) zigihugu barabicarika. Alexis baryabose barimwibarabara mwarabonyeko barabatutsi gusa bamwe bomu ADC Kibiri baribibereye mumazu bitegereza umurwi wa Alexis ukuntu wariye akarungu ekayaba nabandibatutsi beshi kubera iyomigambi batayirimwo baribihagarariye hamwe nabahuru bitegereza ukuntu umurwi wa Alexis wariye akarungu!
26 Ndamukiza 2014, 06:58, par tohoza
mwe barundi,mureke kugererany urwanda n uburundi kuko bibaye ngombwa uburundi twobutabara ata kabuza.hama mumenye kwandika neza mutandukanya amajambo yanyu kuko biragoye gusoma.p6
26 Ndamukiza 2014, 08:22, par mugabonihera
ndabaramukije bene data dusangiye igihugu camavukiro aho uburundi bugeze saho gucura imigambi yokwiyita abadashaka ivyicaro vyapolitique ngo muhungabanye umutekano wabanyagihugu ntamu numwe atunva aho muhengamiye kiretse uwo musangiye ubujuju bwo kwisamburiraho nkimpene murakoze
26 Ndamukiza 2014, 10:52, par muta
ihonyabwoko murazi ico gisigura,ese ni ihonyabwoko ryùbuhe bwoko
26 Ndamukiza 2014, 14:41, par Ntunzwenimana Innocent
Mbega burya mu burundi hariho societé civile?Nibareke kubesha amakungu,kuko n’abanyepolitique benyuje,gusa binyegeza inyuma y’ayo mashirahamwe.Mbega ko bataka onu,ariko ntiberekane icemezo na kimwe?Mbega basigaye bafata ONU nk’igikoresho cabo,bategeka,kitiyumvira?Mbega umurundi atarabona intumbero mbi,igayitse yogushaka gucamwo imigwi abenegihugu,ninde?Ariko ninde murundi atarabona ko iyo FORSC ariyo ubwoko bumwe ninde?Nukuri barihenda ntamurundi agihendwa,nimba bipfuza intambara,turazi ko barongoye ayo mashirahamwe benshi bari aba SANS ECHEC,SANS ERREUR,nibateshwe bate abarundi bari maso.
26 Ndamukiza 2014, 18:13, par Mama
Mbemwese mwobamwarasomye ijambo Vital Nshimirimana yiyita ngwaserukira ishirahamwe ridaharanira ivyicaro muri reta avuze rivugango harihibihangange bivugwa muntwazangabo gwariko ntibabikurikirane? Nashaka kubabwirako nubwo murikahise twakomejekuvugako uburundi bwakomeje kubabufise igisilikare cubwokobumwe, ariko harigeze kubaharimwo abahutu nabatutsi, mutinone vyagenzegute kugeraho abahutu baheramwo hagasigara abatutsi gusa? ntagiyekure ukovyagenze ninkuku mwumvise Uyumunya politique Vital yiyise ngontaharanira ivyicaro muri reta avuze nicocatumye baheramwo bose. Uvirizarero baraduka bakavuga ngo nimumufate ngokuko yagirizwa ibinibi bagafata bakica guryoguryo munyuma abahutu bagezaho bishiramwo ko kujamugisirikare ubawikwegeye urupfu kubera abaribakirimwo baribaheze bicwa, ngukwo ukovyagenze nongeye kuvyibucwa nuwoyigize ngontaharanira ivyicaro muri reta avuzeko hariho intwazangabo zibihangange zivurwa murivyobibi ngwariko ntibazifate, buryarero niwabikurikirana uzosanga izontwazangabo avuga arizomubwoko bwabahutu! urazonyita umubeshi niwatohoza ugasanga atarabahutu avuga!!!. Hariho nabatutsi beshi bababazwa nivyabaye kera arinacogituma atamurundi yopfagufata ikivuga akangiriza abatutsi bose ngonibo babikoze nkizomvugo za Vital avuga uyumusi zinegurwa nabavuye mumokoyose agize abarundi, dufate Vital kwariwe yifuzako abasoda babahutu bozimanganwa nkakera ariko ntituvyitirire abatutsibose, twariyemeje kubana mumahoro nubutungane amokoyose uwuzoshaka kudusubizinyuma tuzomurwanirizahamwe twese amokoyose agize abarundi.
26 Ndamukiza 2014, 20:16, par GIRAMAHORO
Mufasoni MAMA ndaguhaye mwiriwe caaane gose.ivyiyunviro vyawe biriko biranyubaka gose caane,bandanya ukebura izonkora bara,reka nanje ndakwunganire,muribuka barundi ivyo ayo mashirakubiri ngo namashirahamwe,yagirije,umusoda,NDAKUGARIKA,Adolphon,Davidi nikiza,bunyoni,none ubunaho bongeyeko abo ba GN 2 babiri,reka nibutse abarundi bose ko abobose ari Abahutu,abobarongoye ayo mashirahamwe,bashaka kugendera kuri yangendo yabase na basekuru babo,nimwibaze namwe barundi kuki batagaruka kuri Buyoya,canke uwar’arongoye ikambi muha igihe bayiciramwo nyakubahwa Presidant NDADAYE???????.ndabibutse ko bari abatutsi abo nciye kumayange,ako kari akarorero gatoya mbabwiye,vital ,RUFYIRI,Pacifique,Leonce,nabobandi ntiriwe nabandanya kuvuga raba mwisubireko mugendere Ubuntu,n’indero mwahawe nabavyeyi,nibaza ko mutarezwe uko.
