Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amashirahamwe aronswa imfashanyo yasabwe kuzikoresha neza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe aronswa imfashanyo yasabwe kuzikoresha neza

Amashirahamwe aronswa imfashanyo yasabwe kuzikoresha neza

lundi 10 Ruhuhuma 2014

Perin Saint-Ange, umuyobozi arongoye akarere ko mu buseruko no mu bumanuko mw’ishirahamwe mpuzamakungu risanzwe rifasha mu gisata c’uburimyi n’ubworozi, FIDA yakiriwe n’icegera ca kabiri c’umkuru w’igihugu Gerevazi Rufyikiri.
Bimwe muvyari bizanye Perin Saint-Ange, kwari ukubonana n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu kuri uno wa mbere wa 10 Ruhuhuma 2014, hamwe n’kuganira ibijanye no gushira mu ngiro imigambi basanzwe bafashamwo uburundi. Kwari kandi ukurabira hamwe imigambi yaranguwe mu mwaka w’2013 hamwe n’integuro y’imigambi itegekanijwe mu mwaka w’2014, mu migenderanire isanzwe ihari hagati y’Uburundi n’ishirahamwe FIDA.

JPEG - 68.1 ko
Perin Saint-Ange, umuyobozi arongoye akarere ko mu buseruko no mu bumanuko mw’ishirahamwe FIDA

Gerevazi Rufyikiri akaba yamenyesheje ko intumbero y’urugendo mu Burundi rw’iyo ndongozi idasanzwe mu kerere k’ubuseruko n’ubumanuko mw’ishirahamwe FIDA, kwari ukugira yibonere vy’ukuri ukungene vyifashe ku bijanye n’imfashanyo itangwa mu Burundi mu gisata c’uburimyi n’ubworozi basanzwe bafashamwo, akamaro ifitiye abayironka bose, naho urugero rw’abayironka rukiri ku rushi.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko barabiye hamwe ibijanye n’imigambi yarangije ikiringo cayo mu Burundi, nka projet PARSE, PTRPC kugira aho yakorera ntihace hasigara ikinogo, bongere banashinge n’umugambi mushasha uri muyigiye gukurikiranwa n’indongozi nshasha mw’ishirahamwe FIDA.
Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu akaba yahamagariye amashirahamwe aronswa imfashanyo kuzikoresha neza, na cane cane mu gihe nyaco, yongera kandi asaba abasanzwe bafasha Uburundi kurushirizaho kubushigikira, kuko hakicibonekeza mu gihugu abantu benshi bagikeneye imfashanyo.

JPEG - 11.6 ko
Gerevasi Rufyikiri, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu (i bubamfu), ari kumwe na Perin Saint-Ange, umuyobozi arongoye akarere ko mu buseruko no mu bumanuko mw’ishirahamwe FIDA (i buryo)

Mwomenya ko ku bijanye n’ikoreshwa ry’imfashanyo itangwa, Uburundi buri mu bihugu vya mbere vyatowe mu birangura neza imigambi y’iterambere iba yashinzwe.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.