Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amashirahamwe arenga 500 y’abakenyezi aragabisha ku kiringo ca gatatu ca (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Amashirahamwe arenga 500 y’abakenyezi aragabisha ku kiringo ca gatatu ca (...)

Amashirahamwe arenga 500 y’abakenyezi aragabisha ku kiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza

vendredi 27 Ruhuhuma 2015

Amashirahamwe arenga 500 y’abakenyezi b’abarundikazi, niyo agabisha umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ko niyahirahira akamenyesha ko azitoza ubugira gatatu, azoca aja mw’ibarabara akamwiyamiriza.

Bernardine Sindakira

Mu kiganiro inani z’ayo mashirhamwe yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa 27 uwu mwaka, asaba ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yova mu gacerere, akavuga aho ahagaze ku bijanye n’ibiringo amaze kurongora, n’ico avuga ku bijanye n’ikindi kiringo. Bernardine Sindakira umwe mu bavuze ku bw’ ayo mashirahamwe y’abakenyezi, akaba asaba Petero Nkuruziza umukuru w’igihugu ko yokurikiza amategeko, ntiyitoze ubugira gatatu. Ku bwiwe namba amategeko amwemerera ibiringo bitatu aho ntangorane bizobatera bazomureka yitoze nk’abandi, ariko amategeko akaba atakindi kiringo amwemerera avuga ko bazomwiyamiriza co kimwe n’abandi bamaze kubishikiriza.

Eka na Therese Ndoricimpa arongoye ishirahamwe DUSHIREHAMWE, akaba avuga ko ikiringo ca kabiri ca Petero Nkurunziza kirangirana n’ukwezi kw’umunani uyu mwaka w’2015. Uwo mukenyezi akavuga ko hamwe yovuga ko azitoza, atankeka bazifatanya n’ayandi mashirahamwe mu kwiyamiriza ico kiringo. Uwo mukenyezi akavuga ibiringo vy’umukuru w’igihugu bitomoye neza, ari bibiri. Avuga ko amakuba yose yagiye arashikira Uburundi yavuye ku ngorane z’irengwa ry’amategeko, kandi ko abakenyezi aribo bagiye baraharwa, mu guhura n’ingorane zitandukanye.

Tukabamenyesha ko izo nani z’amashirahamwe y’abakenyezi zije zikurikira ayandi mashirahamwe arenga amajana ane, amaze iminsi agabisha ko umunsi nyene umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza azovuga ko azitoza ubugira gatatu, ariwo musi, bazoca bihereza amabarabara mu mahoro n’umutekano, bamwiyamiriza.


Aristide Nizigire

Messages

  • NTA MWEBWE KUKO MUHENDWA N IMIGAMBWE NTA BUTWARI NK ABANYARWANDAKAZI !!!NGO NTIMWARI GUKORERA MURI MUKA PETER NAMWE MUKAJA IMBERE 30% TURI 53% DE LA POPULATION???ABARUNDIKAZI NI FAIBLES ..MWISUNUNURE NKUBU MUKORA IKI NGO MURONKE AU MOINS 50% MURI IZI ECHEANCES !!???NTA KINTU MUVUGA UBWA NYUMA TOUJOURS COMME REMPLIR FORMALITE NTA BUTWARI ABANYARWANDAKAZI BABAHA KU BASHI HOCI NTIMUBESHE

  • none ga petero mukuja kubutegetsi ko abakenyezi bafata iyambere mukugushigikira ubuho bite?kirazira politique nivy IMANAntibigendana Iriko Irakwereka ko ivyukora komutabamurikumwe Imana ntiyica Irakiza bikwigishe.

