Accueil > Ubutunzi > Amashirahamwe 1500 yanse kwitaba akamo yatewe n’umukuru w’igihugu
Amashirahamwe 1500 yanse kwitaba akamo yatewe n’umukuru w’igihugu
mardi 3 Ntwarante 2015, par
Amashirahamwe yishinze kurwanya ubuzima buzimvye ararahira akarengwa ko atagiye kwitaba akamo yatewe n’umukuru w’igihugu ko kudahagarika imirimo nk’uko bari bagabishije, ahubwo agahamagarira abanyagihugu bose kwitabira akamo batewe n’inani z’amasendika, kuri uno wa kane igenekerezo rya 5 Ntwarante, ko guhagarika imirimo.
Amashirahamwe yishinze kurwanya ubuzima buzimvye ahamagarira abanyagihugu bose kwitabira akamo batewe n’inani z’amasendika y’abakozi, ko guhagarika imirimo guhera ku munsi wa kane nk’uko biri mw’itangazo ryateweko igikumu n’amashirahamwe arenga 1500.
Ku cerekeye akamo baraye batewe n’umukuru w’igihugu abicishije ku muvugizi wiwe Léonidas Hatungimana ko bobangira kuko Reta iriko iriga ivyo bibazo, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME rimwe mu mashirahamwe ari muri urwo rugamba, Gabriel Rufyiri avuga ko muvyo baganiriye n’umushikiranganji w’ubudandaji n’ikigega ca Reta kuri uno wa mbere, bigaragara ko Reta ata gushaka ifise kwo kworosha ibintu, aho kubaha inyishu zibanyura ahubwo mu nyishu babahaye ari uko igitoro cabuze, ko naho amafaranga y’agaciro yoboneka igitoro kitoshobora kuboneka imbere y’amezi abiri.
Bimwe mu bizotuma ayo mashirahamwe ahagarika imirimo, akaba yibutsa ko bipfuza ko rya tagisi ry’amafaranga 42 ku munota yiyongereyeko ku bijanye no gutumatumanako ryofutwa kuko batazi iyo ayo mafaranga aja, ivyo tagisi rikaba ryateye ingorane nyinshi abanyagihugu bakoresha agaterefone. Ku cerekeye igitoro naco, Reta kw’iritiro yakurako amajana atanu ariko ubu ikaba ikurako amajana indwi yose. Gabriel Rufyiri avuga ko ata kindi Reta ikora atari kwifuza kununuza umunyagihugu asanzwe akenye.
Tubamenyeshe ko igitigiri c’amashirahamwe y’abakozi ari muri urwo rugamba rwishinze kurwanya ubuzima buzimvye ciyongeye kuko cavuye ku mashirahamwe amajana ane na miringo icenda kija ku mashirahamwe arenga igihumbi 1500, ayo nayo akaba ari amashirahamwe y’urwaruka, abakenyezi, amashirahamwe yo mu gisata c’amagara y’abantu, abunguruza abantu, abo bose bakaba bamenyesha ko kuri uwu wa kane bazohagarika imirimo (Gréve Générale).
Floxella Karire
Messages
3 Ntwarante 2015, 11:09, par GITSINAGABO TOM
TUBIKA UWA VUBI BARABABWIRA NTIMWUMVA
4 Ntwarante 2015, 04:47, par Ndabizi
Tembagaza iyo ntwaro y’amasiha. Murabona ! Muzohagarike, yomotse nka Compaoré !!!
4 Ntwarante 2015, 04:50, par Ndabizi
Muraraba neza imbibe z’igihugu, ntibahave babaca mu ryahumye. Ako kazu ka Nkurunziza, mukarabire hafi.
Aba polisi bose, mubasabe kwifadikanya n’abandi banyagihugu muri iyo myiyerekano.