26 Ndamukiza 2014, 20:32, par Nwari
Vital komera gerageza mwerekane aho muhagaze ako kabi,ntikadushikire.kuko izontuva zaba DD ntaco zitazokora kugira igihugu kigwe mwisangaya nkuko bamye bakiri mwishamba nubu ntibazi gutadukanya ishamba nigihugu,ubugugu bwabo abarundi tubwikoreye kumutwe .nukugerageza tukabikurako niyonyishu yamahoro muburundi
26 Ndamukiza 2014, 21:53, par Bumwe
Wew wiyita Mama nkundira nkwite nkumi kuko nta mu mama azi igise yonezerwa nibiba nkuko kwawe.sinzi ko arugusaba canke ubigira nkana.Umuhutu akoze nabi nashengezwe.umututsi gutyo nyene.nuko wibereye mu mahanga nicogituma wivugira uko ushatse abandi barigucibwa imitwe.umunsi bishe uwiwawe niho uzovyemera
26 Ndamukiza 2014, 22:05, par ALINE
NIMBA BIYITA KO BADAHARANIRA IVYICARO BAHARANIRA GUHONYA ABAHUTU
UMUNTU NKUWO USOMYE NEZA USANGA AFISE UMUGAMBI NKURYA WO MURI 1965 1969 1972 1988 HATANGUYE IBIHUHA NKUKO NYENE BACA BAMARA ABAHUTU
NONE NABO BAFISE UMUGAMBI WO GUKWIZA IBIHUHA KUGIRA BASUBIRE KUMARA ABAHUTU
26 Ndamukiza 2014, 22:48, par Rukoko
Njyenakomeje kuzandasoma amakomanteri yandikwa nabarundi keshi arikomuribeshi bandika ibintu byumvikana nasanze uyunguyu mugore witwa Mama ivyoyandika abarundi murakwiye kubikoreyeko byabagirira akabarorwose! njyekandi ukomwumva abarundi bakwiye kujyabitaho gusoba ibyoyanditse cyane kuko urabonako amenyavyishi kandi umukurikiranye nabi wakwibaza koharaho amena amabanga kuko uramwumvako afise abantu bingerinyishi akuraho inkuru, kuko ibyoyagiye yandika nagiye mbibona cyankemvyumva, haribyavuga byabaye nakurikirana nkasanga byarabayekoko nasubira nkakurikirana kubyabayavuze biriko bitegurwa nyinebidatize nkumvabyabaye!
26 Ndamukiza 2014, 23:09, par karikurubu
Amakuru ava ku kirimba c’umukuru w’igihugu aremezako Petero yohereje ubutumwa ku munyamabanga wa ONU amubwira ko agiye kwambura ibirwanisho yari yaratanze ku mbonerakure ibyashikirijwe nuwari aserukiye ONU mu burundi ariko BAN KIM yaciye abika urwo rwandiko kuko mu minsi iza ruzaba ari icabona n’icagiriji muri sentare. Ayandi makuru ava i Washington yoyo avugako urwandiko nk’urwo nyene rwari rugenewe OBAMA yaciye arutabura mu maso y’uwuruzanye anategeka ko aca agenda buno nyine.
27 Ndamukiza 2014, 22:38, par mico
72 ngo ba murere bateye bari abahutu ngo bagira bice abatutsi .. abize bose babahutu nabanyeshure nabari muntwaro no mugisirikire bose baricwa abandi barahunga .. 88 .. ngo parpehutu yigishije abahutu gutsemba abatutsi .. ubwo nyene buyoya aca arungika indege yintambara yica abantu barenga ibihumbi 6 mwikomine zibiri gusa bose bari abahutu... 93 .. ngo Ndadaye yavuze ngo isegenya izohitana abatutsi bose ubwo nyene baca baramwica intambara hagati yabahutu nabatutsi iba iratanguye abatutsi isinzi nabahutu batabarika baricwa nubu umwijima mugihugu nturahera kubudyo hariho abakiri mugahinga nabandi ubwoba vyanse ko bubaheramwo .. nubundi murabe neza .. izonzandiko zicanacanako hamwe nidyorementanya ngo imbopnerakure zahawe inkoho ngo nzamaze ndetse kwivanga n’interahamwe nkuko vyavuzwe na KARORI Nditije hari ico rigamije turavye akahisi igikwiye nukwo twese hamwe twofatana munda hanyuma izonyankaburundi zirota intambara tukazishengeza zaza naho tukazigwaniriza hamwe.
25 Ndamukiza 2015, 21:42, par visenti
umwami farao ntakoata gize ?hahaaaa.bigiyegushika?