  • Ngo amashirahamwe 500 y’abakenyezi? Ubwo uwotohoza yosanga ico gitigiri gishika? Canke nimba gishika ayo mshirahamwe ahaguruka mu gihe co kugumuka gusa mu bindi bihe ko atavugwa canke ngo tuyabone ku rubuga rw’ibikorwa? Nimba angana uko, ko atigera aboneka mu bikorwa ngo afashe abakenyezi nkabo bamiza agataro ku mutwe aho mu gisagara? Abarundi muracahendwa mukiriko, uwiteguriye imigumuko nabandanye jewe ntawe nzoja inyuma. Ndafise ibiharage n,ibigori nzoba ndiko ndabagarira, uwuzonsangaho aje kumbuza ngo ninje mu migumuko nawe ntanzonjana ntamutemye. Ã ho mwabuze ikindi mwokora atari ukwirigwa muteranya beneburundi? Prezida niyatangaza ko azitozaza, murabanza mwitware muri sentate ibiraba imbere yo kuja mu migumuko. None mushaka ko amategeko yubahirizwa n’abandi namwe mudashaka kuyubahiriza? Ni nkababandi ngo amashirahamwe 5,000 ya sosiyet civile! Nimba angana uko canke arenga atumatiye iki twebwe abenehihugu? Ko ata nishure ndumva ryubatswe na sosiyte civile? Aho kwigisha abantu gukora mubiyisha kugumuka, none bavuye mu myiyerekano bazoca baja kurya he batarondeye?

  • muracaharwa mwabatutsikazi

  • Mumakungu. Turabashigikiye bakenyezi burya. Ntitwaribwamenyeko. Abakenyezi. Buburundi musigaye. Mubonibintu. Chokimwe. Nababibona. Mugizeneza. Kwerekankurunziza. Ahomuhagaze. Iterabwobanaryo arikwaragirango abantu ntibaze. Bitabirire iyomwiyerekano. Arahirahiragusa. Arivuge. Kurasanaho. Bitwaza. Bararasa. Nimbabiyumvirako. A dd aribobazikurasabonyene ahoho nahandi harigihe asanga ariwarashwe ubwambere. Baribaziko aribobazikurasa. Ivyaka. Twamaze mwishamba bibanzako bariyo bonyene. Harinigihe azosanga nomuboyizigiye. Dushoborakuzoba turikumwe mukumwiyamiriza. Imwaka 10 yamaziki yakoziki iyindimwaka akeneyiyiki najehariya mukomere mwabakenyezi turabashigikiye kandimushirubwoba igihuguchose uzokumvaagahinda mukumwiyamiriza.

  • Pie Ndiho,Mukobwajana,Jean,mwese muri ibitazi.Jean niba uzi neza ko mu Burundi hari amategeko kandi ukaba unazi ko hari amasentare,none nikuki Petero Nkurunziza wewe ari n’umukuru w’igihugu adakurikiza amategeko kandi ari nawe yategerezwa kuyubahiriza? amasentare uvuga amaze iki ko nayo yafunze iminwa aroreye kuzovuga aruko abantu bagiye mw’ibarabara? nimba amategeko ahonyanzwe n’umukuru w’igihugu na sentare none ugomba kwarinde ayubahiriza.Ndakwinginze unyishure.
    Pie Ndiho, ngirango wewe ntanubwo ufise ibiranga umuntu muzima;mbe wamugesera we nyoko akuvyara uramuzi? niba ukiri muvyamoko,ubwoko bwawe wewe n’ubuhe? urazi abahutukazi bapfuye uko bangana,abatutikazi bapfuye uko bangana? abo bose n’abavyeyi,reka ubujuju bwawe.
    Mukobwajana,iyaba wonaronse uwugukwa ibikere Bibili wobaye ugize ishaba,iyayatire ubandanye kudahwa no gucira inkonda.

  • ntimuzicomuvuga mwabapfasoni,oposition, amashirahamwe,namaradiyo yayo nareke kubakoresha,naho murabafasha babamwebamwe murabo murahavuye mupangire programme cndd fdd?

