IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Amashirahamwe ane yatakaje uburenganzira bwo kwinjiza igitoro mu (...)

Amashirahamwe ane yatakaje uburenganzira bwo kwinjiza igitoro mu Burundi

lundi 9 Rusama 2016, par egide

Reta yagiriza bamwe mu badandaza igitoro mu Burundi ko bakinyegeza ku nyungu zabo, bamwe muribo bakaba batswe uburenganzira bw’ugusubira kwinjiza igitoro mu Burundi.

Indwi zibiri zirenga ziraheze mu gisagara ca Bujumbura ata gitoro kiboneka, aho kibonetse naho hakaba hari imirirongo miremire, ibizana imyidogo ku baguzi babura ico gitoro kandi muri Reta bavuga ko gihari ku bwinshi.

Umushikiranganji ajejwe ubutare n’agataka, hamwe n’uwujejwe igisata gikurikirana ivy’igitoro muri ubwo bushikiranganji bamenyesheje ko igitoro gihari mu bubiko, kandi gikwiye ku bwinshi, ahubwo abo bategetsi bagasigura ko iryo kena ry’igitoro ryoba riva ku mashirahamwe amwe arangura ico gitoro ariko yikika mu kiza ku nyungu zayo, akimana ico gitoro.

Ibiro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu vyaciye bifata ingingo y’uguhagarika amwe mu mashirahamwe yahora yinjiza igitoro mu Burundi kivuye hanze. Ayo mashirahamwe yahagaritswe ni IMATCO, Burundi Petrolium, Melez Petrolium, hamwe na Jet Fuels GF.

Mw’itangazo ryasohowe, ayo mashirahamwe yagirijwe gushaka gusubiza inyuma ubutunzi bw’igihugu.
N’abandi bose bafise amasitasiyo y’ibitoro bakorera ku butaka bw’Uburundi basabwe gutera umukono ku masezerano mashasha y’amategeko y’akazi agiye kubagenga.

Gushika igihe c’isaha cumi n’imwe z’umugoroba wo kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2016, abafise amasitasiyo bose bakaba bategerezwa kuba bahejeje gutera umukono kuri ayo masezerano, atari uko naho, bene ayo masitasiyo batakaze uruhusha rw’ugukorera ku butaka bw’Uburundi.


IGIHE

Messages

  • umushikiranganji namushimiye 100% kubera ingingo yafashe twaciye turonka igitoro nayo abobadandaza banyegeza igitoro nukuraba ivyihishije,amase yakera ntahoma urutaro

  • Ahubwo mubihano bindi uburundi bwaribukwiye gufatirwa no kubwima igitoro vyagomba kujamwo kuko nubundi kiraza twebwe banyarucari ntitukironke ahubwo kigahabwa abicanyi bomwiperereza igiporisi imbonerakure bankurunziza Ngo bashobore kuyerera igihugu Baja kwica abantu

  • EMW NDABASHIMIY ABANTU BAFASHE IYONGINGO ABOBADANDAZA BAGOMBA KUVYONGERA RETA NTAKINDI!

  • Reta yacu komera natwembwe ama camera yacu yarimazimisi abanurika yarabitwereka, komeza mubacemwo muze muraturebera mwenabobantu baza kurya abarundi gusa, abontahobataniye nabamwe twaza duhehemba bagakomeza kwitwa abakozibarera bongera bakorana naca kinwenyi Louis Michel na Doctor maganya wongaho hakurya ya Kanyaru, maze udutagisi dutanze kugira bahembwe akabaritwo baguramwo unit yoguhamagara hiryanohino kw’Isi basemerera bavugango nyabuna nimufatire ibihano u Burundi nabarundi vubanabwangu!!!

  • ivyo nivyizacane kuko abobimana igitoro kandigihari bashaka gucafuza reta, ahumbwo nibabafatire ibihana vyaruhasha...

  • ndumunye nimba iyo nkuru ariyo vyukuri ko ayo mashirahamwe yagomvye kwimana nahabwe ibihano yagomvye gutubikisha uwavubi abarundi benshi haha reta nayo ihagabire

  • Abarundi ntakigenda pe !!! maze aya ma companies bahagalikiye , ibitoro vyabo babyijanire igwanda bakorereyo !!! turebe nkurumbi ico akora !!!

  • muntu wiyise tari,ntamuntu urimwo twarumvise ko urinkotanyi tekereza ,kuko usigaranye ako gapipi kawe gusa ubabajwe nuko bahagaritse abo banse gutanga igitoro?natwe abarundi twabishimye! ikivyimba cimene!

  • Mudahagaritse Kuvisha Amaraso Yabomutavuga Rumwe Numunyu Mugiyekuwubura kura Ipfanengaho Komabanyoko

  • ABONTAHO BATANIYE NABAMUNYENBARI DUSAVYERETA MWENABO NTIBONGE KURAGWA MURUGWO RUCUZWA KANDI MUBASUZUME BOBA BAKORANA NINKOZI ZIKIBI AYOMACHIRAHAMWE FUTA

  • GARUKIRA IGIHUGU MUTAMA ABO NABO BASHAKA KURWANYA RETA FATA INGINGO UGARUKIRE IGIHUGU TURI INYUMA YAWE UBANDANIRIZAHO NABO BIKUBITE AKAGOHE

  • komera reta yacu turagushigikiye muce musubirza abemera amategeko mukorane na barusiya na bashinwa tugume twiterera imbere canke twimbe rwacu gitoro kiriho muce muha abandi barwiza tunga bakore twese twifuza gutera imbere abo bafise amanyama kubera basahuye kuva kera nibaruke hakore abandi

  • ubwo bugabo bwose nibabwirukane buhamvy abandi izombwa zitagirinirizo iyo misega

  • Uwu muntu yitwa tari azohebe kubesha ryari? Wewe sha tari, ba nyarucari wabonye bagura igitoro ryari? Urakenyeye uze uravuga n’ivyo dayimoni zitovuga ng’ushaka gusenya igihugu c’Uburundi? Uzogend’ubusigayo si we waburemye!

  • None ko banka ko binjiza igitoro abiyunguruza bazosukamwo amazi mumodoka bishoboke ko zigenda??Ntaho vyoroshe nugusenga cane.

  • Wowe eiyita Yes; i gwanda ni he wa muginga we

  • Donald Trump agiye gutsinda amatora izi nterahamwe zirirwa ziyandikisha ibirundi bidasobanutse tujye kuzirukana zisubire mumashyamba ya Congo plz enjoy the internet for this short time kuko ntayo muzongera kubona

  • Nibabafatire ibihano kuko ibitoro bagomba babitegurrmw iyind migumuko.bamenye ko inzego zatowe zose zikwiye kand zizofatira ingingo uwowese agomba kugumura yitwaje kwimana ibitoro canke ibind.ndakeje umushikiranganj wubutare nagataka kunging yafashe

  • Nne Bihari Nibabitange Hr Blem

  • Abafashe iyi ngingo barazubwenge none uzanye ugitiro mugihugu ntugitange wumva woba ushakiki?? Sukuzimba abanyagihugu?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.