IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe amwe amwe, imigambwe imwe imwe yifatiwe mu gahanga na Juma (...)

Amashirahamwe amwe amwe, imigambwe imwe imwe yifatiwe mu gahanga na Juma Saidi

samedi 17 Nzero 2015

Mu myiyerekano yo gushigikira igisirikare c’Uburundi, mu gisagara ca Bujumbura ivyo birori vyari vyitabwe n’abanyacubahiro batandukanye barimwo n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Mw’ijambo ryashikirijwe na Juma Saidi umukuru w’igisagara ca Bujumbura, umwanya umwe akaba yavuga ko ico gitero abakigize bataramenyekana, uwundi mwanya akiyamiriza abari mu migambwe imwe imwe hamwe n’amashirahamwe amwe amwe avuga ko ataho yegamiye mu vya poritike, ariko bibonekako ashaka gushikira ubutegetsi ku nguvu, ndetse akavuga ko ari inyuma y’abateye Uburundi.

Muri iryo jambo rya Juma Saidi, abakunda kuvuga ibitagenda neza muri iyi ntwaro ya CNDD FDD, bakaba basa n’aho aribo yagumye yifatira mu gahanga. Muri ivyo birori kandi vyari birwiriyemwo abatwara amakinga, amapikipiki hamwe n’urwaruka bikaba vyamaze umwanya muto cane, baca baja mu bikorwa rusangi.

Amakomine yose y’igisagara ca Bujumbura yari yahuriye ku cibutso c’ukwikukira kw’Abarundi indirimbo z’ihayagiza umukuru w’igihugu akaba arizo zavyinywe gose, ico cibutso naco kikaba cari gicunzwe bimwe bikomeye n’abasirikare barimwo abaporisi.


Aristide Nizigire

Messages

  • - Iyo ninkina mico ya Peter nakarwi kiwe

    - Abo bateye mu Cibitoke n’Imbonerakure zahora Congo zikorana n’interahamwe naba FDLR bakoze GENOCIDE mu Rwanda
    - Peter nareke guhenda abarundi ubu tiri muri 21e siecle ntitugihendwa niyo Populisme yiwe
    - Ahubwo niyitegure asubize ubutegetsi kuko vyaramunaniye ivya démocratie naje mukaruhuko kuko IL EST TROP FATIGUE

    - Kubona abarundi nabanyamahanga birirwa bicwa bunyamashwa nabo bikorana ba Adolphe na Bunyoni hanyuma akubahuka ngo ariko yiyamiriza abicanyi,, ahubwo nimba agomba kwiyamiriza abicanyi nafate Bunyoni na Adolphe NSHIMIRIMANA kuko nibo bari kwisonga rya bicanyi Nizindi nkozi zibibi mu Burundi areke kuduhenda ngo ntazi abateye!!!

    - Ariko ico yomenya nuko amatora aba , ataba , nta Peter asubira gutwara uburundi 2015 , ivyo yakoze vyiza canke bibi arinavyo vyinshi ntasubira gutwara ashigikiye abasuma na bicanyi nayandi manyembwa atako angana.

  • Ivyuburundi nurudubi,kobavugango biyamamaje kubwivyabaye mu cibitoke,batavugababikoze,nuguhumamamaso abarundi ariko vyose bizomenyekana

  • ivy’uburundi biratwenza pe,biyamirije bande?BURAKEYE UKURI KUZOJA AHABONA,Umugani wawamuririmvye bati "BAZOJUGUJUGUMIRA"bitebebitebuke bizomenyekana abateye abaribo.
    Kw’isanganiro uwahoze mugipolisi hama akorerera SNR yishikanye le06/01/2015 afise 2 fusils et motolola ngo simvuga nakimwe ntabonye aba chefs(Adolphe

  • Ivyuburundi nakumiro pe!bariko baragira za mitingi ngo bariko biyamirizaabateye uburundi!ni bande bateye?we wokwiyamiriza abo utazi!nibareke guhuma amaso abarundi namakungu kuko birazwi ko zari imbonerakure zari zivuye muri congo,nicogituma badashakakuvuga abateye uburundi abaribo.nubwambere haba ibintu nkivyo kuva uburundi bwabaho!iyo politique irashaje cane bakoresha.nagire agende abarundi turabe ko tworuhuka,bitebe bitebuke ivyo peter ariko arakora nakarwi gato barikumwe bizotinda bije ahabona,hasigaye umwanya muto ijoro rigaca.

  • ABAHINGA BAZI GUHARURA BAMFASHE DUHARURE ABOBANTU BAJE GUSHIGIKIRA ABATSINZE URUGAMBA.VYUKURI MUGISAGARA KIZIMA CA BUJUMBURA HAJE ABO?
    ABA TAXI VELO BANGAHE?ABASODA N’ABAPOLISI BAJEJWE UMUTEKANO W’UMUKURU W’IGIHUGU BANGAHE?ABAJEJWE PROTOCOLE BANGAHE?HAMA ABANYAGIHUGU BASANZWE BANGAHE?SHA CNDD-FDD IRATAHA NUKURI.BASHATSE KWEREKANA INGUVU BASIGARANYE MAIS BIMARAMAJE NUKURI?BARYA BARUTWA NABAMWE BAJA GUSHIGIKIRA MBONIMPA KURI PARQUET.

  • Nezacane Imana ibahezagire kubona mufazhumwanya wokwiyamiriza abateye cibitoke kandimukongera mugakeza igisirikare cahagaze magabo kugira abarundi batabangamirwa nabobasi bu Burundi mbere ikivyemezako abasirikare arabogukezwa baremeye urusasu rwariruraswe ngorwice umunyagihugu bararwitega kugira jewe munyagihugu nkire uwutobashima yobatazi gushima! nonegayemwe uwomuntu yoterwakamo ngwajemwibarabara gukeza uwomusirikare akanka yobamezegute? Canke ikibaza mwomuha cobikihe? Abasirikare bu Burundi barateyiteka uburundi vyukuri! Raba hagize abatera u Burundi bakorikikomeye, bangiyegufasha ahovyagoranye kurwegompuzamakungu bakoribikomeye!

  • Uwufatamapfoto umukuruwigihugu afatameshi kugira niyabonamwo iyoyapfotoye igahurirana nuko yarikubisingohe akabonekana nkuwusinziriye ayireke kuyikoresha acareba iyibonekaneza abariyo akoresha ariko ngaha ndaziko batihenze bahisemwo iyobafotoye bihurirana nuko akubisingohe icibonekaneko yarihumirije niyobaciye bashirako kandimuvyukuri ndaziko mwicokibanza yaririmwo bahafatiye amafotomeshi. Ntivyoroshe gose ariko kubamutamutoye mucemwongera muvyerekane muvyomukora komumwanka?.

  • nukuri ahubwo nukuja kumavi tugasengera uburundi kuko ndabona butera buja mukure ubu isoko bararyivuganye abantu bamariye mumunyororo none ubunaho batanguye kwica abantu bavuga ngo hari abateye uburundi kandi ari ugwaruka rwabo none bene kwica abantu nibo batanguye kuja mwibarabara basha ndumiwe pe nkurunzinza wacu nagatangaza niba atari kuraga

  • ABANTU BARI BAKWIYE KUREKA KWIGIRA ABACAMANZA?MU BURUNDI NTABUSIMBIRAHAMWE BUGIKENEWE.HARI LETA YATOWE NABANYAGIHUGU KANDI YEMEWE NAMAKUNGU.

  • aba cndd-fdd mubatahure kandi gutwara ningabirano

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.