  • abatutsi mwskenyeyepe mwarambiwe gutwagwa nabahutu nabado nimutekereze hanyumavmutuvire kuripetero wacu turamushigikiye kandituzomutora mbegayomashirahamweyubwokobumwe akorerahe sbonetse kugiramugumuke muzojemwibarabaramwenyene nimiryangoyanyu gusanukomuriko muhendabobahutukazi nabahutu muberekibitarivyo neneho havurwako pas yamaze guhunganumugore nabana nikuberiki yasrkubagumizahano kugira bamufashe urugamba komerankurunziza waduhaye kwigakubuntu ashuremeshi amavuriro amapave mubisagaravyonse

  • petero nakomere kubutegetsi arabukwiye muxogumamuvuga mitahire kuvuga tuzomutora ijanakwijanaubuntamusodakenye ahubwomushaka guhaharika mission zagisoda tuzobaburizamwo ntituzobemetera ayomashirahamweyanyu yogusamburigihugu nokudakurikizamategekoyigihugu murabacangero banazungu nukuri ntantabwe mizotera burakeye bamwemezeturabicomukora nimurabe mukamengeukuntuhasa mugombakuhadambura ntituzobemerera abanyakamenge yadukuyekure mumvyumve ryabike muryamekare

  • Abakenyezi ndabaremesheje ntimugire ubwoba ngohariho intambara izoterwa canke izotabguzwa niyi reta ya Nkurunziza ndababwiko iyohataba iyi reta ya Nkurunziza kuvamunyuma yamatora yomiri 2010 mumamugezekure noguhekurwa birimwo birantangazacane kubona mubonako mushigikiwe na reta yanyu yamayitwararika kugiramubehoneza ariko mugahitamwo kwumbira ibipangwa nabangushibaraho mwamarakuvyumva mukabizana mubifobetse muvugango umukuruwigihugu ngonave mugacerere! Mwebwe mukiyibagizako umukuruwigihugu ntashobora kuvigango intambara nitangure kukoyaramaze gusezeranira abarundi namakunguko atantambara izosubirakuba muburundi kandimwibukeko yavuzeko nuwuzokwihenda ngwayitanguze izotangurira murugorwiwe ariko ntazotera umutaru, ngirabgo akarorero kahafi naka Cibitoke, mwebwe ikibice nutunama twomukinyegero muzamurumviriza tubaturimwo imipangomibi yokuzikorera abarundi mwamarakutwumva mukavayo mwabongotse muvugango mukuruwigihugu vugaduhabwe! Jewenobagirinama Ko nimwagenda mutwotunama twimipango yokudurumbanya abenegihugu murazoheza muzemunibwire nyenicubahiro mazemuzorebe icoyikorera! Bitabayivyo murabona kwanarundi bishirabakijana nukuvuga ntakintu uwivugiyewese umukuruwigihugu yocazarahaguruka ngwavugengo’ kazibebe.

  • ariko abahutu n abatutsi mupfa iki nge mbona iyo imvura iguye itwara burya mugatunguru imvura y isegenya yahitanye abatutsi abahutu irareka mbe yahitanye abahutu ireka abatutsi birateye isoni igihugu nku uburundi gikenye kwisi gitunzwe n inama z amakungu kuba mugipfa amazuru murateye isoni cyana aho gushyira hamwe ngo murabe icyateza igihugu imbere ahubwo mushyira amazuru imbere na akandi kazi kunywa gusa ubundi mukareba amazuru murabe mw ibi bihugu duturanye uburundi burihe koko mundyane z amoko mbe ko mbona iyo haje ibyago bishikira mwese mwumva aho kubaka ari ukwirwa mugabishanya iby amazuru n ubutegetsi nta kandi kazi mbega mwese ko mwigize abanyepolitike mubona leta mwese yabahemba aho gukora ngo mwishakemo kazoza ni kabare ku biyeri muganira amoko no kutumvikana mbahanurire urupfu ruri kwigenza mu bantu nirumara kubakuramo ibihumbi muzicara mushire hamwe mukundane ayo mazuru y ubwoko ngo abahutu abatutsi mwebwe nyine muzabishira kuruhande mukundane mwubake igihugu mbe ntimuhaga induru utaranigwa agaramye agira ngo ijuru riri hafi

  • eheeee!akokagwi kabagore nanagabo biyitamashirahamwe nikakagwi katigerakemeri twaro badasangiyubeoko biragaragara nomumashirahamwe yabo ucubibona nibogusa nkurunzizawacu nakomere akokagwi yaje batamwemera gushikuyumusi ntibitangaje babuxahobamuca nkandandaye !! nukurabaneza ivyarimagera vyarageruwemurabaze muri ceni dosie ziwe ziriyo musanzari 2nahagarikearimwe arabandanya gusa murikomutumwanya yomuwukoresha mukwigisha mukamukuramwo murukino komufisababemera beshi ahasigaye turababona ntimuzodukoramujisho kabiri komera nkuru wacu wadukuye kure ribiya bavuze bikuyumwasi nuyumusi baricuza ntirahera kadafi yarapfuye bakadafi ntibapfuye mubikorereko murukwegwe muzkwibonerako turazikoharibeshi bamaze kabiri batihayinkumbi atamahoro bagira pas nabobarikumwe murukwege rubagarukeko

  • Mukobwajana, nashaka utubwire ico abo ba banyarwandakazi b’ubutwari uriko uraduhayira bamariye abanyarwanda. Sinibanza ko gufata abantu b’ingwizamurongo baja gukoma amashi gusa baba abagabo canke abagore arivyo bikenewe. Hari ikintu Kagame ashobora kubategeka mukagihakana naho coba kidahuye n’amategeko canke naho coba ari ikiza kugirira nabi abanyarwanda? Ko mufise ubutwari mugenzi wanyu w’umunyarwandakazi Victoire Ingabire akaba amaze imyaka n’iyindi apfungiwe ubusa muzi neza ko arenganywa mwakoze iki ngo apfungurwa canke hari n’ico mwavuze? Ivyo biharuro vyovyo ntaco mwabikozeko ni Kagame wenyene yafashe ingingo yo gushira mu nama nshingamateka yanyu abagore bazoza baramukomera amashi gusa batamugora ku ngingo zose canke ku mategeko yose azoba ashaka gufata. Nzemera ko muri abanyarwanda b’intwari ni mwubahuka kubwira sobuja wanyu Kagame ko ibiringo vyiwe vyo gutwara yemerewe n’ibwirizwa nshinga vyarangiye, ko yobisa abandi bagatwara. Muvubahuke? Kandi mujejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro.

  • @ WWW. kuvugamoko sicokibi ikibi nukuyavuga ufise intumbero yokuyagiriranabi, none iyabazungu baje mugihugu cawe abanyagihugu bose babita kwarabazungu? ariko ntibabitakwarabazungu buntumbero yokubagiriranabi’ ariko baba babavuze ukobarikwo kandikubwineze, habayerero kugiriranabi kirumuntuwese yobarumuzungu nihohazahatangura kubahongo nimuve murivyo vyokuvuga abazungu. Arikorero nubwobirukwo ivyowavuze birumvikana kandisibibi ndavyeberanya nawe, Ariko ngaha Burundi hariho: Hutu, Tutsi, and Twa murayomashurweyose agize uburundi atatu habuzemwo umwe hagasigara babiri ryobaritsembabwoko ryabaye mu Burundi kukowoheza ugasigura iyo abobandi wabasize, uvuze ngobosebitwa abarundi nisawa ariko ivyobikora iyotwagiye kubamubindibihugu tukaronka ubwenegihugu nihoduheza tukavugako turabarundi ivyubwokotuvamwo ahontibiheza ngobikenerwe, ariko ikiranga kumuntu arimuburundi koko nukuvuga ayomoko yose atatu uhinduye nguvuge ngonubwoko bwabarundi cobarikindi kibazogikomewe mubugiye kuzoraga abuzukuru kukovyozotebabigatebuka bikazuruka mberenabi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.